1 Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi. Ashitse aho ari, amubwira ati: "Mu gisagara kimwe hariho abagabo babiri, umwe yari umutunzi, uwundi yari umukene. 2 Uwo mutunzi yari afise intama nyinshi cane n’ibindi bitungwa, 3 ariko wa mukene we nta kindi yari afise atari akagazi k’intama kamwe yari yaraguze. Yarakoroye, karakura kabana na we n’abana biwe. Karya ku ndya ziwe, kakanywera ku gikombe ciwe, kakaryama mu maboko yiwe. Kari kameze nk’agakobwa kiwe."
4 "Maze haza umushitsi kwa wa mutunzi, ariko ntiyakura muri za ntama ziwe canke mu bindi bitungwa, ivyo kuzimana umushitsi wiwe. Ahubwo, aragenda afata ka gatama ka wa mworo aba ari ko abaga azimana uwo mushitsi."
5 Dawidi ishavu riramurya, abwira Natani ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo muntu yakoze ivyo akwiye gupfa! 6 Ategerezwa kuriha ako kagazi k’intama incuro zine, kuko yakoze ikintu nk’ico ntagire akagongwe."
7 Maze Natani abwira Dawidi ati: "Uwo muntu ni wewe! Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nagusize amavuta ngo ube umwami w’Abisirayeli, ndagukura mu kuboko kwa Sawuli. 8 Naguhaye inzu ya shobuja, n’abagore biwe ndabashira mu maboko yawe. Naguhaye ingoma ya Isirayeli n’iya Yuda. Kandi nimba ivyo vyari bike, nari kukwongera n’ibindi. 9 None ni kuki wakengereye ijambo ry’Uhoraho ugakora ikintu kibi nk’ico mu nyonga ziwe? Wicishije Uriya Umuheti inkota y’Abamoni, maze uca wigarurira umugore wiwe umugira rwawe. 10 None rero, uhereye ubu, inkota ntizova mu nzu yawe, kuko wankengereye ugatwara umugore wa Uriya Umuheti ukamugira rwawe.’ "
11 "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Kubera ivyo wakoze, nzotuma ivyago bikuzako bivuye mu bo mu nzu yawe. Nzofata abagore bawe ndabahe umuntu wa hafi yawe, aryamane na bo ku murango izuba riva. 12 Ivyo wakoze wabikoze mw’ibanga, ariko jeho nzobikora ku murango izuba ryaka imbere y’Abisirayeli bose.’ "
13 Nuko Dawidi aratura abwira Natani ati: "Naracumuye k’Uhoraho."
Natani aramwishura ati: "Ni vyo, mugabo Uhoraho yakugiriye ikigongwe ntugipfuye kubera ico caha. 14 Ariko, kubera agakengerwe kangana gatyo werekanye k’Uhoraho mu gukora ivyo, wa mwana wavyara wewe arapfa."
15 Natani amaze gutaha, Uhoraho atuma wa mwana muka Uriya yavyarana na Dawidi agwara. 16 Dawidi asabira uwo mwana ku Mana kugira ngo amureke abeho. Arisonzesha, aja mu nzu yiwe amara amajoro yitembagaza hasi yambaye amagunira. 17 Abakuru b’umuryango wiwe bahagarara i ruhande yiwe ngo bamwinginge ave hasi, ariko aranka, kandi ntiyagira ico afungurana na bo.
18 Ku musi ugira indwi wa mwana arapfa. Abishikira ba Dawidi baratinya kubimubwira, kuko biyumvira bati: "Ko yakoze ivyo, ntatwumvirize igihe uwo mwana yari akiriho, twomubwira gute ko umwana yapfuye? Erega yohava akora igikorwa c’uwihebuye."
19 Dawidi abona abantu biwe bariko barongorerana aca amenya ko wa mwana yapfuye. Arababaza ati: "Wa mwana yapfuye?"
Baramwishura bati: "Egome, yapfuye."
20 Nuko Dawidi ava hasi. Ahejeje kwiyuhagira, yisiga amavuta yambara n’impuzu ziwe, aja mu ngoro y’Uhoraho aramuhimbaza. Maze aca yisubirira iwe, asaba ko bamuzanira imfungurwa, maze arafungura.
21 Abasuku biwe baramubaza bati: "Ni kuki ukoze uko? Umwana akiriho, warisonzesheje urarira, ariko ubu umwana apfuye, urahagurutse urafungura!"
22 Arabishura ati: "Umwana akiriho, narisonzesheje ndarira. Nariyumviriye nti: ‘Nta wubizi, kumbure, Uhoraho ashobora kungirira ubuntu umwana agakira.’ 23 Ariko ko yapfuye, nokwisonzeshereza iki? Mbega nosubira kumuzura? Jewe nzomusanga iyo ari, ariko we ntazogaruka aho ndi."
24 Nuko Dawidi aremesha umugore wiwe Batisheba, aragenda aryamana na we. Maze Batisheba asama iyindi nda avyara umwana w’umuhungu, bamwita Salomo. Uhoraho aramukunda; 25 maze kuko yamukunze, aca atuma uwavugishwa na we Natani ngo bamwite Yedidiya (risobanurwa ngo uwukunzwe n’Uhoraho).
26 Muri ico gihe nyene, Yowabu yari yateye i Raba mu Bamoni araheza afata umugwa mukuru w’umwami waho. 27 Yowabu aca atuma intumwa kuri Dawidi, kumubwira ziti: "Nagwanye n’abantu b’i Raba kandi nafashe igisagara c’umugende ubaha amazi. 28 Ubu rero, koranya ingabo zisigaye zose kugira ngo uze wugarize hanyuma ufate igisagara cose. Bitabaye uko nohava ndagifata, hanyuma abantu bagaca bakinyitirira."
29 Nuko Dawidi akoranya ingabo zose aja i Raba, arahatera arahafata. 30 Yambura umwami waho urugori rw’ubwami rwari ku mutwe wiwe, asanga rufise uburemere bw’italanto imwe y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara, 31 atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti, abandi bagasatura amabuye, abandi na bo bagafyatura amatafari. Ivyo abikora mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.