1 Ku ngoma ya Dawidi, haba inzara imara imyaka itatu yikurikiranya; maze Dawidi arondera mu nyonga h’Uhoraho. Uhoraho aravuga ati: "Ni kubera Sawuli n’inzu yiwe basheshe amaraso, mu kwica Abagibeyoni."
2 Umwami ahamagaza Abagibeyoni avugana na bo. (Abo Bagibeyoni ntibari Abisirayeli ariko bari amasigarira y’Abamori. Abisirayeli bari barabarahiye ko batazobica, ariko Sawuli kubera ishaka yari afitiye Abisirayeli n’Abayuda yagerageje kubahonya bose.) 3 Dawidi abaza Abagibeyoni ati: "Nobakorera iki? Nokosora gute amakosa yakozwe kugira ngo muhezagire umugabane w’Uhoraho?"
4 Abagibeyoni baramwishura bati: "Ifeza canke inzahabu ntizokuraho iyo ngorane hagati yacu n’umuryango wa Sawuli kandi nta burenganzira dufise bwo kwica umuntu n’umwe mu Bisirayeli."
Dawidi arababaza ati: "None mugomba ko ndabakorera iki?"
5 Bishura umwami bati: "Sawuli yagomba kuduherengeteza ngo ntihasigare n’umwe kandi ntihabe hakiri ahantu na hamwe turangwa mu Bwisirayeli hose. 6 None duhe abagabo indwi bo mu bamukomokako, tubice tubarambike imbere y’Uhoraho i Gibeya h’i Sawuli, ku musozi watoranijwe n’Uhoraho."
Nuko umwami aravuga ati: "Ndababaha."
7 Umwami akingira Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sawuli, ku bwa ya ndahiro Dawidi yarahira Yonatani imbere y’Uhoraho. 8 Ariko umwami atanga abahungu babiri ba Sawuli ari bo Arumoni na Mefibosheti, yavyaranye na Rizipa umukobwa wa Ayiya hamwe n’abahungu batanu ba Merabu umukobwa wa Sawuli, abo yari yavyaranye na Adiriyeli mwene Baruzilayi Umumeholati. 9 Abaha Abagibeyoni, na bo barabica babarambika imbere y’Uhoraho. Abo uko bari indwi bapfira rimwe; bishwe mu misi ya mbere y’iyimbura, bagitangura kwimbura sayiri.
10 Rizipa umukobwa wa Ayiya afata amagunira ayubakamwo urusago ku gitandara. Kuva mu ntango z’ukwimbura gushika imvura ikorotse kuri ya mivyimba, ntiyemerera inyoni zo mu kirere kuyikorako ku murango canke ibikoko vyo mw’ishamba mw’ijoro. 11 Dawidi yumvise ivyo Rizipa umukobwa wa Ayiya akaba kandi incoreke ya Sawuli yakoze, 12 aragenda aja gusaba ab’i Yabeshi Gileyadi amagufa ya Sawuli na Yonatani. (Igihe Abafilisitiya bica Sawuli na Yonatani ku musozi Gilibowa, abantu b’i Yabeshi Gileyadi bagiye binyegeje bafata imivyimba yabo, bayikura ku mbuga y’ikoraniro i Beti-Shani aho Abafilisitiya babamanitse.) 13 Dawidi akurayo amagufa ya Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani, hamwe n’aya ba bantu indwi bishwe kandi bakanikirwa n’Abagibeyoni.
14 Bahamba ya magufa ya Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani mu mva ya Kishi se wa Sawuli, yari i Zela mu Bubenyamini, kandi bakora ivyo umwami yategetse vyose. Inyuma y’ivyo, Imana yishura amasengesho basengeye igihugu.
15 Haba iyindi ntambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli. Dawidi amanukana n’abantu biwe kugwanya Abafilisitiya, maze araruha. 16 Kandi Ishubi Benobi, umwe mu bo mu ruvyaro rwa Rafa, icumu ryiwe ryapima shekeli amajana atatu kandi yari yambaye inkota nshasha. Yari asugereje Dawidi agomba kumwica. 17 Ariko Abishayi mwene Zeruwiya aza gutabara Dawidi; yica uwo Mufilisitiya. Maze abantu ba Dawidi bararahira umwami, bavuga bati: "Ntuzosubira na rimwe kujana natwe mu ntambara, kugira ngo itara rya Isirayeli ntirizime."
18 Hanyuma y’ivyo, haba iyindi ntambara n’Abafilisitiya ibera i Gobu. Muri ico gihe Sibekayi Umuhushati yica Safi, umwe wo mu ruvyaro rwa Rafa.
19 Mu yindi ntambara yabereye i Gobu bagwanya Abafilisitiya, Eluhanani mwene Yayare-Oregimu w’i Betelehemu yica mwenewabo wa Goliyati w’i Gati, uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’umuhini.
20 Kandi mu yindi ntambara yabereye i Gati, hari umugabo munini cane yari afise intoke zitandatu ku kiganza cose n’amano atandatu ku kirenge cose; vyose hamwe vyari mirongo ibiri na bine. Na we nyene yakomoka kuri Rafa. 21 Atanguye gucokora Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeya, yavukana na Dawidi, aramwica.
22 Abo bose uko ari bane bakomoka kuri Rafa w’i Gati, maze bicwa na Dawidi n’abantu biwe.