Publicidade

Juízes 7

Gidiyoni anesha Abamidiyani

1 Bukeye mu gatondo ka kare, Yerubayali ari we Gidiyoni hamwe n’abasoda biwe bose bashinga amahema kw’iriba ry’i Harodi. Ikambi y’Abamidiyani yari ruguru yabo mu kiyaya kiri hafi y’umusozi More. 2 Uhoraho abarira Gidiyoni ati: "Ufise abasoda benshi cane. Hamwe nobareka bose ngo baje kugwanya Abamidiyani, Abisirayeli bohava bishira hejuru, bakavuga ko inkomezi zabo ari zo zabahaye intsinzi. 3 None rero, barira abantu bose uti: ‘Uwumva afise ubwoba wese nave kuri uno musozi atahe iwe.’ " Abantu ibihumbi mirongo ibiri na bibiri baca basubira inyuma, hasigara ibihumbi cumi gusa.

4 Ariko Uhoraho abarira Gidiyoni ati: "N’ubu baracari benshi. Bamanukane ku mazi, ndaza kubisuzumira, ndakwereke abo mujana ku rugamba n’abo mutajana."

5 Nuko Gidiyoni amanukana ba bantu bose ku mazi. Uhoraho amubwirira kuri ayo mazi ati: "Uraraba utandukanye abantu mu mice ibiri. Abayora amazi bakayanywesha ururimi ku mashi nka kurya kw’imbwa, baje mu mugwi umwe, abapfukama bakayanywesha umunwa na bo baje mu wundi mugwi." 6 Abantu amajana atatu ni bo bayayoje iminwe, abandi na bo barapfukama mu kunywa.

7 Uhoraho abarira Gidiyoni ati: "Nzobarokora nongere ndabahe intsinzi ku Bamidiyani nkoresheje abo amajana atatu bayoje amazi iminwe. Abandi barungike basubire mu mihana iwabo." 8 Gidiyoni aca arungika Abisirayeli basubira iwabo, asigarana abo amajana atatu, ariko basigarana impamba n’inzamba vy’abo basubiye inyuma.

Ico gihe ikambi y’Abamidiyani yari mu kiyaya hepfo y’aho Gidiyoni yari ari. 9 Muri iryo joro, Uhoraho abarira Gidiyoni ati: "Haguruka ugende utere ikambi y’Abamidiyani, kuko nabarekuriye mu maboko yawe. 10 Ariko nimba wumva ufise ubwoba, hitana umukozi wawe Pura, muje kw’ikambi y’Abamidiyani. 11 Nimwumva ivyo bavuga, birabatera intege mubatere." Nuko Gidiyoni ahitana Pura, baramanuka baja ku mpande z’ikambi y’Abamidiyani. 12 Abamidiyani, Abamaleki, n’abandi bose bari bavuye mu buseruko, bakoranira mu kiyaya bangana n’igitero c’inzige, ingamiya zabo zangana n’umusenyi wo ku kiyaga, ata woziharura.

13 Gidiyoni ahashitse aca yumva umuntu ariko yiganira mugenziwe indoto yagize, avuga ati: "Naronse mbona irobe ry’umutsima ritembagarira mw’ikambi y’Abamidiyani, ryikubita kw’ihema, ihema riratemba, rigwa ryubamye, rica rirasambuka."

14 Wa mugenzi wiwe aca amwishura ati: "Ivyo si ibindi, ni inkota ya Gidiyoni mwene Yowashi, Umwisirayeli. Imana yarekuriye Abamidiyani hamwe n’ikambi yose mu maboko yiwe."

15 Gidiyoni yumvise iyo ndoto n’ukuntu bayisiguye, ahimbaza Imana. Aca asubira mw’ikambi y’Abisirayeli, asemerera avuga ati: "Haguruka tugende, kuko Uhoraho aduhaye intsinzi ku Bamidiyani." 16 Aca agabura abo bantu amajana atatu mu migwi itatu, umuntu wese amuha inzamba n’akabindi karimwo ikimuri.

17 Ababwira ati: "Muje kuguma muraba ivyo nkora vyose. Nitwashika ku mahema ya mbere, ivyo nja gukora namwe abe ari vyo mukora. 18 Jewe n’abo turi kumwe nitwavuza inzamba abakikuje ikambi mwese muce muvuza izanyu, musemerere muti: ‘Ku bw’Uhoraho no ku bwa Gidiyoni.’ "

19 Gidiyoni na bamwe ijana bari kumwe na we bashika ku nsago za mbere, umuteramyi wa mbere ari ho agiheza, bavyuye uwa kabiri. Baca bavuza inzamba, bamenagura na twa tubindi bari bafise mu minwe. 20 Ya migwi itatu yose ica ivuza inzamba, imenagura na twa tubindi. Bafata vya bimuri mu kubamfu, mu kuryo na ho bafata za nzamba, bose barasemerera bati: "Fata inkota ku bw’Uhoraho na Gidiyoni!" 21 Umuntu wese yagumye ahagaze aho yari ari bakikuje ikambi, Abamidiyani bose bahunga bakoma induru.

22 Bamwe amajana atatu bavugije inzamba, Uhoraho aca atuma abari muri iryo kambi bahindukiriranira, bamaranisha inkota zabo. Abacitse kw’icumu bahungira i Beti-Shita ahaherereye i Zerera, bashika ku rubibe rwa Abeli-Mehola hafi ya Tabati. 23 Gidiyoni aca atumako abo mu miryango ya Nafutali, Asheri, hamwe n’Abamanase bose, bakurikira Abamidiyani. 24 Gidiyoni atumako n’abo mu karere k’imisozi ya Efurayimu ababwira ati: "Nimumanuke tugwanye Abamidiyani. Mubatangirire kuri Yorodani ku majabukiro y’i Beti-Bara."

Nuko Abefurayimu babikora nk’uko babwiwe. 25 Bafata abarongozi babiri b’Abamidiyani, Orebu na Zeyebu. Bicira Orebu ku gitandara ca Orebu, Zeyebu na we bamwicira kw’ibuye rya Zeyebu. Bakurikira Abamidiyani, bazanira Gidiyoni n’imitwe ya Orebu na Zeyebu aho yari ari kuri Yorodani.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-