Publicidade

2 Samuel 11

Dawidi na Batisheba

1 Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Maze Dawidi arungika Yowabu n’intwazangabo hamwe n’ingabo zose z’Abisirayeli kugwana. Banesha Abamoni hanyuma bugariza igisagara caho citwa Raba, ariko Dawidi wewe yigumira i Yerusalemu.

2 Umusi umwe, ku mugoroba Dawidi aravyuka aba aratembera ku nzu yo hejuru y’ikirimba ciwe. Maze ari aho abona umugore ariko ariyuhagira. Uwo mugore yari mwiza cane, 3 maze Dawidi aca arungika umuntu kugira amenye uwo mugore uwo ari we. Uwo muntu amubwira ati: "Urya si Batisheba, umukobwa wa Eliyamu akaba umugore wa Uriya Umuheti?" 4 Nuko Dawidi aca atuma intumwa ngo bamuzane. Aza iwe, maze bararyamana. (Yari yihumanuye avuye mu mihango yiwe.) Nuko araheza ataha iwe. 5 Uwo mugore aca asama inda hanyuma arungikira ubutumwa Dawidi amubwira ati: "Mfise inda."

6 Nuko Dawidi aca arungikira ubutumwa Yowabu ati: "Ndungikira Uriya Umuheti." Maze Yowabu aca aramumurungikira. 7 Uriya ashitse iwe, Dawidi amubaza amakuru ya Yowabu, uko ingabo zimeze n’uko urugamba rwariko ruragenda. 8 Maze Dawidi abwira Uriya ati: "Manuka uje iwawe woge ibirenge." Nuko Uriya ava ku kirimba, maze umwami amukurikiza intumwa imushiriye ingabire y’inzimano. 9 Ariko Uriya ntiyataha iwe, ahubwo aja kwiryamira kw’irembo ry’ikirimba hamwe n’abarinzi ba shebuja.

10 Babwira Dawidi bati: "Erega Uriya ntiyagiye i muhira iwe." Maze Dawidi aramubaza ati: "Ko wari uje uva ku rugendo rurerure, ni kuki utatashe i muhira?"

11 Uriya abwira Dawidi ati: "Isandugu y’Isezerano, Abisirayeli n’Abayuda barara mu mahema, kandi na databuja Yowabu n’abantu b’umwami barara mu gahinga. Nogenda iwanje gute nkarya nkanywa nkaryamana n’umugore wanje? Ndahiye wewe nyene sinokora ikintu nk’ico!"

12 Nuko Dawidi aramubwira ati: "Guma ngaha uwundi musi umwe, maze ejo nzokurungika." Nuko Uriya aguma i Yerusalemu uwo musi n’uwukurikira. 13 Dawidi aramutumira ngo basangire ku mfungurwa no ku binyobwa vyiwe, aramuboreza. Ariko ku mugoroba Uriya arasohoka aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe n’abarinzi ba shebuja, ntiyigera ataha iwe.

14 Bukeye mu gitondo Dawidi yandikira ikete Yowabu arirungikana Uriya. 15 Muri ryo yanditse ati: "Ushire Uriya imbere aho urugamba rukomeye. Maze muce mumureka wenyene mwigireyo kugira ngo bamurase apfe."

16 Nuko igihe Yowabu yari agicunze igisagara bari bugarije, ashira Uriya mu kibanza yari azi ko hari abagwanyi bakomeye. 17 Abantu bo muri ico gisagara basohotse kugwanya Yowabu, bamwe mu ngabo za Dawidi barapfa; na Uriya Umuheti na we arapfa.

18 Yowabu arungikira Dawidi inkuru zo ku rugamba. 19 Yihanikiriza uwo yari atumye ati: "Niwaheza gushikiriza umwami iyo nkuru y’urugamba, 20 umwami ashobora gushavura, agaca akubaza ati: ‘Ni igiki catumye mwegera cane ico gisagara mu kugwana? Ntimwari muzi ko bashobora kubarasa imyampi bari ku ruzitiro? 21 Ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubi Besheti? Si umugore yamuteye ingasiro ari ku ruzitiro, agaca apfira i Tebezi? Ni iki catumye mwegera uruzitiro?’ Niyakubaza ivyo, uce umubwira uti: ‘Kandi umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yapfuye.’ "

22 Uwatumwe aragenda, maze ashitse abwira Dawidi ivyo Yowabu yamutumye vyose kuvuga. 23 Uwo yatumwe arongera abwira Dawidi ati: "Abagwanira igisagara baturushije inkomezi maze barasohoka baduterera inyuma y’igisagara, ariko twabashubije inyuma gushika kw’irembo ry’igisagara. 24 Maze abanyamiheto bari hejuru ku rugo, baca bararasa imyampi ku basavyi bawe, hanyuma bamwe mu bantu bawe barapfa. Kandi n’umusavyi wawe Uriya Umuheti yapfuye."

25 Dawidi abwira iyo ntumwa ati: "Bwira Yowabu uti: ‘Ivyo ntibikubabaze; inkota irya umwe canke uwundi. Bandanya urugamba kuri ico gisagara maze ugisambure.’ Uvuge ivyo kugira ngo uremeshe Yowabu."

26 Muka Uriya yumvise ko umugabo wiwe yapfuye, aramugandarira. 27 Ikigandaro giheze, Dawidi amuzana iwe, aba umugore wiwe maze avyarana na we umuhungu. Ariko ico umwami Dawidi yakoze kibabaza Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-