Sabedoria
A sabedoria é um dos temas mais ricos da Bíblia. O temor do Senhor é seu princípio, e buscá-la vale mais que ouro ou prata. Deus promete dar sabedoria generosamente a quem pedir com fé.
O princípio da sabedoria
O temor do Senhor é o início de toda sabedoria verdadeira. Quem reverencia a Deus aprende a viver com discernimento e prudência.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.
Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,
kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge;
kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse.
Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.
Ariko ubwenge bwo buboneka hehe?
Ugutahura bogusanga hehe?
Abantu ntibazi agaciro kabwo,
kuko ntibubonerwa mw’isi y’abazima.
I kuzimu havuga hati: "Nta buri hano."
Ikiyaga kikavuga giti: "Ntibuba iwanje."
Ntibugurwa inzahabu ziramuye,
canke ngo buguzwe ibilo vy’ifeza.
Ntibugurwa n’inzahabu ziva muri Ofiru,
canke utubuye tw’agaciro twitwa onigisi canke lapisi lazuli.
Inzahabu canke ayandi mabuye y’agaciro ntivyogereranywa na bwo,
n’ivyakozwe mu nzahabu ntivyoguzwa na bwo.
Amabuye y’agaciro yitwa korayi na yasipi ntivyoruha bigereranywa na bwo,
agaciro kabwo gasumba imaragarita.
Ubwenge ntibwogereranywa n’amabuye y’agaciro yitwa topazi yo muri Etiyopiya,
kandi ntibwogurwa inzahabu ziramuye.
None ubwenge buva he?
Ugutahura kuba he?
Bunyegejwe amaso y’ibifise ubuzima vyose,
buhishijwe inyoni zo mu kirere.
Gatikizo na Rupfu biravuga biti:
Twumvise ibihuha vyabwo gusa.
Sabedoria como dom de Deus
A verdadeira sabedoria vem do alto. Deus a concede generosamente a quem pede com fé, sem lançar em rosto a fraqueza humana.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,
kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.
Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,
kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.
ugahamagara ubwenge,
ukaririra ugutahura,
ico gihe uzomenya kwubaha Uhoraho ico ari co,
kandi uzogira ugutahura kuvuye ku Mana.
Ndagutazira kandi ndaguhimbaza, Mana ya ba sogokuruza,
kuko wampaye ubwenge n’ubushobozi,
ukampa kumenya ivyo twakubajije,
ukatumenyesha indoto y’umwami."
avuga ati:
"Izina ry’Imana rishirwe hejuru ibihe vyose,
ubwenge n’ubushobozi ni ivyayo.
Imana iha abo basore bane kumenya no gutahura inyandiko z’uburyo bwinshi kandi zitandukanye no kugira ubwenge. Daniyeli we yarashobora gutahura no gusobanura ivyahishuwe mw’iyerekwa n’indoto z’uburyo bwose.
A sabedoria do alto
A sabedoria que vem de Deus é pura, pacífica, amável, cheia de misericórdia e de bons frutos. Ela se opõe à sabedoria terrena e mundana.
Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.
Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho. Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yari yabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.
Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga. Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana. Kuko ivyitwa ubujuju vy’Imana birusha ubwenge abantu kandi ivyitwa intege nke vy’Imana birusha inkomezi abantu.
Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,
Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,
Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mitima yabo bari mu bumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye buva mu gutahura gushitse, gutuma bamenya ibanga ry’Imana, ari ryo Kristo. Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya bihishijwe.
Direção e discernimento
Deus guia os humildes na justiça e ensina seu caminho aos mansos. Ele promete dirigir nossos passos quando confiamos nele de todo o coração.
Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,
ntiwishimire ugutahura kwawe.
Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,
na we azogorora inzira zawe.
Ntiwishimire ubwenge bwawe,
ahubwo wubahe Uhoraho kandi uve mu kibi.
Nzokwigisha ndakwereke inzira ukwiye kujana;
nzokugira inama ndaguhozeko ijisho ryanje.
Arongorera abaciye bugufi mu nzira itunganye
akabigisha ivy’inzira yiwe.
Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,
unyigishe kubaho uko ugomba.
Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,
kuko uri Imana Umukiza wanje,
kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.
Uhoraho akomeza intambuko
z’uwumwishimira;
Igitondo nikinzanire ijambo ry’urukundo rwawe rudashira,
kuko nakwizigiye.
Nyereka inzira nkwiye kujana,
kuko ubugingo bwanje ari wewe nabujeje.
Nyigisha gukora ivyo ugomba,
kuko uri Imana yanje;
icompa Mpwemu wawe mwiza
akandongorera ahantu hagororotse.
Ku bw’izina ryawe, Uhoraho, kingira ubugingo bwanje;
mu kugororoka kwawe, nkura mu vyago.
Nyigisha inzira yawe, ewe Uhoraho;
undongorere mu nzira igororotse
kubera abansi bankikije.
A Palavra como fonte de sabedoria
A Palavra de Deus é lâmpada para os pés e luz para o caminho. Meditar nas Escrituras nos dá entendimento superior ao dos mestres.
Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,
ni umuco umurikira mu nzira yanje.
Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,
ni umuco umurikira mu nzira yanje.
Humura amaso yanje kugira ngo mbone
ibitangaza vyo mu Vyagezwe vyawe.
Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;
abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.
Hahiriwe umuntu
adakurikiza impanuro z’abanyakibi,
ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,
canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,
akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.
Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.
Uri ku rugendo, bizokurongora,
uryamye bizokurarira;
kandi niwavyuka bizokuganiriza.
Sabedoria prática para o dia a dia
A sabedoria se aplica em cada decisão: nas finanças, nos relacionamentos, no trabalho e no uso do tempo. Vivamos como sábios, não como insensatos.
Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge. Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.
Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge. Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.
Wumvirize impanuro kandi wemere kwigishwa,
ni ho uzoba umunyabwenge.
Wumvirize impanuro kandi wemere kwigishwa,
ni ho uzoba umunyabwenge.
Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe,
kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.
Uzosabe impanuro niwagira umugambi,
kandi niwaja mu ntambara ube ufise impanuro z’ubwenge.
None rero ntuzoje mu ntambara utabanje kugirwa inama z’ubwenge;
kuko intsinzi iva ku bajenama benshi.
Uwitonda aba ahambaye kubera ugutahura kwiwe,
ariko uwihuta kuraka akwiragiza ubupfu.
Ubwibone bukwega amatati,
ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.
Abazigama iminwa yabo baba barinze ubuzima bwabo,
ariko abavuga batiyumviriye bikwegera uguhona.
Igipfu cibwira ko ingeso zaco zitunganye,
ariko umunyabwenge yumviriza impanuro.
Iyo ubwibone buje, kumaramara kurakurikira,
ariko mu kwicisha bugufi havamwo ubwenge.
Umutima w’umunyabwenge wemera ukurongorwa,
ariko igipfu kidaharura ivyo kivuga cikwegera uguhona.
Umutima urondera ugutahura wironkera ubumenyi,
kandi ugutwi kw’umunyabwenge ni co kurondera.
Igipfu ntikinezerererwa ugutahura,
kinezerezwa n’ukugaragaza ivyiyumviro vyaco.
N’igipfu iyo cinumiye ciyumvirwa ko ari umunyabwenge,
kandi iyo kigumije ururimi bavuga ko gifise ugutahura.
Umunyabwenge niyumve iyi migani, yongereze ubumenyi,
uwufise ubuseranguzi aronke ukurongorwa,
Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe. Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.
Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe. Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.
Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu, kuko muzi ko muzohabwa n’Umwami wacu, umugabane wanyu nk’impera. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.
O valor da sabedoria
A sabedoria é mais preciosa que rubis. Quem a encontra, encontra a vida e alcança o favor do Senhor. Nada se compara a ela.
Hahiriwe umuntu yironkeye ubwenge,
akironkera ugutahura.
Kuko uwundonse aba aronse ubuzima,
kandi agira ikiganza ciza k’Uhoraho.
Guhitamwo ubwenge biruta guhitamwo inzahabu,
kandi guhitamwo ugutahura kuruta ifeza.
Umuntu aragira imigabo mu mutima wiwe,
ariko Uhoraho ni we ashiraho intambuko ziwe.
Umuntu agira imigabo mu mutima,
ariko Uhoraho ni we atanga inyishu ibereye.
Ubwenge ni ubwugamo
nk’uko amahera ari ubwugamo,
ariko inyungu y’ukumenya ni iyi:
ni uko ubwenge buzigama ubuzima bw’uwubufise.
Ntukavuge ngo: "Ni kuki imisi ya kera yari myiza kurusha iy’ubu?"
Kuko ata bwenge buri mu kubaza ibibazo nk’ivyo.
Ku wuyihimbaye, Imana itanga ubwenge, ukumenya n’umunezero, ariko iha umunyavyaha igikorwa co kwegeranya no kurundanya ubutunzi kugira ngo aze abihe uwuhimbara Imana. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
Ibintu vyose amaboko yawe ahawe gukora, ubikore n’inkomezi zawe zose, kuko mu mva, iyo uzoja, ata gukora canke imigambi, kumenya canke ubwenge.
A sabedoria e a soberania de Deus
Os caminhos de Deus são mais altos que os nossos. Sua sabedoria é insondável, eterna e infinitamente superior ao entendimento humano.
"Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi,
ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu,
kandi ni ko n’ivyiyumviro vyanje biri hejuru cane y’ivyanyu.
"Kuko ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu,
kandi n’inzira zanyu atari zo nzira zanje,"
ni ko Uhoraho avuze.
Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,
ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.
Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,
ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.
Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,
ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.
Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,
ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.
Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge,
kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe.
Yama anzindura imisi yose mu gitondo,
amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.
Bazobona ibara abamanuka muri Egiputa kurondera ugutabarwa,
bakizera amafarasi,
bakizera ubwinshi bw’imikogote
n’inkomezi z’abagendera ku mafarasi,
aho guhanga amaso Uwera wa Isirayeli,
canke ngo barondere ugutabarwa kuva k’Uhoraho.
