1 Iyo yari intango y’intambara yamaze igihe kirekire hagati y’abashigikiye ingoma ya Dawidi, n’abakomeje gushigikira ingoma ya Sawuli. Mu bihe vyakurikiye, Dawidi yakomeje kuguma akomera, ariko abo mu muryango wa Sawuli bobo baguma baba abanyantegenke.
2 Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni:
imfura yiwe ni Amunoni, nyina yari Ahinowamu w’i Yezireyeli;
3 uwa kabiri ni Kileyabu, nyina yari Abigayili umupfakazi wa Nabali w’i Karumeli;
uwa gatatu ni Abusalomu, nyina yari Mayaka umukobwa wa Talumayi umwami w’i Geshuri;
4 uwa kane ni Adoniya, nyina yari Hagiti;
uwa gatanu ni Shefatiya, nyina yari Abitali;
5 n’uwa gatandatu, Itureyamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Egula.
Abo ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni.
6 Muri ico gihe c’intambara hagati y’abagishigikiye ingoma ya Sawuli n’abashigikiye ingoma ya Dawidi, Abuneri agira ububasha bukomeye mu bari ku ruhande rwa Sawuli. 7 Sawuli yari afise incoreke yitwa Rizipa. Umusi umwe Ishibosheti yagiriza Abuneri, amubwira ati: "Ni kuki wubahuka kuryamana na Rizipa incoreke ya data, umukobwa wa Ayiya?"
8 Abuneri aca ashavuzwa cane n’uko Ishibosheti amwagirije, maze amwishura ati: "Mbega jewe ndi umutwe w’imbwa utembagaza uko wishakiye ku ruhande rw’Abayuda? Gushika uwu musi nabaye umwizigirwa mu nzu ya so Sawuli no mu muryango wiwe n’abagenzi biwe. Sinagutanze mu maboko ya Dawidi. Ariko uwu musi unyagirije icaha hamwe n’uwu mugore! 9 Imana ize ibimpore, kandi birushirije, nintashitsa kuri Dawidi ivyo Uhoraho yamusezeraniye, 10 ngiye gukura ingoma mu nzu ya Sawuli ndayihe Dawidi aganze Abisirayeli n’Abayuda kuva i Dani gushika i Berisheba." 11 Ishibosheti ntiyubahutse kugira irindi jambo abwira Abuneri, kuko yamutinya.
12 Maze Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi ati: "Mbega igihugu cose si rwawe? Emera tugiriranire isezerano, hanyuma nce ndagufasha kwigarurira Isirayeli yose."
13 Dawidi aravuga ati: "Ni vyiza. Ndemeye kugiriranira isezerano nawe. Mugabo, ntuze wigere uza ngo tubonane amaso mu yandi utanzaniye Mikali umukobwa wa Sawuli." 14 Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sawuli ati: "Mpa umugore wanje Mikali, uwo nakoye udukoba ijana tuvuye ku bitsinagabo vy’Abafilisitiya."
15 Nuko Ishibosheti atanga amategeko ko baja kumukura ku mugabo wiwe Palutiyeli mwene Layishi. 16 Ariko umugabo wiwe ajana na we, agenda araririra inyuma yiwe inzira yose gushika i Bahurimu. Maze Abuneri amubwira ati: "Subira i muhira!" Nuko aca asubira iwe.
17 Muri ico gihe, Abuneri aganira n’abakuru bo mu Bisirayeli ati: "Haheze igihe mwipfuza ko Dawidi yobabera umwami. 18 Ubu rero nimubishitse! Kuko Uhoraho yasezeraniye Dawidi ati: ‘Nzotabara abantu banje b’Abisirayeli nkoresheje umusavyi wanje Dawidi ndabakure mu maboko y’Abafilisitiya no mu maboko y’abansi babo bose.’ "
19 Abuneri avugana kandi n’Ababenyamini we ubwiwe. Maze aja i Heburoni kubwira Dawidi ivyo Abisirayeli bose n’ab’inzu ya Benyamini bagomba gukora. 20 Igihe Abuneri yashika kwa Dawidi i Heburoni, ari kumwe n’abantu biwe mirongo ibiri, Dawidi yamuteguriye amazimano hamwe n’abo bantu biwe. 21 Nuko Abuneri abwira Dawidi ati: "Reka ngende nihuta nkoranye Abisirayeli bose ku bwa databuja umwami, kugira ngo mugiriranire isezerano na bo, no kugira ngo uganze aho hose umutima wawe ushaka." Nuko Dawidi asezera Abuneri agenda amahoro.
