Publicidade

2 Samuel 23

Amajambo ya nyuma ya Dawidi

1 Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi:

"Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga,

uwashizwe hejuru n’Iyisumbavyose,

umuntu yasizwe amavuta n’Imana ya Yakobo,

umuririmvyi aririmba indirimbo ya Isirayeli.

2 Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe;

ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.

3 Imana y’Abisirayeli yaravuze,

gitandara c’Abisirayeli yarambwiye ati:

‘Uwuganza abantu mu bugororotsi,

igihe aganza yubaha Imana,

4 aba ameze nk’umuco wo mu gitondo igihe izuba riserutse

mu gitondo kitagira ibicu,

nk’ugukayangana kw’ijuru inyuma y’imvura

kumwe gutuma ivyatsi bimera biva mw’ivu.’

5 Mbega inzu yanje ntiri amahoro ku Mana?

Ntiyagiranye nanje isezerano rihoraho,

ryashizweho rigakomezwa impande zose?

Mbega ntizoshitsa ivy’agakiza kanje

igashitsa n’ivyo nipfuza?

6 Ariko abantu babi bazotabwa nk’amahwa,

umuntu adashobora kwegeranya n’intoke gusa.

7 Uwukoze ku mahwa wese

akoresha icuma canke uruti rw’icumu;

maze agaturirirwa aho arunze."

Abahizi ba Dawidi

8 Aya ni yo mazina y’abahizi ba Dawidi:

Yoshebu Bashebeti, Umutakemoni, yari umukuru wa bamwe batatu; yatoye icumu agwanya abantu amajana umunani, maze bose abicira icarimwe.

9 Yakurikirwa na Eliyazeri mwene Dodayi Umwahohi, yari umwe muri bamwe batatu b’abahizi mu ntambara, yari kumwe na Dawidi igihe bahagarara imbere y’Abafilisitiya bari batonze urugamba i Pasi-Damimu. Maze ingabo z’Abisirayeli zirahunga, 10 ariko we ararinda agwanya Abafilisitiya gushika aho ukuboko kugwa ibinyanya ku buryo atari agishobora kubangura inkota. Uhoraho atanga intsinzi ihambaye kuri uwo musi. Ingabo zahavuye zigaruka aho Eliyazeri ari, ariko bari baje gukoba imivyimba.

11 Uwa gatatu yari Shama mwene Ageyi Umuharari. Igihe Abafilisitiya bahurira hamwe mu murima wuzuye ibiharage, ingabo z’Abisirayeli zaciye zibahunga; 12 ariko Shama arabarinda ari hagati muri uwo murima. Arawugwanira maze yica Abafilisitiya, kandi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.

13 Mu gihe c’iyimbura, batatu bo mu bahizi biwe mirongo itatu baramanuka basanga Dawidi aho yari ari mw’isenga ry’ibuye i Adulamu. Ico gihe umugwi w’Abafilisitiya wari ucumbitse mu kiyaya c’i Refayimu. 14 Muri ico gihe Dawidi yari mu kinyegero, kandi umuce w’ingabo z’Abafilisitiya wari i Betelehemu. 15 Dawidi yumva agomba amazi, maze aca avuga ati: "Ese icompa hakagira uwunzanira amazi yo kunywa yo kw’iriba riri kw’irembo ry’i Betelehemu!" 16 Nuko ba bahizi batatu baragenda, baca hagati y’ingabo z’Abafilisitiya, bavoma ayo mazi yo kw’iriba ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu bayashira Dawidi. Ariko Dawidi yanka kuyanywa; ayasesa hasi imbere y’Uhoraho. 17 Avuga ati: "Ntibikabe, ewe Uhoraho ko nokora ivyo! Nokwubahuka kunywa amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo?" Dawidi ntiyemera kuyanywa.

Ivyo ni vyo vy’ubuhizi abo bagabo batatu bakoze.

18 Abishayi mwene nyina wa Yowabu mwene Zeruwiya yari umukuru w’abo batatu. Yishe abantu amajana atatu akoresheje icumu ryiwe, bituma aba rurangiranwa nka bamwe batatu. 19 Mbega ntiyabaye uw’icubahiro kurusha abo batatu? Mbere yabaye umutware wabo, naho atashizwe mu gitigiri cabo.

20 Benaya mwene Yehoyada yari umugwanyi w’umuhizi yava i Kabuzeyeli, kandi yakoze ibihambaye. Yishe abahizi babiri baruta abandi mu ngabo z’Abanyamowabu. Umusi umwe shelegi iriko iragwa, amanuka mu rwobo, yica intambwe. 21 Ni we yishe Umunyegiputa w’ikigatanya. Naho uwo Munyegiputa yari afise icumu mu minwe, Benaya yagiye kumugwanya afise inkoni, amushikura rya cumu mu minwe, aba ari ryo amwicisha. 22 Ivyo ni vyo bikorwa vy’ubuhizi Benaya mwene Yehoyada yakoze; na we nyene yari rurangiranwa nka bamwe batatu. 23 Yari afise icubahiro kuruta bamwe mirongo itatu, ariko ntiyari uwo muri bamwe batatu. Maze Dawidi aca amugira umukuru w’abacungera umutekano wiwe.

24 Muri abo mirongo itatu harimwo:

Asaheli yavukana na Yowabu,

Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,

25 Shama w’i Harodi,

Elika w’i Harodi,

26 Helezi w’i Paluti,

Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa,

27 Abiyezeri w’i Anatoti,

Mebunayi Umuhushati,

28 Zalumoni w’Umwahohi,

Maharayi w’i Netofati

29 Heledi mwene Bayana w’i Netofati,

Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu Bubenyamini,

30 Benaya w’i Piratoni,

Hidayi wo mu bihomoka vy’i Gayashi,

31 Abi-Aluboni Umwarubati,

Azumaveti Umubahurimu,

32 Eliyaba Umushaluboni,

Bene Yasheni,

Yonatani 33 mwene Shama Umuharari,

Ahiyamu mwene Sharari Umuharari,

34 Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka,

Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni,

35 Heziro w’i Karumeli,

Payari w’i Arubi,

36 Igali mwene Natani w’i Zoba,

Bani w’i Gadi,

37 Zeleki Umwamoni,

Naharayi Umuberoti, uwatwaza Yowabu mwene Zeruwiya ibigwanisho,

38 Ira w’i Ituri,

Garebu w’i Ituri

39 na Uriya Umuheti.

Bose hamwe bari mirongo itatu n’indwi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-