Publicidade

2 Samuel 6

Bazana Isandugu y’Uhoraho i Yerusalemu

1 Dawidi asubira kwegeranya ingabo zigizwe n’abahizi b’Abisirayeli, bashika ibihumbi mirongo itatu. 2 Ubwiwe n’ingabo ziwe zose baragenda baja i Bayala h’i Buyuda kugira ngo bakureyo isandugu y’Imana, yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Mushoboravyose, avyagiye hagati y’abakerubi bari kuri iyo sandugu. 3 Bashira ya sandugu y’Imana ku mukogote mushasha bayitwara bayikuye mu nzu kwa Abinadabu yari hejuru ku musozi. Uza na Ahiyo bene Abinadabu, ni bo bayobora inka zikwega uwo mukogote mushasha 4 utwaye iyo Sandugu y’Imana, kandi Ahiyo ni we yayigendera imbere. 5 Dawidi n’Abisirayeli bose bariko bariginagura imbere y’Uhoraho, baririmba bavuza inanga, amakembe, udushako tw’ingoma n’ibindi bicurarangisho.

6 Bashitse ku mbuga yo kugosorerako ya Nakoni, Uza agorora ukuboko afata iyo sandugu y’Imana ngo ntihenuke, kuko impfizi zikwega uwo mukogote zari zitsitaye. 7 Maze, Uhoraho ashavurira cane Uza kuko akoze ibitari vyo. Nuko Imana iramukubita aca arapfa, agwa ngaho nyene i ruhande y’isandugu y’Imana.

8 Maze Dawidi arashavura kuko Uhoraho yarakiye Uza. Aca yita aho hantu Perezi-Uza, bisigura "gushavurira Uza", kandi ni ko hacitwa kugeza n’uno musi.

9 Dawidi aca atinya Uhoraho kuri uwo musi, maze arabaza ati: "Mbega Isandugu y’Uhoraho yoza iwanje gute?" 10 Ntiyemera gutwara Isandugu y’Uhoraho ngo ibe aho asanzwe aba mu Gisagara ca Dawidi, ariko aca ayikebereza mu nzu kwa Obedi-Edomu w’i Gati. 11 Isandugu y’Uhoraho iguma mu nzu kwa Obedi-Edomu w’i Gati kumara amezi atatu, kandi Uhoraho aramuhezagira hamwe n’abo mu nzu yiwe bose.

12 Maze babarira umwami Dawidi bati: "Uhoraho yarahezagiye abo mu nzu kwa Obedi-Edomu n’ivyo atunze vyose, kubera ya Sandugu y’Uhoraho." Nuko Dawidi aramanuka aja kudugana iyo Sandugu y’Imana ayikura mu nzu kwa Obedi-Edomu ayijana mu Gisagara ca Dawidi bari mu munezero mwinshi. 13 Abareruye iyo Sandugu y’Uhoraho bamaze kugira intambuko zitandatu, yaca atanga ikimazi c’ishuri n’inyana ivyibushe. 14 Dawidi yari yambaye efodi yera, atambira imbere y’Uhoraho n’inkomezi ziwe zose. 15 Nuko Dawidi n’Abisirayeli bose, badugana Isandugu y’Uhoraho batera akamo k’umunezero, bavuza n’inzamba.

16 Maze Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho yinjiye mu Gisagara ca Dawidi, Mikali umukobwa wa Sawuli abirabira mw’idirisha. Abonye umwami Dawidi atamba yiginagura, amugayira mu mutima.

17 Maze bazana ya Sandugu y’Uhoraho bayinjiza muri rya hema Dawidi yari yayishingiye, hanyuma batanga ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ivy’ishimwe imbere y’Uhoraho. 18 Ahejeje gutanga ivyo bimazi biturirwa n’umuriro n’ivy’ishimwe, ahezagira abantu mw’izina ry’Uhoraho Mushoboravyose. 19 Hanyuma aca agaburira umuntu wese mw’isinzi ry’Abisirayeli bari ngaho, abagabo n’abagore umwe wese akamuha umukate, inyama hamwe n’agakate gacumbwe mu nzabibu zumye. Ivyo biheze, bose baca barataha iwabo.

20 Dawidi asubiye iwe guhezagira abo mu nzu yiwe na bo, Mikali umukobwa wa Sawuli araza ngo amuhe ikaze, hanyuma aca amubwira ati: "Mbega icubahiro c’umwami w’Abisirayeli cari hehe, umuntu yiyambura impuzu imbere y’abaguranokazi bashumbiye abagurano biwe, nk’umuntu ata co amaze!"

21 Maze Dawidi aca abwira Mikali ati: "Nariko ndatambira Uhoraho, yantoranije kuruta so n’umuntu wese wo mu ruvyaro rwiwe ngo mbe umurongozi w’abantu biwe b’Abisirayeli, ni we nariko ndigina. 22 Kandi, ndashaka kurushaho kuboneka nk’uwutaco amaze, mbere mboneke ndi uwukengeretse cane mu maso yanje! Ariko imbere y’abo baguranokazi wavuze nzorushaho gushirwa hejuru."

23 Maze Mikali umukobwa wa Sawuli ntiyaronka akana gushika arinde apfa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-