1 Yowabu mwene Zeruwiya amenya ko umutima w’umwami ukumbuye Abusalomu. 2 Nuko Yowabu aca arungika umuntu i Tekowa aronderayo umugore w’umunyabwenge. Amubwira ati: "Niwigire nk’uwugandaye. Wambare impuzu zo kugandara, kandi ntiwisige amavuta. Wigire nk’umugore amaze imisi myinshi ababajwe n’uwapfuye. 3 Maze uce uja ku mwami umubwire aya majambo." Maze Yowabu amubwira amajambo ategerezwa kuvuga.
4 Wa mugore w’i Tekowa agiye kuraba umwami, aramwunamira, amubwira ati: "Mwami Nyeningoma, mfasha!"
5 Umwami aramubaza ati: "Ni ibiki bikugoye?"
Wa mugore aca avuga ati: "Jewe ndi umupfakazi; umugabo wanje yarapfuye. 6 Jewe umusavyikazi wawe nari mfise abahungu babiri. Maze bagwanira mu murima, ata n’umwe wo kubabanguranya. Umwe akubita uwundi maze aramwica. 7 None umuryango wose wahagurukiye umusavyikazi wawe; bavuga bati: ‘Tanga uwo yishe umuvukanyi wiwe, kugira ngo na we yicwe azize ko yishe uwo bavukana. Ntabereye kuzoragwa ikintu na kimwe co mu muryango.’ Uko ni ko bagomba kuzimya ikara rimwe ryari rikiriko riraka, ngo ntibasigarane izina umugabo wanje canke uwumukomokako n’umwe kw’isi."
8 Umwami abwira wa mugore ati: "Itahire, nanje ndatanga itegeko rigukiza."
9 Ariko wa mugore w’i Tekowa aramubwira ati: "Mwami nyeningoma, reka igicumuro kigume kuri jewe no ku muryango wa data, ariko umwami n’ingoma yiwe ntihagire ikimwagiriza."
10 Umwami aramwishura ati: "Nihagira uwukubwira ijambo na rimwe, uze umunzanire, ntazosubira kukugora."
11 Wa mugore aravuga ati: "Umwami natakambire Uhoraho Imana yiwe kugira ngo umuhozi ntasese amaraso ku yandi, mu kwica umuhungu wanje."
Umwami avuga ati: "Nkurahiye Uguhoraho k’Uhoraho, nta n’agashatsi ko ku mutwe w’umuhungu wawe kazokorokera hasi."
12 Nuko wa mugore aca avuga ati: "Mwami Nyeningabo, nyemerera jewe umusavyikazi wawe ngire ico ndakubwiye."
Aramwishura ati: "Vuga."
13 Wa mugore aravuga ati: "Ni kuki wateguye gukorera ubwoko bw’Imana ikibi nk’ico? Mbega umwami ko avuze atyo, ntiyitsindishije ko atagarukanye umuhungu wiwe yangarijwe mu mahanga? 14 Nk’uko amazi asesetse atayorwa, ni ko natwe tuzopfa twese. Ariko ubwo si bwo bugombe bw’Imana, ahubwo yoyo irondera inzira yo kutugarukana iyo twatandukanye na yo.
15 Ubu rero nazanywe no kubwira iryo jambo umwami wanje kuko abantu banteye ubwoba. Umusavyikazi wawe niyumviriye nti: ‘Reka ngende tuvugane n’umwami; kumbure yokora ico umusavyikazi wiwe amusavye. 16 Kumbure umwami yokwemera gutabara umusavyi wiwe akamukura mu kuboko kw’umuntu agomba kunyaga jewe n’umuhungu wanje umugabane twahawe n’Imana.’ "
17 "None rero umusavyikazi wawe navuga nti: ‘Icompa ijambo ry’umwami wanje rikanzanira gutekanirwa mu mugabane wanje, kuko umwami wanje ameze nk’umumarayika w’Imana mu vyo kumenya ikibi n’iciza. Icompa Uhoraho Imana yawe akabana nawe.’ "
18 Maze umwami abwira uwo mugore ati: "Unyishure utampishije na kimwe mu vyo ngiye kukubaza."
Wa mugore avuga ati: "Umwami wanje navuge."
19 Umwami arabaza ati: "Mbega muri ibi vyose nta kuboko kwa Yowabu kurimwo?"
Wa mugore aramwishura ati: "Ndahiye wewe nyene, mwami wanje, nta n’umwe ashobora gukebereza i buryo canke i bumoso ku ryo umwami wanje avuze. Egome ni umusavyi wawe Yowabu yambwiye gukora ivyo, ambwira n’ivyo nkwiye kuvuga. 20 Umusavyi wawe Yowabu yabikoze kugira ngo iki gihe kirangire. Umwami wanje afise ubwenge nk’ubw’umumarayika w’Imana azi vyose mu bibera mu gihugu."
21 Maze umwami atuma intumwa kubwira Yowabu iti: "Ni vyiza, aremeye kubikora. Genda ugarukane uwo muhungu Abusalomu."
22 Yowabu arunama ashika hasi, araheza ahezagira umwami. Yowabu aravuga ati: "Uyu musi umusavyi wawe menye ko nagiriwe ubuntu imbere yawe, mwami wanje, kuko umwami ahaye umusavyi wiwe ivyo yasavye."
23 Nuko Yowabu aja i Geshuri agarukana Abusalomu i Yerusalemu. 24 Ariko umwami aravuga ati: "Aze aje mu nzu yiwe, ariko ntaze aze ngo abone mu maso hanje." Nuko Abusalomu aja mu nzu yiwe ntiyigera aza aho abona umwami.
25 Mu Bisirayeli bose nta muntu n’umwe yarangwa ko ari mwiza ku karanga nka Abusalomu. Kuva ku mutwe gushika ku kirenge ciwe nta gasembwa yari afise. 26 Ku mwaka ku mwaka yarimosha umushatsi kuko yaba yumva umuremereye. Yaca awupima, maze uburemere bwawo bwari shekeli amajana abiri upimishije umunzane w’i bwami.
27 Abusalomu yari yaravyaye abahungu batatu n’umukobwa umwe. Uwo mukobwa yitwa Tamari, maze aba mwiza cane.
28 Abusalomu aba i Yerusalemu atabona umwami mu maso. 29 Nuko Abusalomu atumako Yowabu kugira ngo amutume ku mwami, ariko Yowabu aranka kumwitaba. Nuko amutumako ubugira kabiri ariko na ho nyene aranka kuza. 30 Maze abwira abakozi biwe ati: "Murabona, umurima wa Yowabu ukurikirana n’uwanje, kandi arafiseyo ingano. Genda muziturire." Nuko abakozi ba Abusalomu baragenda baturira wa murima.
31 Nuko Yowabu aca aja kwa Abusalomu aramubwira ati: "Ni kuki abakozi bawe bantuririye umurima?"
32 Abusalomu abwira Yowabu ati: "Ni kubera nagutumyeko nti: ‘Nuze ndagutume ku mwami kubaza uti: "Ni kuki wankuye i Geshuri? Vyari kumbera vyiza iyo nigumira hariya!" ’ None rero, ndagomba kubona mu nyonga z’umwami, kandi nihaba hari icaha kinyagira, anyice."
33 Nuko Yowabu aja ku mwami amubwira ivyo. Maze umwami atumako Abusalomu, na we araza arunama imbere y’umwami. Umwami aramugumbira.