1 Umusi umwe Samusoni aja i Gaza, ahura na maraya, aca aja kurarana na we. 2 Abantu b’i Gaza baramenya ko Samusoni ari ho ari, baca barakorana barara bamurindiririye ijoro ryose ku muryango w’igisagara bibwira bati: "Ejo nibwaca, tuzomwica."
3 Ariko Samusoni wewe aryamayo gushika ijoro rigeze hagati gusa. Araheza aravyuka arandura umuryango w’ico gisagara, awurandurana n’ibihindizo hamwe n’ibizingiti vyawo. Avyiremeka ku rutugu, abidugana ku mutumba urabana na Heburoni.
4 Haheze imisi akunda umukobwa wo mu kiyaya ca Soreki, yitwa Delila. 5 Abatware b’Abafilisitiya baja kuraba Delila bamubwira bati: "Uzohendahende Samusoni akubwire aho akura inkomezi, akubwire n’ukuntu twomunesha kugira ngo tumubohe, tumumare amanyama. Umwe wese muri twebwe azoguha shekeli igihumbi n’ijana z’ifeza."
6 Nuko Delila abaza Samusoni ati: "Ndakwinginze umbarire aho ukura izo nkomezi hamwe n’ukuntu umuntu yokuboha akakumara amanyama."
7 Samusoni aramwishura ati: "Umuntu ambohesheje imigozi indwi ikiri mibisi, nca mba umunyantegenke nk’abandi bose."
8 Nuko abatware b’Abafilisitiya bamuzanira imigozi indwi ikiri mibisi, arayimubohesha. 9 Yari yanyegeje abagabo mu cumba co haruguru c’iyo nzu, aca arasemerera ati: "Samusoni! Abafilisitiya baraje kugufata." Samusoni aca avutagura ya migozi nk’uko inyuzi zicika zifashwe n’umuriro. Nuko inkomezi ziwe ntizamenyekana aho ziva.
10 Delila abwira Samusoni ati: "Ni kuki umpenda ukambwira ibinyoma? Mbwira neza rero ingene umuntu yokuboha akakugumya."
11 Aramubwira ati: "Umuntu ambohesheje ibiziriko bishasha bitarakoreshwa, noca mba umunyantegenke nk’abandi bose."
12 Nuko Delila aca afata ibiziriko bishasha arabimubohesha. Ba bantu bari binyegeje muri ca cumba nka kumwe kwa mbere. Delila aca arasemerera ati: "Samusoni! Ngaho Abafilisitiya baraje kugufata." Samusoni acagagura vya biziriko nk’uwucagagura inyuzi.
13 Delila aca abwira Samusoni ati: "Wahereye kera umpenda. Mbwira rero ingene umuntu yokuboha."
Samusoni aramubwira ati: "Ibitsibo indwi vy’umushatsi wanje ubifatanije n’igitambara c’impuzu, hanyuma ukabibohera ku giti noca mba umunyantegenke nk’abandi bose." Nuko Delila ahengera Samusoni asinziriye, afata vya bitsibo indwi vy’umushatsi wiwe abifatanisha igitambara c’impuzu. 14 Nuko arabijisha, abigumisha urumambo, aca asubira gusemerera ati: "Samusoni! Ngaho Abafilisitiya baraje kugufata!"
Aca arazanzamuka ava mw’itiro, ashingura rwa rumambo hamwe n’ikijishirwako impuzu.
15 Delila aravuga ati: "Uvuga gute ngo urankunda, udashobora kumbwira amabanga yawe? Ubu bubaye ubwa gatatu umpenda, utambwira aho ukura inkomezi zawe." 16 Maze akomeza kumuzigiriza uko bukeye uko bwije, gushika aho amubuza amahoro.
17 Ni ko kumubwira vyose ati: "Nta rwembe rurangera ku mutwe, kuko namye ndi Umunaziri w’Imana kuva nkivuka. Uwomwa uwu mushatsi, inkomezi zanje zose zoca zimvako, noca mba umunyantegenke nk’abandi bose."
18 Delila abonye ko amubwiye vyose, aca atuma intumwa kuri ba batware b’Abafilisitiya, ababwira ati: "Nimusubire mugaruke, kuko ubu yambwiye vyose." Ba batware baca baragaruka bazanye na za feza mu minwe. 19 Nuko Delila amusinziririza ku bibero vyiwe, aca ahamagara umuntu amumwa vya bitsibo indwi vy’umushatsi wiwe, gutyo aba amuhinduye umunyantegenke. Inkomezi zica ziramuvako.
20 Aca aramuhamagara ati: "Samusoni, ngaho Abafilisitiya baraje kugufata!"
Aca arakanguka ava mw’itiro, yibwira ko abakira nk’ubwa mbere. Ariko ntiyari azi ko Uhoraho yamuretse.
21 Abafilisitiya baca baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamubohesha umunyororo w’umwakaka, bamugira umusyi wo mw’ibohero. 22 Ariko umushatsi wiwe uca urasubira kumera inyuma yo kumumwa.
23 Umusi umwe abatware b’Abafilisitiya bakoranira hamwe ngo bashikanire ibimazi Dagoni imana yabo, bongere bagire umusi mukuru, kuko bagira bati: "Imana yacu yarekuriye Samusoni, umwansi wacu, mu maboko yacu."
24 Abantu bose bamubonye bashima imana yabo bavuga bati:
"Imana yacu ni yo yarekuriye umwansi wacu mu maboko yacu,
uwatikije imirima yacu, akica benshi muri twebwe."
25 Mu gihe abo bantu basa n’ababorewe, baca bavuga bati: "Nimukure Samusoni mw’ibohero abe aradutwenza." Nuko bahamagara Samusoni ava mw’ibohero ngo abe arabatwenza.
Nuko bamuhagarika hagati y’inkingi zibiri zari zifashe igisenge. 26 Samusoni abwira uwari amufashe ukuboko ati: "Nshira aho nshobora kwumva inkingi zibiri zifashe iyi ngoro, kugira ngo ndazegamire." 27 Iyo nzu yari yuzuyemwo abagabo n’abagore, kandi n’abatware b’Abafilisitiya bose bari aho. Mu bibanza vyo hejuru hariyo abantu ibihumbi bitatu bariko bararaba ivyo Samusoni agira. 28 Maze Samusoni asenga Uhoraho avuga ati: "Ewe Uhoraho, Nyeninganji, ndakwinginze unyibuke. Mana, ndakwinginze umpe inkomezi iri rimwe gusa, kugira ngo nihore Abafilisitiya ku maso yanje abiri." 29 Maze Samusoni aramvurira amaboko yiwe kuri za nkingi zibiri iyo nzu yari ihagazeko. Azisunikisha amaboko yose, 30 asenga ati: "Ndeka mpfane n’Abafilisitiya." Asunika za nkingi n’inguvu nyinshi, iyo nzu isenyukira kuri ba batware n’abandi bose bari muri yo. Aho hantu yahiciye abantu baruta kure abo yishe mu yindi misi yose yabayeho.
31 Hanyuma abo bavukana hamwe n’umuryango wiwe wose baca baramanuka gutora ikiziga ciwe. Bamutahana iwabo, bamuhamba hagati y’i Zora n’i Eshitayoli, aho se wiwe Manowa yahambwe. Samusoni yatwaye Abisirayeli imyaka mirongo ibiri.