1 Inyuma y’ivyo, Abusalomu yironkera umukogote n’amafarasi n’abantu mirongo itanu bagendera imbere yiwe. 2 Agahora avyuka mu gitondo ca kare agahagarara i ruhande y’inzira ija kw’irembo ry’igisagara. Hagira umuntu aharengana afise ikimubabaje agiye kubaza i bwami, Abusalomu agaca amuhamagara ati: "Uva mu gisagara ikihe?" Na we akishura ati: "Umusavyi wawe ndi uwo mu muryango w’Abisirayeli uyu n’uyu." 3 Maze Abusalomu agaca amubwira ati: "Ehe raba, ivyo uvuga birumvikana kandi uri mu kuri, ariko umwami nta muntu afise wo kubumviriza." 4 Maze Abusalomu agaca yongerako ati: "Ese icari kumpa nkaba umucamanza muri iki gihugu! Umuntu wese afise ivyo arega canke ico apfa na mugenziwe yociye aza iwanje nanje nkamutunganiriza neza."
5 Vyongeye, igihe cose umuntu yamwegera akamwunamira, Abusalomu yaca amufata ukuboko akamugumbira. 6 Abusalomu agakorera ivyo umuntu wese wo mu Bisirayeli agiye gusaba gutunganirizwa ku mwami, gutyo amera nk’uwutwaye imitima Abisirayeli bose, arayigarurira.
7 Haheze imyaka ine, Abusalomu abwira umwami ati: "Ndagusavye undekure ngende i Heburoni gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho. 8 Igihe umusavyi wawe nari i Geshuri muri Siriya, nararahiye nti: Uhoraho niyansubiza i Yerusalemu, nzomushimirira i Heburoni."
9 Umwami aravuga ati: "Genda amahoro." Nuko aja i Heburoni.
10 Maze ari ngaho, Abusalomu aca arungika abantu mu mpisho mu miryango yose y’Abisirayeli kubabwira ngo: "Nimwumva inzamba zivuze, muce muvuga muti: ‘Abusalomu ni umwami yimikiwe i Heburoni.’ " 11 Abusalomu yari yaherekejwe n’abantu amajana abiri kuva i Yerusalemu. Bari batumiwe nk’abatumire gusa, bagenda batazi na kimwe mu biriko birategurwa. 12 Igihe Abusalomu yariko aratanga ibimazi, atumako na Ahitofeli Umunyagiloni, umujenama wa Dawidi, ngo ave mu gisagara ca Gilo aho yaba aze. Nuko abifatanya na Abusalomu bakomeza kuba benshi kandi uwo mugambi wiwe ushishikara gukomera.
13 Haza umuntu i Yerusalemu azanye inkuru, abwira Dawidi ati: "Imitima y’Abisirayeli bose iri kumwe na Abusalomu mu nama yo kugukura."
14 Nuko Dawidi abwira abishikira biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu ati: "Nimuze duhunge ahandi ho nta n’umwe muri twebwe akira inkota ya Abusalomu. Dutegerezwa kuva ngaha ubu nyene, kuko atari uko aradusanga hano aduteze ivyago vyinshi kandi yicishe inkota abari muri iki gisagara bose."
15 Ba bishikira baramwishura bati: "Abasavyi bawe turiteguye gukora ico umwami ahitamwo cose."
16 Umwami asohokana n’abo mu rugo rwiwe bose baramukurikira; ariko asiga incoreke icumi ngo zisigare ziritaho ikirimba. 17 Nuko Umwami aragenda, ari kumwe n’abantu bamukurikiye, bahagarara ku nzu ya nyuma y’igisagara. 18 Ingabo za Dawidi zose zica imbere yiwe, Abakereti n’Abapeleti bacungera ubuzima bw’umwami n’abandi amajana atandatu b’Abagati bari babanye na we kuva i Gati baja imbere yiwe.
