Publicidade

2 Samuel 10

Dawidi anesha Abamoni

1 Hanyuma y’ivyo, umwami w’Abamoni arapfa, maze umuhungu wiwe Hanuni amusubirira ku ngoma. 2 Dawidi ariyumvira ati: "Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza." Nuko Dawidi arungika intumwa ngo zije kumwirura kuko yari yabuze se.

Abantu ba Dawidi bashitse mu gihugu c’Abamoni, 3 abaganwa bo mu Bamoni babwira Hanuni umwami wabo bati: "Wibaza ko Dawidi yubashe so mu kurungika abantu bo kukugarukirako? Aho ntiyabarungitse ngo batate igisagara kugira ngo hanyuma bazoce baza kugitera bagisangangure?" 4 Nuko Hanuni afata ba bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa umusaya umwe, atabura amakanzu yabo kuva aho itako ritangurira, aca arabarungika.

5 Dawidi avyumvise, aca arungika intumwa ngo zihure na bo, kuko bari buzuye ibiteterwe. Umwami abatumako ati: "Nimugume i Yeriko gushika aho ubwanwa bwanyu buzokurira, hanyuma muze mubone kugaruka."

6 Abamoni babonye ko bakoze ikintu giteye isoni imbere ya Dawidi, baca bahera abasoda b’Abasiriya ibihumbi mirongo ibiri bagwanira ku maguru bava i Beti-Rehobu n’i Aramu-Zoba, n’abantu igihumbi b’umwami Mayaka, n’ibihumbi cumi na bibiri bavuye i Tobu.

7 Dawidi avyumvise aca arungika Yowabu n’ingabo zose zizi kugwana. 8 Abamoni baragenda batonda urugamba kw’irembo ry’igisagara cabo, Abarameya b’i Zoba na Rehobu n’abo i Tobu na Mayaka batonda urugamba inyuma y’igisagara.

9 Yowabu abona ko urugamba rumuturutse imbere n’inyuma; aca atoranya bamwe mu ngabo z’indobanurwa mu Bisirayeli abarungika ngo bagwanye Abarameya. 10 Abasigaye abazeza murumunawe Abishayi ngo abatware, aca abatuma kugwanya Abamoni. 11 Yowabu amubwira ati: "Abarameya nibandusha inkomezi, uraza kuntabara; ariko kandi Abamoni nibakurusha inkomezi, ndaza kugutabara. 12 Nureme kandi tugwane rugabo, tugwanire ihanga ryacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Uhoraho ari bukore ivyo abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe."

13 Maze Yowabu n’ingabo bari kumwe baragenda ngo bagwane n’Abarameya, na bo barabahunga. 14 Abamoni babonye ko Abarameya bariko barahunga, na bo bahunga Abishayi binjira mu gisagara. Nuko Yowabu arahindukira areka kugwanya Abamoni asubira i Yerusalemu.

15 Abarameya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, basubira gutororokana. 16 Hadadezeri azana Abarameya bavuye hakurya y’uruzi Efurate; baja i Helamu, barongowe na Shobaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri.

17 Dawidi avyumvise, akoranya Abisirayeli bose bajabuka Yorodani baja i Helamu. Abasiriya batonda urugamba ngo baje guhura na Dawidi bagwane na we. 18 Ariko Abarameya bahunga Abisirayeli, kandi Dawidi yica amajana indwi mu bagwanira ku mikogote n’ibihumbi mirongo ine vy’abagwanira ku maguru. Aca akomeretsa Shobaki umukuru w’ingabo zabo, hanyuma aca agwa aho nyene. 19 Abami bose batwarwa na Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, baca bagiriranira amasezerano y’amahoro n’Abisirayeli, bemera kuba abagurano babo no kubakorera.

Maze Abarameya baca baratinya ntibongera gufasha Abamoni.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-