22 Haheze akanya abantu ba Dawidi na Yowabu baratahuka bavuye ku rugamba baza bazanye ivyo basahuye vyinshi. Ariko Abuneri ntiyari akiri kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko Dawidi yari yamusezeye kandi yagiye amahoro. 23 Yowabu n’abasoda bari kumwe na we bashitse, bamubwira ko Abuneri mwene Neri yaje kubonana n’umwami kandi ko umwami yamurungitse akagenda amahoro.
24 Nuko Yowabu aja kuraba umwami aramubwira ati: "Wakoze ibiki? Abuneri yaje, hanyuma umurungika amahoro, aragenda? 25 Wewe urazi Abuneri mwene Neri. Nta kindi cari kimuzanye atari ukukubesha no gusuma amakuru kugira ngo amenye inzira zawe zose n’ivyo uriko urakora vyose."
26 Yowabu aca avana na Dawidi, atuma intumwa kuri Abuneri, bamugarurira kw’iriba ry’i Sira. Ariko Dawidi ntiyabimenya. 27 Maze Abuneri agarutse i Heburoni, Yowabu amutwara ku ruhande inyuma y’urugi rw’igisagara nk’uwugomba kumwihereranya. Mu ntumbero yo guhora amaraso ya murumunawe Asaheli, Yowabu aca amucumita inkota mu nda, aca arapfa.
28 Mu nyuma Dawidi avyumvise, aca avuga ati: "Jewe n’ubwami bwanje turera imbere y’Uhoraho ku bw’ayo maraso ya Abuneri mwene Neri. 29 Amaraso yiwe aze aje ku mutwe wa Yowabu no ku mutwe w’inzu ya se yose! Mu nzu ya Yowabu ntihaze higere habura umunyamibembe canke uwugwaye ibinyoro canke uwugendera ku kibando canke uwicwa n’inkota canke utagira ico arya."
30 (Yowabu n’uwo bavukana Abishayi bishe Abuneri kuko yari yarishe murumuna wabo Asaheli mu ntambara y’i Gibeyoni.)
31 Nuko Dawidi abwira Yowabu n’abantu bose bari kumwe na we ati: "Nimwitabagurireko impuzu mwambare amagunira muririre Abuneri." Umwami Dawidi ubwiwe agendera inyuma y’umuvyimba. 32 Bahamba Abuneri i Heburoni, kandi umwami aborogera cane ku mva ya Abuneri. N’abantu bose bararira.
33 Umwami aririmba iyi ndirimbo yo gucura intimba ati:
"Mbega Abuneri yari akwiye gupfa nk’uko abagarariji bapfa?
34 Amaboko yawe ntiyari aboshwe,
n’amaguru yawe ntiyagira iminyororo.
Yapfuye nk’uko umuntu agwa imbere y’abanyakibi."
Kandi n’abantu bose baramuririra.
35 Nuko baraza bose binginga Dawidi ngo agire ico arya kuko hari hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, avuga ati: "Imana irakabimpanira, mbere birushirije, ninagira ico ntamira, waba umukate canke ikindi cose, izuba ritararenga!"
36 Abantu bose baravyumva kandi birabahimbara; mbere ikintu cose umwami yakora carabahimbara. 37 Nuko kuri uwo musi abantu bose n’Abisirayeli bamenya ko umwami ata ruhara yagize mu kwicwa kwa Abuneri mwene Neri.
38 Maze umwami abwira abantu biwe ati: "Mbega ntimubona ko uwu musi mu Bisirayeli hapfuye umugabisha, umuntu ahambaye? 39 Kandi uwu musi, naho ndi uwimikishijwe amavuta, ndi umunyantegenke, kandi aba bahungu ba Zeruwiya bandusha inkomezi. Uhoraho aze yishure uwakoze ibi, ibihuye n’ikibi yakoze!"