1 Dawidi akiva kuri ka gatwe k’umusozi, ni ho Ziba, umusavyi wa Mefibosheti, yaza aje guhura na we. Yari ku ndogoba zibiri zikwega umukogote wiremetse imikate amajana abiri, udukate ijana ducumbwe mu nzabibu zumye, udukate ijana ducumbwe mu nsukoni n’umukuza w’urusato w’umuvinyu.
2 Umwami abaza Ziba ati: "Ivyo ni ivy’iki?"
Ziba aramwishura ati: "Izi ndogoba ni iz’abo mu nzu y’umwami ngo bazigendereko, imikate na yo n’ivyamwa ni ivyokurya vy’ingabo, umuvinyu na wo ni uwo guhembura uwuzoba acitse intege mu bugaragwa."
3 Nuko umwami arabaza ati: "Umwuzukuru wa shobuja we ari hehe?"
Ziba aravuga ati: "Yagumye i Yerusalemu, kuko yiyumviriye ati: ‘Uyu musi inzu y’Abisirayeli iransubiza ubwami bwa sogokuru.’ "
4 Maze umwami abwira Ziba ati: "Ivyari ivya Mefibosheti vyose bibaye ivyawe."
Ziba aravuga ati: "Ndaciye bugufi ndunamye. Nze name ngirirwa ubuntu imbere yawe, mwami nyaguhora ku ngoma."
5 Umwami Dawidi yegereje gushika i Bahurimu, haza umuntu wo mu muryango wa Sawuli avuye muri ico gisagara. Izina ryiwe yitwa Shimeyi mwene Gera, agisohoka atangura kumuvuma. 6 Atera amabuye Dawidi n’abishikira biwe bari kumwe na we, naho hariho ingabo zigendera hirya no hino ya Dawidi. 7 Mu kumuvuma, Shimeyi yavuga ati: "Genda, genda, wa mwicanyi we, ata co umaze! 8 Uhoraho akwishuye amaraso yose washeshe y’abo mu nzu ya Sawuli, uwo wishize ku ngoma yiwe. Uhoraho ahaye ingoma yawe umuhungu wawe Abusalomu. Ubu ugiye mu magorwa kuko washeshe amaraso menshi."
9 Maze Abishayi mwene Zeruwiya abwira umwami ati: "Ni iki gituma iyo mbwa ipfuye ituka umwami wanje? Reka ngende ndamuce umutwe."
10 Ariko umwami amwishura ati: "Mbega ivyo bikurabako iki, ga mwana wa Zeruwiya? Nimba ariko arantuka kuko Uhoraho yabimutumye ati: ‘Tuka Dawidi,’ uri nde kugira ngo umubuze?"
11 Dawidi aca abwira Abishayi n’abishikira biwe bose ati: "Umwana wanje, akara kanje n’amaraso yanje ariko agerageza kunyica. None ntibirushirije cane kwumvikana, kuri uwu Mubenyamini? Mureke ashishikare antuke, kuko Uhoraho ari we yabimutumye. 12 Kumbure Uhoraho azobona umubabaro wanje anyishure ivyiza ku mivumo ndiko ndavumwa uwu musi."
13 Nuko Dawidi n’abantu biwe bashishikara urugendo, maze Shimeyi agendera ku rundi ruhande rw’umusozi, aguma amuvuma amutera amabuye yongera asura inkungugu. 14 Umwami n’abari kumwe na bo bashika ku nkombe ya Yorodani barushe cane. Baca baruhukira aho.
15 Ico gihe Abusalomu yinjira i Yerusalemu n’Abisirayeli isinzi, kandi Ahitofeli yari kumwe na we. 16 Nuko Hushayi Umwaruki, umugenzi wa Dawidi, aja kwa Abusalomu amubwira ati: "Umwami nahangame! Umwami ahangame!"
17 Abusalomu abaza Hushayi ati: "Urwo ni rwo rukundo weretse umugenzi wawe? Ni kuki utajanye na we?"
18 Hushayi abwira Abusalomu ati: "Oyaye, uwatoranijwe n’Uhoraho, n’aba bantu, n’Abisirayeli bose ni we nishikanyeko, kandi nzogumana na we. 19 Vyongeye, ni kuki ntogukorera? Mbega sinkwiye gukorera umuhungu nk’uko nakorera se? Ni ko na wewe nzogukorera."
20 Abusalomu abwira Ahitofeli ati: "Tugire inama yawe. Dukore iki?"
21 Ahitofeli amwishura ati: "Ryamana n’incoreke za so abo yasigaranye ikirimba. Aho ni ho Abisirayeli bose bazokwumva ko wacokoye so ku rwego bitagishoboka ko mwiyuzuza, kandi abari ku ruhande rwawe bose bizoca bibatera intege bagushigikire bose." 22 Nuko bubakira ihema Abusalomu hejuru ku kirimba, aca aryamana na za ncoreke za se Abisirayeli bose babibona.
23 Muri ico gihe inama yatangwa na Ahitofeli yaba ari nk’iyivuye ku Mana. Uko ni ko yaba Dawidi canke Abusalomu bafata impanuro bahawe na Ahitofeli.