1 Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho bati: "Ni uwuhe muryango uzotangura kuduga gutera Abanyakanani?"
2 Uhoraho arabishura ati: "Umuryango wa Yuda uzobe ari wo ugenda ubwa mbere, kuko ndabahaye intsinzi kuri iyo ntara."
3 Abo mu muryango wa Yuda babarira abo mu muryango wa Simeyoni bati: "Nimuze tudugane mu ntara twahawe, tugwanye Abanyakanani. Natwe tuzoheza tubafashe gufata intara yanyu." Nuko abo mu muryango wa Simeyoni bajana na bo.
4 Abo mu muryango wa Yuda bateye, Uhoraho abaha intsinzi ku Banyakanani n’Abaperizi, bicamwo abasoda ibihumbi cumi muri bo mu gisagara ca Bezeki. 5 Aho ni ho basanze umwami Adoni-Bezeki, bamugwanirizaho, bahaneshereza Abanyakanani n’Abaperizi. 6 Adoni-Bezeki arahunga, ariko baramukurikira baramufata, bamuca intoke z’inkumu n’amano makuru.
7 Maze Adoni-Bezeki aravuga ati: "Igihe kimwe nafashe abami mirongo indwi, bacibwa inkumu n’amano makuru, bakarya ibikorotse ku meza yanje. None Imana inyishuye ivyo nabakoreye." Baca bamutwara i Yerusalemu apfirayo.
8 Abo mu muryango wa Yuda bongera batera Yerusalemu, barahafata. Bicisha inkota abahaba, baca barahaturira.
9 Hanyuma y’aho abo mu muryango wa Yuda baca bamanuka gutera Abanyakanani baba mu karere k’imisozi, i Negebu, no mu biyaya vyo mu ntango z’imisozi yo mu burengero. 10 Barabandanya batera Abanyakanani baba i Heburoni, ahahoze hitwa Kiriyati-Araba, banesha ab’i Sheshayi, Ahimani n’i Talumayi. 11 Bavuye aho baca barabandanya baja gutera abantu baba i Debiri, ahahora hitwa Kiriyati-Seferi.
12 Maze Kalebu aravuga ati: "Uwuzotera i Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe." 13 Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu arahafata; Kalebu aca amushingira umukobwa wiwe Akisa.
14 Akisa amaze kuba umugore wa Otiniyeli, aca amubwira ngo asabe se itongo. Akisa yururutse indogoba yiwe, Kalebu aramubaza ati: "Wipfuza iki?"
15 Akisa amwishura ati: "Ngirira ubuntu. Ko wampaye itongo i Negebu, mpa n’amariba y’amazi." Nuko Kalebu amuha amariba yo hepfo n’ayo haruguru.
16 Abakomoka kuri sebukwe wa Mose, ari bo Bakayini, badugana n’abo mu muryango wa Yuda bava i Yeriko, ari co gisagara c’ibigazi, babana n’ababa mu bugaragwa bw’i Buyuda, hafi y’igisagara ca Aradi i Negebu.
17 Hanyuma abo mu muryango wa Yuda bifatanya n’abo mu muryango wa Simeyoni, batera Abanyakanani baba i Zefati, basambura igisagara cabo cose. Ico gisagara baca bacita Horuma. 18 Abo mu muryango wa Yuda bongera bafata Gaza, Ashikeloni na Ekuroni, hamwe n’uturere tuhakikuje.
19 Uhoraho abana n’abo mu muryango wa Yuda, maze bafata igice co mu misozi, ariko ntibashobora kwirukana ababa mu biyaya, kuko bari bafise imikogote y’ivyuma. 20 Igisagara ca Heburoni gihabwa Kalebu nk’uko Mose yari yarabisezeranye, Kalebu na we aca yirukana abahaba, ari bo ruvyaro rw’abahungu batatu ba Anaki. 21 Ariko abo mu muryango wa Benyamini ntibashobora kwirukana Abayebusi baba i Yerusalemu, ari co gituma gushika n’ubu Abayebusi babana n’abo mu muryango wa Benyamini.
22 Imiryango ikomoka kuri Yosefu na yo itera igisagara ca Beteli, kandi Uhoraho abana na bo. 23 Nuko barungika abantu baja gutata igisagara ca Beteli, cahoze citwa Luzi. 24 Abo batasi babonye umuntu ava muri ico gisagara, baramubwira bati: "Twereke ingene twokwinjira muri iki gisagara, tuzokugirira neza." 25 Nuko aca arabereka, baca barinjira bicisha inkota abo muri ico gisagara bose, kiretse uwo yaberetse ingene boshika muri ico gisagara hamwe n’umuryango wiwe. 26 Maze uwo muntu aca aja mu ntara y’Abaheti, ahubaka igisagara, acita Luzi, kandi ni ko kicitwa gushika n’ubu.
27 Umuryango wa Manase na wo ntiwashoboye kwirukana abantu b’i Beti-Shani, canke ab’i Tanaki, canke ab’i Dori, canke ab’i Ibileyamu, canke ab’i Megido, canke abari bahakikuje, kuko Abanyakanani bari barahiye ko bazoguma baba muri iyo ntara. 28 Abisirayeli bamaze gukomera, baca bagira Abanyakanani abagurano, ariko ntibigeze babirukana bose muri iyo ntara. 29 N’abo mu muryango wa Efurayimu ntibashoboye kwirukana Abanyakanani baba i Gezeri, bagumye babana na bo. 30 Ndetse n’abo mu muryango wa Zebuloni na bo nyene ntibashoboye kwirukana Abanyakanani baba i Kitironi n’i Nahaloli, bagumye babana na bo, ariko ntibabagize abagurano. 31 N’abo mu muryango wa Asheri ntibashoboye kwirukana ababa muri Ako, canke ab’i Sidoni, canke ab’i Ahalabu, canke abo muri Akizibu, canke ab’i Helubaho canke abo muri Afiki, canke ab’i Rehobu. 32 Ahubwo abo mu muryango wa Asheri bagiye kubana n’Abanyakanani baganza iyo ntara, kuko bananiwe kubirukana. 33 Abo mu muryango wa Nafutali na bo nyene ntibashoboye kwirukana ababa i Beti-Shemeshi canke i Beti-Anati. Na bo nyene babanye n’Abanyakanani baba muri iyo ntara, ariko ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati babagira abagurano babo. 34 Abo mu muryango wa Dani, Abamori barabirukanye baja mu karere k’imisozi, ntibabemerera ko bamanuka mu biyaya. 35 Abamori bari bararahiye ko bazoguma ku misozi Hari-Haresi, Ayaloni na Shayalubimu, ariko abo mu muryango wa Yosefu bamaze kugwira, baciye babagira abagurano. 36 Urubibe rw’Abamori rwava ku mudugo wa Akurabimu rugashika i Sela, rukabandanya ruja ruguru.