Publicidade

2 Samuel 7

Isezerano Imana yasezeraniye Dawidi

1 Umwami amaze gushika neza mu ngoro yiwe kandi Uhoraho amaze kumuha kuruhuka intambara z’abansi biwe bose bari bamukikije, 2 abwira Natani uwavugishwa n’Imana ati: "Ehe raba jewe mba mu nzu yubatswe n’ibiti vy’amasederi, nayo Isandugu y’Imana iba mw’ihema."

3 Natani yishura umwami ati: "Ivyo wiyumvira gukora vyose, genda ubikore kuko Uhoraho ari kumwe nawe."

4 Ariko muri iryo joro, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Natani riti:

5 "Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Mbega ni wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo? 6 Sinigeze mba mu nzu kuva igihe nakuriye Abisirayeli muri Egiputa gushika uwu musi. Namye nimuka mva mu kibanza kimwe nja mu kindi, nkibera mw’ihema. 7 Ahantu hose nimukiye ndi kumwe n’Abisirayeli bose, hari aho nigeze mbwira umutware n’umwe mu barongozi nabahaye ngo baragire ubwoko bwanje bw’Abisirayeli nti: Ni kuki mutanyubakira inzu mu biti vy’amasederi?’ "

8 "None rero, genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nagukuye mu bwungere aho waragira intama, ndagutoranya ngo ube uwuganza abantu banje b’Abisirayeli. 9 Nabanye nawe aho wagiye hose, kandi naherengeteje abansi bawe imbere yawe. None ngira nkuze izina ryawe ribe nk’amazina y’abahambaye bo kw’isi. 10 Kandi nzoha abantu banje b’Abisirayeli aho kuba, ndabateragire ahantu hatekanye ngo bagire inzu yabo bwite, aho batazokwongera kuburagizwa. Abansi babo ntibazosubira kubacinyiza nk’uko bahora babigira kera, 11 uhereye igihe nashiraho abacamanza bo kurongora abantu banje b’Abisirayeli. Nzoguha no kuruhuka intambara z’abansi bawe bose.

Uhoraho ni we akumenyesheje ko ari we ubwiwe azokwubakira inzu. 12 Imisi yawe niyashira ukaja kuruhuka hamwe na ba sogokuruza bawe, nzohagurutsa uwo mu ruvyaro rwawe wo kugusubirira ku ngoma, akomoka kuri wewe, kandi nzokomeza ubwami bwiwe. 13 Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi nzokomeza intebe y’ubwami bwiwe ibihe bidashira. 14 Nzomubera se, na we azombera umwana. Niyakora ibibi, nzomuhanisha inkoni nk’uko umuvyeyi wese yobikora. 15 Ariko urukundo rwanje ntiruzokwigera rumuvako, nk’uko narukuye kuri Sawuli, uwo nagukuye imbere. 16 Inzu yawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose imbere yanje; intebe y’inganji yawe izokwama ihangamye ibihe bidashira.’ "

17 Nuko Natani aragenda ashikiriza Dawidi ayo majambo yose y’uko guhishurirwa.

Isengesho rya Dawidi

18 Nuko umwami Dawidi arinjira yicara imbere y’Uhoraho, maze avuga ati:

"Jewe ndi iki, yewe Uhoraho Nyeninganji, kandi n’umuryango wanje wari iki, ko wanshikanye aha hose? 19 Kandi Uhoraho Nyeninganji, nk’aho umenga ibi ntibikwiye mu nyonga zawe, wongeyeko no kuvuga ibizoba ku nzu y’ubwami y’umusavyi wawe muri kazoza. None uko ni ko wama ugirira umuntu buntu, ga yewe Uhoraho Nyeninganji?

20 Mbega jewe Dawidi nokubwira ikindi ki? Ko uzi umusavyi wawe, ga yewe Uhoraho Nyeninganji! 21 Wakoze iki kintu gihambaye wongera ukimenyesha umusavyi wawe, kubera ijambo ryawe kandi nk’uko wabigomvye.

22 Mbega ukuntu uhambaye, ga yewe Uhoraho Nyeninganji! Nta n’umwe asa nawe, kandi nta yindi Mana atari wewe, nk’uko twavyiyumviye n’amatwi yacu. 23 Kandi ni irihe hanga kw’isi yose rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli; ihanga Imana yihagurukiye ikaja gucungura kugira ngo ribe iryo yiharije? Izina ryawe warishize hejuru igihe wabacungura ubakuye muri Egiputa. Wakoze ibihambaye biteye ubwoba wirukana amahanga n’ibigirwamana vyayo vyari imbere y’abantu bawe wari wacunguye ubakura muri Egiputa. 24 Wihinduriye abantu bawe b’Abisirayeli kuba abo wiharije ibihe vyose, kandi nawe Uhoraho, wahindutse Imana yabo.

25 None rero, Uhoraho Mana, uze ukomeze iryo sezerano ibihe vyose iryo usezeraniye umusavyi wawe n’inzu yiwe. Uze ukore nk’uko wasezeranye, 26 kugira ngo izina ryawe rirushirize kuba irihambaye. Maze abantu bazovuge bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose ni Imana y’Abisirayeli!’ Kandi n’inzu y’umusavyi wawe Dawidi izokomerera imbere yawe.

27 Ewe Uhoraho Mushoboravyose, Mana y’Abisirayeli, wahishuriye ibi umusavyi wawe, uvuga uti: ‘Nzokwubakira inzu.’ None rero umusavyi wawe natewe intege zo kuza ngo ngusenge iri sengesho. 28 None rero Uhoraho Nyeninganji, uri Imana! Amajambo yawe ni ayo kwizigirwa, kandi usezeraniye umusavyi wawe ibi vyiza bingana bityo. 29 None rero nibiguhimbare guhezagira inzu y’umusavyi wawe, kugira ngo yame imbere y’inyonga zawe ibihe vyose; kuko wewe Uhoraho Nyeninganji, ari wewe wabivuze, kandi inzu y’umusavyi wawe izohezagirwa ibihe vyose ku bw’umuhezagiro wawe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-