Publicidade

Juízes 20

Abisirayeli bahana Ababenyamini

1 Abisirayeli bose uhereye i Dani ugashika i Berisheba no mu ntara ya Gileyadi baza bafise umutima umwe, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho. 2 Harimwo n’abarongozi b’imiryango ya Isirayeli. Abasoda bari ibihumbi amajana ane bitwaje inkota. 3 Abo mu muryango wa Benyamini baramenya ko Abisirayeli baduze i Misipa. Abisirayeli bavuga bati: "Tubwire ingene iryo bara ryaguye."

4 Wa Mulewi, ari we mugabo wa wa mugore yishwe, aca ababwira ati: "Twe n’umugore wanje twashitse i Gibeya muri bene Benyamini ngo turareho. 5 Mw’ijoro haza abagabo b’i Gibeya bakikuza inzu twarimwo, bagomba kunyica. Ni ko gufata umugore wanje bakamusambanya gushika apfe. 6 Naciye mfata umugore wanje, ndamucamwo ibice icumi na bibiri, ndabirungika mu ntara zose zahawe Isirayeli, kuko aba bantu bakoze icaha c’agahomerabunwa. 7 None yemwe Bisirayeli, nimuvyiyumvire maze mugire ico mukoze."

8 Bose bahagurukira rimwe bahuje umutima n’inama, bavuga bati: "Nta n’umwe muri twebwe asubira i muhira. Nta n’umwe! 9 Ahubwo Nguku uko tuja kugirira Gibeya: Reka tugire ubupfindo dutore abaja kuhatera. 10 Turatoranya ic’icumi c’abo mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo baje kuronderera ivyokurya ingabo. Abasoda bacu nibashika i Gibeya muri bene Benyamini, babakorere ibikwiranye n’ico caha giteye isoni bakoreye muri Isirayeli." 11 Nuko Abisirayeli bose bahuriza umutima n’inama hamwe ko baja gutera ico gisagara.

12 Imiryango ya Isirayeli irungika intumwa muri bene Benyamini bati: "Vyangenze gute ngo ivyaha vy’agahomerabunwa nk’ivyo bikorerwe muri mwebwe? 13 Nimuduhe izo nkozi z’ibibi z’i Gibeya kugira ngo tuzice, dukure ikibi muri Isirayeli."

Ariko bene Benyamini ntibumvira benewabo b’Abisirayeli. 14 Ahubwo bava mu bisagara vyabo, bakoranira i Gibeya ngo bagwanye Abisirayeli. 15 Bene Benyamini bakoranya abasoda ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu bagwanisha inkota bavuye mu bisagara vyabo, biyongera ku bandi amajana indwi batoranijwe mu baba i Gibeya. 16 Muri abo harimwo abasoda amajana indwi bari abanyebamfu, bashobora guteza ibuye umugozi, bagatumbereza umushatsi ntibawuhushe.

17 Ingabo zo mu Bisirayeli bandi, havuyemwo bene Benyamini, bari bafise abasoda ibihumbi amajana ane bagwanisha n’inkota, bamenyereye intambara.

18 Abisirayeli baca baduga i Beteli, babaza Imana bati: "Ni nde muri twebwe akwiye gutera bene Benyamini ubwa mbere?"

Uhoraho abishura ati: "Yuda nabe ari we agenda imbere."

19 Bukeye Abisirayeli baravyuka bashinga amahema hafi y’i Gibeya. 20 Abasoda ba Isirayeli baja kugwanya bene Benyamini, bashinga ibirindiro hafi y’i Gibeya. 21 Abasoda bo muri bene Benyamini bavuye i Gibeya bica Abisirayeli ibihumbi mirongo ibiri na bibiri uwo musi. 22 Ariko Abisirayeli barongera baterana intege, basubira ku birindiro vyabo, aho baheruka kugwanira. 23 Kuko Abisirayeli bari baduze i Beteli kuririra Uhoraho kugeza izuba rirenze, basaba Imana bavuga bati: "Dusubire tuduge gutera bene Benyamini benewacu?"

Uhorago abishura ati: "Nimugende mubatere."

24 Abisirayeli barasubira begereza bene Benyamini umusi ugira kabiri. 25 Uwo musi na ho nyene bene Benyamini basohoka kubatangira, babicamwo abandi ibihumbi cumi n’umunani bazi kugwanisha inkota.

