1 Ahitofeli arongera abwira Abusalomu ati: "Nyemerera ntoranye ingabo ibihumbi cumi na bibiri maze iri joro nyene nje guhiga Dawidi iyo yagiye. 2 Ndamusanga akirushe acitse intege; we n’abo bari kumwe ndabaca ivutu, maze abari kumwe na we bose baca bamuta bahunge. Nica umwami wenyene, 3 nkugarukaneko abantu bose. Urupfu rw’uwo mugabo urondera rutuma abantu bose bagaruka; nawe uce uba amahoro." 4 Iyo nama yasa n’aho ari nziza kuri Abusalomu, hamwe n’abakuru bose bo mu Bisirayeli.
5 Ariko Abusalomu avuga ati: "Tumako na Hushayi Umwaruki, kugira ngo twumve ivyo avuga." 6 Maze Hushayi ashitse, Abusalomu avuga ati: "Ahitofeli yatugiriye iyi nama. Mbega dukore ivyo yatubwiye? Canke na ho wewe ubivugako iki?"
7 Hushayi yishura Abusalomu ati: "Impanuro Ahitofeli yatanze uno musi si nziza. 8 Urazi so n’abantu biwe bose ni abagwanyi, kandi ubu banganya ubukare n’idubu batwaye ivyana vyayo. Vyongeye, so ni umugwanyi yagwanye kuva kera; ntaza kurara hamwe n’ingabo ziwe. 9 Nk’ubu, usanga yinyegeje mw’isenga canke ahandi. Hamwe yotera ingabo zawe ubwa mbere akicamwo na bakeya, uwuzovyumva wese azovuga ati: ‘Hapfuye abantu mu ngabo zakurikiye Abusalomu.’ 10 Maze n’umuhizi yari afise umutima urinda nk’uw’intambwe, azoca ashongeshwa n’ubwoba, kuko Abisirayeli bose bazi ko so ari umugwanyi kandi ko abari kumwe na we ari abahizi.
11 None rero nokugira iyi nama: reka Abisirayeli bose, kuva i Dani gushika i Berisheba bangana n’umusenyi wo ku kiyaga bakoranire aho uri wewe, hanyuma wewe ubwawe nyene ubaje imbere mu kuja mu rugamba. 12 Maze tuzomutera aho azoba ari hose, tumugweko nk’uko urume rugwa kw’isi. Nta n’umwe yaba we canke abari kumwe na we bazosigara. 13 Nibahungira mu gisagara kanaka, Abisirayeli bose bazoca bazana imigozi kuri ico gisagara, bagikwege bakijane mu kiyaya gushika aho ata n’ibuye rizoboneka risigaye rihagaze."
14 Abusalomu n’abantu bose b’Abisirayeli baca bavuga bati: "Inama ya Hushayi Umwaruki ni nziza kuruta iya Ahitofeli." Ivyo vyabaye kubera yuko Uhoraho yari yagabiye kuburabuza inama nziza ya Ahitofeli kugira ngo ateze ivyago Abusalomu.
15 Hushayi abwira Sadoki na Abiyatari abaherezi ati: "Ahitofeli yagiriye inama Abusalomu n’Abakuru b’Abisirayeli gukora gutya na gutya, ariko nabahanuye uku n’uku. 16 None rero rungika intumwa yo kubwira Dawidi iti: ‘Nturare mu kiyaya ca Yorodani mu bugaragwa; jabuka udatevye, bitari uko umwami n’abantu bari kumwe na we barahona.’ "
17 Yonatani na Ahimazi bagumye ahitwa Eni-Rogeli. Hari umukobwa w’umugurano yari ashinzwe kubashira inkuru, na bo bagaca bagenda kubibwira umwami Dawidi, kuko batinjira mu gisagara kugira ntibababone. 18 Ariko umusore umwe arababona aca abibwira Abusalomu. Nuko bompi baca bagenda bihuta kwinyegeza mu nzu y’umuntu yaba i Bahurimu. Yari afise iriba riri mu rugo iwe, baca bamanuka muri ryo. 19 Umugore wiwe aca afata impuzu ayisasa hejuru y’iryo riba aca yanikirako ingano. Nta n’umwe yamenye ko aho hantu hariyo abantu.
20 Abantu ba Abusalomu barashika babaza wa mugore bati: "Ahimazi na Yonatani bari hehe?"
Wa mugore arabishura ati: "Bajabutse umugezi." Ba bantu bararondera ariko ntibabona n’umwe, baca basubira i Yerusalemu.
21 Abo bantu bamaze kugenda, ba bahungu babiri barurira bava muri iryo riba baca baja kubwira umwami Dawidi. Baramubwira bati: "Haguruka ujabuke Yorodani ubu nyene; Ahitofeli yabagiriye inama ivuga uku n’uku yo kukugwanya." 22 Nuko Dawidi n’abari kumwe na we bose barahaguruka bajabuka Yorodani. Bwakeye ata n’umwe asigaye hakuno ya Yorodani.
23 Ahitofeli abonye ko inama yiwe itumviwe, aca ategura indogoba yiwe ataha iwe mu gisagara c’iwabo. Aca atunganya ivyo mu rugo rwiwe hanyuma ariyahura. Apfuye, bamuhamba hamwe na se.
24 Dawidi aja i Mahanayimu, Abusalomu na we ajabuka Yorodani n’Abisirayeli bose. 25 Abusalomu yari yatoye Amasa ngo abe umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu. Amasa yari umuhungu w’umugabo yitwa Yeteri, Umwisirayeli yari yarongoye Abigayili, umukobwa wa Nahashi kandi yavukana na Zeruwiya nyina wa Yowabu. 26 Abisirayeli na Abusalomu bacumbika mu gihugu c’i Gileyadi.
27 Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi yava i Raba h’Abamoni, na Makiri mwene Amiyeli yava i Lo Debari, na Baruzilayi Umugileyadi yava i Rogelimu 28 bazana ivyo gusasa, n’amabesani n’ibibumvye mw’ibumba. Bazana n’ingano na sayiri, amafu n’ingano zikaranze, ibiharage n’ubushaza, 29 ubuki, amavuta avuye mu mikuku y’inka, amaforomaji y’inka vya Dawidi n’abantu biwe ngo bafungure. Kuko bavuze bati: "Abantu barashonje, bararushe kandi baranyotewe kubera ubugaragwa."