Publicidade

2 Samuel 2

Dawidi aba umwami w’i Buyuda

1 Inyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho. Amubaza ati: "Nduge nje mu gisagara kimwe c’i Buyuda?"

Uhoraho aramwishura ati: "Duga."

Dawidi arabaza ati: "Nduze noshikira mu gisagara ikihe?"

Uhoraho aramwishura ati: "Heburoni."

2 Nuko Dawidi araduga ajana n’abagore biwe babiri, Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili, umupfakazi wa Nabali w’i Karumeli. 3 Dawidi ajana kandi na ba bantu bari kumwe na we bose, umwe wese n’umuryango wiwe, baja kuba i Heburoni no mu bisagara vyaho. 4 Maze abantu b’i Buyuda baza i Heburoni baca barobanuza amavuta Dawidi ngo abe umwami w’umuryango wa Yuda.

Maze Dawidi bamubwiye ko abantu b’i Yabeshi Gileyadi ari bo bahamvye Sawuli, 5 arungika intumwa ku bantu b’i Yabeshi Gileyadi zibabwira ziti: "Uhoraho abahezagire kuko mwerekanye urukundo mwakunda Sawuli shobuja mu kumuhambana iteka. 6 Uhoraho abagirire neza abereke n’ubwizigirwa bwiwe, kandi nanje nyene ni ko nzobagirira kuko mwakoze mutyo. 7 Ubu rero, mukomere mube abagabo, kuko Sawuli shobuja yapfuye, ariko kandi ab’inzu ya Yuda bamaze kunyimikisha amavuta kugira ngo mbe umwami wabo."

Intambara yabaye hagati y’inzu ya Dawidi n’inzu ya Sawuli

8 Bikiri gutyo, Abuneri mwene Neri, umukuru w’ingabo za Sawuli, yari yafashe Ishibosheti mwene Sawuli amutwara i Mahanayimu. 9 Ashitseyo, amugira umwami w’intara za Gileyadi, Ashuri, Yezireyeli, Efurayimu, Benyamini na Isirayeli yose.

10 Ishibosheti mwene Sawuli yari amaze imyaka mirongo ine igihe yaba umwami w’Abisirayeli, atwara imyaka ibiri. Ariko, umuryango wa Yuda wowo, uguma uyoboka Dawidi. 11 Imyaka yose Dawidi yamaze ari umwami i Heburoni aganza inzu ya Yuda yabaye indwi n’amezi atandatu.

12 Abuneri mwene Neri, hamwe n’ingabo za Ishibosheti mwene Sawuli, bava i Mahanayimu baja i Gibeyoni. 13 Yowabu mwene Zeruwiya n’ingabo za Dawidi na bo baragenda baja guhura na bo, bahurira ku kidengeri c’i Gibeyoni. Ingabo zimwe zija ku ruhande rumwe rw’ico kidengeri izindi zija ku rundi ruhande.

14 Maze Abuneri abwira Yowabu ati: "Reka dutore imisore ihaguruke igwane imbere yacu."

Yowabu aravuga ati: "Egome, tubigire uko."

15 Nuko bava hasi barabaharura, abagabo cumi na babiri baserukira Ababenyamini na Ishibosheti mwene Sawuli, hamwe n’abandi icumi na babiri ku ruhande rw’abaserukira Dawidi. 16 Maze umuntu wese aca asumira umutwe w’uwo ku rundi ruhande amuzibura inkota mu rubavu, bose bagwa hasi aho nyene bapfira rimwe. Baca bita aho hantu Helukati Hazurimu h’i Gibeyoni.

17 Kuva uwo musi haca haba intambara ikomeye, Abuneri n’Abisirayeli baratsindwa cane n’ingabo za Dawidi.

18 Abahungu batatu ba Zeruwiya: Yowabu, Abishayi na Asaheli ni ho bari. Uwo Asaheli mu kwiruka yaranyaruka cane kurya kw’ingeregere. 19 Yiruka kuri Abuneri, kandi yanka kumuva inyuma ngo aje i buryo canke i bumoso. 20 Abuneri akebutse inyuma aramubaza ati: "Ni wewe ga Asaheli?"

Arishura ati: "Ni jewe."

21 Nuko Abuneri aramubwira ati: "Hindukirira i buryo canke i bumoso; maze ufate umwe muri barya basore umushikure ibigwanisho vyiwe." Ariko Asaheli ntiyahagarika kumukurikira.

22 Abuneri yongera kubwira Asaheli ati: "Reka kwiruka unkurikira, ntibitume ndakwica. Noheza ngashobora nte gusubira kuraba mu maso ha mukuru wawe Yowabu?"

23 Ariko Asaheli aranka aguma amukurikira; nuko Abuneri amucumita icumu mu nda riseruka mu mugongo. Aca agwa ngaho arapfa. Umuntu wese yashika aho Asaheli yaguye yaca ahagarara.

24 Nuko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri, izuba rirenga bashitse ku musozi wa Ama, hafi y’i Giya mu nzira ija mu bugaragwa bw’i Gibeyoni. 25 Maze abo mu ngabo za Abuneri bo mu muryango wa Benyamini bifatanya na Abuneri. Bigira akagwi bahagarara ku gatwe k’umusozi.

26 Abuneri ahamagara Yowabu ati: "Mbega tuzokwama tuzibagurana inkota igihe cose? Ntubona ko ibi bizotuzanira kwamana inzigo? Urindiriye iki kubuza abantu bawe gukurikira abavukanyi babo?"

27 Yowabu aramwishura ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Imana, iyo utagira ico uvuga, twari gushishikara kubakurikira mbere n’ijoro ryose."

28 Maze Yowabu avuza inzamba, abantu bose barahagarara; ntibasubira gukurikira Abisirayeli, canke ngo basubire kugwana.

29 Abuneri n’abantu biwe bagenda ijoro ryose baca mu kiyaya Araba. Bajabuka Yorodani, babandanya no mu gitondo cose maze bashika i Mahanayimu.

30 Nuko Yowabu asubira inyuma areka gukurikirana Abuneri aca akoranya abantu bose ngo arabe abo yabuze. Asanga mu bantu ba Dawidi habuze cumi n’icenda adashizemwo Asaheli. 31 Ariko abantu ba Dawidi bari bishe Ababenyamini amajana atatu na mirongo itandatu bari kumwe na Abuneri. 32 Batwara Asaheli bamuhamba mu mva ya se yari i Betelehemu. Hanyuma Yowabu n’ingabo ziwe bagenda ijoro ryose bashika i Heburoni umutwenzi utambitse.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-