26 Maze Abisirayeli bose baca bongera kuduga i Beteli bicarayo, baririra imbere y’Uhoraho umusi wose, barisonzesha gushika rirenze, bashikanira Uhoraho ibimazi bituriwe hamwe n’amashikanwa y’ishimwe. 27 Abisirayeli barondera mu nyonga z’Uhoraho. Muri ico gihe Isandugu y’Isezerano y’Imana yari ikiri aho, 28 na Finehasi mwene Eliyazeri, Eliyazeri mwene Aroni yari umuherezi. Barabaza bati: "Dusubire tuduge kugwanya Ababenyamini benewacu? Canke tureke?"

Uhoraho ababwira ati: "Nimugende kuko ejo nzobarekurira mu maboko yanyu."

29 Maze Abisirayeli baragenda babunda inyuma y’i Gibeya bahakikuje. 30 Batera Ababenyamini umusi ugira gatatu, bagira ibirindiro nk’uko bari babigize ubwa mbere. 31 Ababenyamini barasohoka baza kubagwanya, barabirukana bava mu gisagara. Batangura kubica nk’ubwa mbere, Abisirayeli mirongo itatu bagwa mu gahinga no mu mabarabara aja i Beteli n’i Gibeya. 32 Ababenyamini bakiriko baravuga bati: "Turabanesheje nk’ubwa mbere," Abisirayeli na bo bariko baravuga bati: "Reka tumere nk’abahunga dusubira inyuma tubakwege bave mu gisagara baje mu mabarabara."

33 Abisirayeli bose baca bava aho bari bari bagira ibirindiro i Bayali-Tamari, abari babibundiye na bo baca baratera ku ruhande rwo hirya rwa Gibeya. 34 Abantu ibihumbi cumi bazi kugwana cane bavuye mu Bisirayeli bose baba ari bo baja imbere batera Gibeya. Urugamba rwari rukomeye cane, ariko Ababenyamini ntibari bwamenye amakuba abarindiriye. 35 Uhoraho aha Abisirayeli kunesha Ababenyamini, uwo musi Abisirayeli bica Ababenyamini ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ijana bari bazi kugwanisha inkota. 36 Ababenyamini baca barabona ko baneshejwe.

Abisirayeli bari bigize nk’abahunze imbere y’Ababenyamini kuko bari bizigiye ko bamwe binyegeje baca baronka ingene batera i Gibeya. 37 Maze abari binyegeje baca binjira ubwo nyene mu gisagara i Gibeya, baririkisha inkota ababayo bose. 38 Bari bumvikanye ko abo binyegeje bamaze kwinjira baca baturira ibintu vyinshi hakaduga umwotsi mwinshi mu kirere nk’ikimenyetso, 39 hanyuma Abisirayeli babonye uwo mwotsi, bagaca batera Ababenyamini.

Ababenyamini bari bamaze kwica Abisirayeli mirongo itatu, baca bibwira bati: "Turiko turabanesha nk’ubwa mbere." 40 Ariko wa mwotsi upfundutse uduga uva mu gisagara, Ababenyamini barahindukira babona umwotsi w’igisagara cose uduga kw’ijuru. 41 Abisirayeli baca barabahindukirira, Ababenyamini baca batekerwa n’ubwoba, kuko bari babonye ko uguhona kubashitseko. 42 Baca bahunga Abisirayeli baja mu bugaragwa, ariko ntivyakunda ko bahunga, kuko Abisirayeli bari mu gisagara baciye babatangira. 43 Nuko Abisirayeli bakikuza Ababenyamini, barabakurikira babafatira mu buseruko bwa Gibeya. 44 Abasoda ibihumbi cumi n’umunani bo muri bene Benyamini bamenyereye intambara bagwa muri iyo ntambara. 45 Bahindukiye ngo bahungire mu bugaragwa ku gitandara c’i Rimoni, Abisirayeli bicira ibihumbi bitanu mu nzira. Babandanya gusugereza bene Benyamini gushika i Gidomu, bica abandi ibihumbi bibiri.

46 Kuri uwo musi, abasoda ibihumbi mirongo ibiri na bitanu bo muri bene Benyamini bagwanisha inkota barishwe, kandi bose bari abahizi bakomeye. 47 Ariko amajana atandatu yo mu Babenyamini barashoboye guhungira mu bugaragwa ku gitandara c’i Rimoni, aho bamaze amezi ane. 48 Abisirayeli baca basubira mu bisagara vy’Ababenyamini baririkisha inkota ababibamwo bose, harimwo ibitungwa n’ikindi kintu cose bahasanze. Igisagara cabo cose bashikira baca bagiturira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-