1 Imiryango yose y’Abisirayeli iragenda, isanga Dawidi i Heburoni, iramubwira iti: "Twebwe turi umubiri wawe n’amaraso yawe. 2 Kandi kera, igihe Sawuli yari akiri umwami wacu, ni wewe warongora Abisirayeli mu ntambara. Kandi Uhoraho yarakubwiye ati: ‘Uzoba umwungere w’abantu banje b’Abisirayeli, kandi uzoba umutware wabo.’ "
3 Abakuru bose b’Abisirayeli baja kuraba umwami Dawidi i Heburoni, aca agirana na bo isezerano aho nyene i Heburoni imbere y’Uhoraho, na bo baca bamurobanuza amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli.
4 Dawidi yari afise imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami, aca amara ku ngoma imyaka mirongo ine. 5 I Heburoni yahamaze imyaka indwi n’amezi atandatu, ari umwami w’umuryango wa Yuda gusa, i Yerusalemu na ho ahamara iyindi myaka mirongo itatu n’itatu aganza Abisirayeli bose.
6 Umwami n’ingabo ziwe baja i Yerusalemu gutera Abayebusi, ari bo bamye bahaba kuva kera. Abayebusi babwira Dawidi bati: "Ntuzoshobora kwinjira ngaha; kuko n’aho boba impumyi n’ibimuga bokwirukana." Abayebusi biyumvira bati "Dawidi ntazoshobora gushika hano." 7 Ariko Dawidi yigarurira igice c’ahitwa Siyoni hazitijwe impome zikomeye, ari ho haciye hitwa Igisagara ca Dawidi.
8 Kuri uwo musi, Dawidi abwira ingabo ziwe ati: "Ndanka ivyo bimuga n’izo mpumyi ari bo Bayebusi. Uwushaka kubanesha akwiye guca mu mugende w’amazi kugira ngo abashikire." Aho ni ho havuye imvugo ivuga ngo: "Impumyi n’ibimuga ntibazokwigera binjira mu kirimba c’umwami."
9 Nuko Dawidi aba aho hantu hazitijwe impome zikomeye, aca ahita Igisagara ca Dawidi. Aca yagura ico gisagara mu kwubaka izindi nyubakwa zo kuhakingira, uhereye ku musezero w’ahitwa Milo ukaja inyuma n’imbere. 10 Maze Dawidi arushaho kuba uwuhambaye, kuko Uhoraho Imana Mushoboravyose yari kumwe na we.
11 Maze, Hiramu umwami w’i Tiro arungika intumwa kuri Dawidi, azirungikana n’ibiti vy’amasederi n’ababaji n’abahinga mu kwubakisha amabuye, maze bubakira Dawidi ikirimba. 12 Maze Dawidi aca amenya ko Uhoraho yemeje ko ari we mwami w’Abisirayeli bose kandi ko yashize hejuru ubwami bwiwe kubera abantu biwe b’Abisirayeli.
13 Amaze kuva i Heburoni akaja i Yerusalemu, Dawidi arongora izindi ncoreke n’abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa. 14 Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo, 15 Ibuhari, Elishuwa, Nefegi, Yafiya, 16 Elishama, Eliyada na Elifeleti.
17 Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yasizwe amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli, baraduga n’inkomezi zabo zose bagiye kumurondera ngo bamufate; ariko Dawidi avyumvise aca aja kwinyegeza mu kinyegero. 18 Maze Abafilisitiya barashika bakwiragira mu kiyaya c’i Refayimu. 19 Nuko Dawidi asiguza Uhoraho ati: "Nduge nje gutera Abafilisitiya? Urabampa mu maboko yanje?"
Uhoraho aramwishura ati: "Genda, nzobatanga nyene mu maboko yawe."
20 Nuko Dawidi agenda i Bayali-Perazimu, arabagwanya arabanesha. Maze aravuga ati: "Uhoraho yansaturiye inzira imbere y’abansi banje nk’uko amazi asenyura urugomero." Aho hantu haca hitwa Bayali-Perazimu. 21 Abafilisitiya bari batayeho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi n’abantu biwe baraza barabitwara.
22 Ikindi gihe Abafilisitiya bongera kuduga bakwiragira mu kiyaya cose c’i Refayimu. 23 Nuko Dawidi abaza Uhoraho ico yokora, na we aramwishura ati: "Ntubatere ubaturutse imbere, ariko ubazunguruke ubatere uturutse inyuma aharabana na biriya biti vyitwa popula. 24 Niwumva imirindi mu bushorishori bw’ivyo biti, uce unyaruka, kuko ico kizoba ari ikimenyetso co kukubwira ko Uhoraho agiye imbere yanyu mu gutera ingabo z’Abafilisitiya." 25 Nuko Dawidi akora nk’uko Uhoraho yamutegetse, aca atsinda Abafilisitiya agenda arabica kuva i Geba gushika i Gezeri.