1 Umusi umwe, Samusoni amanuka i Timuna, abona umwigeme w’Umufilisitiya, aramwipfuza. 2 Agarutse i muhira, abwira se na nyina ati: "Nashimye umukobwa w’Umufilisitiya i Timuna, muramunsabira, nipfuza ko twubakana ambere umugore."
3 Se na nyina bamwishura bati: "Mbega nta mukobwa n’umwe wo mu miryango ya Isirayeli yoshobora kuba umugore wawe, aho urongora uwo mu ntakebwa z’Abafilisitiya?"
Ariko Samusoni abarira se ati: "Genda umunsabire, kuko ni we numva nashimye." 4 Se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye k’Uhoraho kugira ngo haboneke akaryo ko kugwanya Abafilisitiya bari baganje Abisirayeli ico gihe.
5 Samusoni n’abavyeyi biwe bariko baramanuka bashika ku ruzabibu rw’i Timuna, intambwe itera Samusoni itontoma. 6 Ako kanya Mpwemu w’Uhoraho amuzako n’ubushobozi bwinshi, aca ayitabaguza intoke nk’uko yotabagura umwagazi w’impene. Ariko ivyo ntiyigeze abibwira se na nyina. 7 Nuko Samusoni aramanuka i Timuna, avugana na wa mugore aca aramukunda cane.
8 Haheze igihe, ari mu nzira asubira i Timuna kugira ngo bagire ubugeni, akebereza gato hirya y’inzira kugira ngo arabe igikankara ca ya ntambwe, asanga cuzuyemwo inzuki nyinshi n’ubuki. 9 Aca abuhakuza amaboko agenda araburya. Ashikiriye abavyeyi biwe arabahako na bo bararya. Ariko ntiyigeze ababwira ko yabukuye mu magufa y’iyo ntambwe.
10 Mu gihe se wa Samusoni yari yagiye gutunganya ibisigaye ku bw’ubukwe, Samusoni yagize umusi mukuru i Timuna, nk’uko vyaba mu migenzo y’abasore. 11 Abavyeyi b’umugeni bamubonye, bamutoraniriza imisore mirongo itatu ngo ibe abagendanyi biwe.
12 Samusoni arababwira ati: "Reka ndabahe igisokozo. Nimwashobora kumpa inyishu mu misi indwi tuzomara turi mu misi mikuru, nzobaha imitamana mirongo itatu yera cane, hamwe n’imyambaro y’impuzu mirongo itatu. 13 Ariko namwe nimutagitora muzompa imitamana mirongo itatu yera cane, hamwe n’imyambaro y’impuzu mirongo itatu."
Na bo baramubwira bati: "Tubwire ico gisokozo."
14 Arababwira ati:
"Mu muryi havuyemwo ivyokurya,
mu munyenkomezi havuyemwo ibisosa."
Inyuma y’imisi itatu ntibari bwaronke inyishu.
15 Ku musi ugira kane, babwira umugore wa Samusoni bati: "Hendahenda umugabo wawe agusigurire igisokozo yaduhaye, ahandi ho turaguturirana n’inzu ya so. Mwaduhamagariye ngaha kugira ngo mudusahure utwacu?"
16 Maze umugore wa Samusoni amugwako arira, avuga ati: "Urambesha ntunkunda, ahubwo uranyanka. Ni kubera iki ab’iwacu wabahaye igisokozo hanyuma ntiwambarira inyishu?"
Na we aramwishura ati: "Na data na mama nta co nabasiguriye, wewe nari kukigusigurira kubera iki?" 17 Wa mugore aca yama arira igihe cose yaba ari kumwe na Samusoni muri iyo misi mikuru. Ariko ku musi ugira indwi, Samusoni abarira umugore wiwe inyishu, kuko yama ariko aramuririra i ruhande. Na we aca aja kubwira iyo nyishu ba basore.
18 Ku musi ugira indwi, imbere y’uko izuba rirenga, ba bantu baza aho Samusoni ari, bamubwira bati:
"Mbega ni igiki gisosa gusumvya ubuki?
Ni igiki gikomeye gusumvya intambwe?"
Samusoni arababwira ati:
"Iyo mutarimisha ishashi yanje
ntimwari kumenya igisokozo canje."
19 Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako mu nkomezi nyinshi. Aca aja mu gisagara ca Ashikeloni, ahica abagabo mirongo itatu, abambura ivyabo, impuzu zabo aziha bamwe basigura ca gisokozo. Ariko Samusoni ababazwa cane n’ivyabaye, hanyuma asubira i muhira, abana na se na nyina. 20 Umugore wa Samusoni aca arongorwa n’umwe mu bagendaniye Samusoni mu misi mikuru yiwe.