19 Umwami abwira Itayi Umugati ati: "Ni kuki ujanye natwe? Isubirire inyuma ugumane n’umwami Abusalomu. Wewe uri inyambukira, wahunze uva mu gihugu c’iwanyu. 20 Waje ejobundi. None uwu musi ntume wangarana natwe, ko ntazi iyo ndiko ndaja? Subira inyuma, ujane n’ab’iwanyu bose. Ukugira neza n’ubwizigirwa vy’Uhoraho bibane namwe."
21 Ariko Itayi yishura umwami ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ndahiye na wewe nyene umwami, aho umwami wanje azoba ni ho nanje nzoba, ari ugupfa canke ugukira."
22 Dawidi abwira Itayi ati: "Ni vyiza hogi bandanya tugende." Nuko Itayi Umugati aragenda ajana n’abantu bari kumwe na we n’imiryango bari kumwe.
23 Abantu bose bariko bararira baboroga babonye abantu babacako bagenda. Umwami na we nyene ajabuka umwonga wa Kidironi, kandi n’abantu bose bamukondorera inyuma bagenda berekeye mu bugaragwa.
24 Sadoki na we nyene n’Abalewi bose bari kumwe na we, bateruye Isandugu y’Isezerano y’Imana. Bashira ya Sandugu y’Imana ngaho, maze Abiyatari atanga ibimazi kugeza abantu bose bahejeje kuva mu gisagara.
25 Nuko umwami abwira Sadoki ati: "Subiza iyo Sandugu y’Imana mu gisagara. Uhoraho ninaba ndamuhimbaye, azongarukana ampe gusubira kuyibona n’ihema ryayo. 26 Ariko niyavuga ati: ‘ntukimpimbaye,’ na ho nyene nditeguye; nankorere ivyo abona ko bimbereye vyose."
27 Umwami yongera kubwira Sadoki umuherezi ati: "Mbega wabitahuye? Subira mu gisagara amahoro mwe na Abiyatari n’umuhungu wawe Ahimazi hamwe na Yonatani mwene Abiyatari. Wewe na Abiyatari mujane n’abahungu banyu bompi. 28 Nanje, nzorindirira mu biyaya vyo kuri Yorodani aho ubugaragwa butangurira gushika aho nzoronkera amakuru mundungikiye." 29 Nuko Sadoki na Abiyatari batwara ya Sandugu y’Imana i Yerusalemu baca bagumayo.
30 Ariko Dawidi wewe aguma agenda aduga Umusozi wa Elayono, agenda ararira ingenda; agenda yitwikiriye mu maso kandi ata birato yambaye. Abo bari kumwe na bo nyene bitwikira mu maso bagenda bararira uko baduga. 31 Ico gihe babwira Dawidi bati: "Ahitofeli na we nyene ari mu bagumutsi, ari kumwe na Abusalomu." Maze Dawidi aca arasenga ati: "Yewe Uhoraho, hindura ubupfu inama ya Ahitofeli."
32 Dawidi ashitse ku gatwe k’umusozi, aho abantu bahora basengera Imana, Hushayi Umwaruki ni ho yari aje kumusanganira, yitabaguriyeko impuzu, yisize ivu mu mutwe. 33 Dawidi amubwira ati: "Niwajana nanje, uzombera umuzigo. 34 Ariko niwasubira mu gisagara ukabwira Abusalomu uti: ‘Nzoba umusavyi wawe mwami; nk’uko nahora ndi umusavyi wa so muri kahise, ni ko n’ubu nzoba umusavyi wawe,’ aho ni ho uzomfasha kwica inama za Ahitofeli. 35 Mbega ntuzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Uzobabwire ivyo uzokwumva vyose ku kirimba c’umwami. 36 Abahungu babo babiri, Ahimazi mwene Sadoki na Yonatani mwene Abiyatari, bari kumwe na bo. Uzobandungikire baze kumbwira ivyo wumvise vyose."
37 Nuko Hushayi umugenzi wa Dawidi ashika i Yerusalemu mu gihe Abusalomu yariko arinjira mu gisagara.