Ariko rero Uhoraho na we arazi ubwenge, azobateza ivyago,
kandi ntazokwivuguruza.
Azohagurukira inzu y’inkozi z’ibibi,
hamwe n’abatabara inkozi z’ibibi.
Ubwo bumenyi bwose buva k’Uhoraho Mushoboravyose,
we mujenama w’igitangaza,
n’ubwenge bw’agahebuza.
Mpwemu w’Uhoraho azoba kuri we;
ni we Mpwemu w’ubwenge n’ugutahura,
Mpwemu w’ukuja inama kandi w’ububasha,
Mpwemu w’ubumenyi n’ukwubaha Uhoraho.
Azonezerezwa no kwubaha Uhoraho.
Ntazoca imanza afatiye ku vyo abonesheje amaso,
canke ngo afatire ingingo ku vyo yumvise;
Uhoraho azokwama akurongora,
aguhere ivyo ukeneye mu gihugu kigatuwe n’uruzuba,
azokomeza ubugingo bwawe.
Uzomera nk’itongo rivomerewe neza,
umere nk’iriba ritigera rikama.
Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana!
Ingingo ifata ntizitahurika
kandi inzira zayo ntizimenyekana.
Icubahiro cose kibe ic’Imana yo nyene ubwenge bwose, ibihe vyose mw’izina rya Yesu Kristo! Amen.
Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.
Uhoraho we, ese ingene ibikorwa vyawe ari vyinshi!
Wabiremesheje ubwenge vyose;
isi yuzuyemwo ivyaremwe vyawe.
Umwami wacu arahambaye kandi ni umuhizi mu nkomezi:
ugutahura kwiwe ntikugira akarimbi.
Undongoza inama ungiriye,
kandi hanyuma uzonjana mu bwiza bwawe.
Utwigishe guharura imisi yacu,
kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.
Akanwa k’umugororotsi katura ivy’ubwenge,
n’ururimi rwiwe ruvuga ibitunganye.
Uhimbarwe n’Uhoraho,
na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.
Ndongorera mu kugororoka kwawe, ewe Uhoraho,
kuko mfise abansi.
Utumbereze inzira yawe imbere yanje.
Umenyesha inzira y’ubugingo;
uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe,
n’agahimbare kadashira ndi i buryo bwawe.
Bazoza barira;
bazonsenga nanje ndabagarukane.
Nzobarongorera i ruhande y’imigezi y’amazi
mu nzira igororotse aho batazotsitara,
kuko ndi Se wa Isirayeli,
kandi Efurayimu akaba imfura yanje."
Ndazi, yewe Uhoraho, ko ubuzima bw’abantu batabuganza;
kandi ko badashobora kwirongorera intambuko.
Ariko Imana yaremye isi mu bushobozi bwayo;
iremesha isi ubwenge bwayo,
kandi yagura amajuru mu gutahura kwayo.
Ntukishimire ivy’ejo,
kuko nta wumenya ivyo haramukana.
Inkozi z’ibibi ntizitahura ibibereye,
ariko abarondera Uhoraho batahura vyose.
Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke ivyo twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri, icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, uhereye ibihe vyose, ukugeza ibihe bidashira! Amen.
Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, "Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu."
Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti:
"Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntugacike intege iyo aguhanye;
kuko Uhoraho aha indero abo akunda,
kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe."
Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.
Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.
Ku musi wo guca imanza, umwamikazi w’i Sheba azohaguruka yagirize abantu ba kino gihe kandi abatsindishe, kuko yahagurutse akava ku mpera z’isi aje kwumviriza amajambo y’ubwenge ya Salomo; ariko raba uwuruta Salomo ari hano.
Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.
Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona gusa, nimuce imanza zigororotse."
Ubwenge ni bwo Uhoraho yashingishije imfatiro z’isi,
kandi ugutahura ni kwo yashirishijeho amajuru.
Ubwenge bufiswe n’abatama,
kandi ugutahura gufiswe n’abamaze imyaka myinshi.
Ubwenge n’inkomezi vy’ukuri ni ivy’Imana,
kuja inama no gutahura ni ivyayo.
Maze Yobu asubizayo ati:
"Ni ukuri ndazi ko ari uko biri.
Nta muntu buntu yogororoka mu nyonga z’Imana.
N’uwogomba kuyiburanya,
mu bibazo igihumbi ntiyoshobora kuyishura na kimwe.
Ifise ubwenge bwinshi kandi ni Inyenkomezi.
Ni nde yayigararije akayiva imbere amahoro?
Yewe muntu, yarakweretse iciza ico ari co.
Mbega hari ikindi Uhoraho akugombako?
Ni ugukora ibigororotse, gukunda imbabazi,
no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.
Ababwira ati: "Mumenye neza ivyo mukora, kuko mutariko mucira imanza abantu gusa, ariko muzica ku bw’Uhoraho, kandi ari kumwe namwe igihe muzica.
Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana.