Publicidade

2 Samuel 20

Sheba agarariza Dawidi

1 I Gilugali hari umuntu w’imburakimazi yitwa Sheba mwene Bikuri, Umubenyamini. Avuza inzamba arasemerera ati:

"Nta mugabane dufise kuri Dawidi,

nta mugabane kuri mwene Isayi!

Yemwe Bisirayeli, umuntu wese niyigire iwe!"

2 Nuko Abisirayeli bava inyuma ya Dawidi bakurikira Sheba mwene Bikuri. Ariko Abayuda baguma inyuma y’umwami wabo kuva kuri Yorodani gushika i Yerusalemu.

3 Dawidi asubiye ku kirimba iwe i Yerusalemu, afata za ncoreke icumi yari yasize ngo basigarane ikirimba abashira mu nzu barindirwamwo. Abategekaniriza ivyo bakeneye vyose, ariko ntiyasubira kuryamana na bo. Barindirwa ngaho gushika bapfuye, babaho nk’abapfakazi.

4 Nuko umwami abwira Amasa ati: "Tumako abantu b’i Buyuda baze aho ndi bitarenze imisi itatu, kandi nawe ubwawe uzobe ari ho uri." 5 Ariko Amasa agiye guhamagara Abayuda, amarayo umwanya munini uruta uwo umwami yari yamuhaye.

6 Dawidi abwira Abishayi ati: "Ubu Sheba mwene Bikuri azotugirira ibibi biruta ivyo Abusalomu yatugiriye. Jana n’abantu ba shobuja umukurikire, kugira ngo ntahave yinjira mu bisagara bizitijwe inzitiro akadusiga." 7 Nuko ingabo za Yowabu n’Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose barasohoka barongowe na Abishayi. Bava i Yerusalemu bakurikira Sheba mwene Bikuri.

8 Bakiri ku gitandara kinini c’i Gibeyoni, Amasa aza kubasanganira. Yowabu yari yambaye umwambaro wiwe w’intambara arenzako umukanda kw’itako ashirako n’inkota iri mu rwubati rwayo. Maze ariko aragenda kuramutsa Amasa amera nk’usokora inkota yiwe, iva mu rwubati.

9 Yowabu abwira Amasa ati: "Amakuru maki ga muvukanyi?" Nuko Yowabu afata Amasa ku bwanwa n’ukuboko kwiwe kw’i buryo aramugumbira. 10 Amasa ntiyari yabonye ko Yowabu yafatishije inkota ukuboko kw’i bubamfu, maze Yowabu aca ayimucumita mu nda amara yiwe aseseka hasi. Ubwo nyene Amasa aca aracikana, Yowabu atiriwe arongera kumucumita. Yowabu n’umuvukanyi wiwe Abishayi baca babandanya gukurikira Sheba mwene Bikuri.

11 Umwe nu ngabo zari kumwe na Yowabu ahagarara i ruhande ya Amasa abwira ingabo za Amasa ati: "Uwukunda Yowabu wese, uwuri ku ruhande rwa Dawidi wese, nakurikire Yowabu!" 12 Amasa we yari arambaraye mu bitenga vy’amaraso yiwe mu nzira, maze wa muntu abonye ko ingabo zose zihagera zigahagarara, aca akwega umuvyimba awukura mu nzira awushira mu mirima awurenzako impuzu. 13 Amasa amaze gukurwa mu nzira, ingabo zose zijana na Yowabu bakurikira Sheba mwene Bikuri.

14 Sheba aca mu miryango y’Abisirayeli yose mbere ashika n’i Abeli-Beti-Mayaka no mu ntara yose y’Ababikiriti, baca barakorana bamuja inyuma. 15 Ingabo zose zari kumwe na Yowabu zishitse basugereza Sheba ari mu gisagara c’i Abeli-Beti-Mayaka. Baca barunda ikirundo c’ivu cegamiye ku ruhande rw’inyuma y’uruzitiro. Bakiriko barabomora urwo ruzitiro ngo barusenyure, 16 umugore umwe w’umunyabwenge ahamagara ari mu gisagara ati: "Umviriza! Umviriza! Mbwirira Yowabu aze hano ico ndamubwira." 17 Na we aja iyo ari, na we aramubaza ati: "Ni wewe Yowabu?"

Aramwishura ati: "Ni jewe."

Wa mugore amubwira ati: "Umviriza ico umusavyikazi wawe ngomba kukubwira."

Amwishura ati: "Ndaguteze amatwi."

18 Wa mugore arabandanya ati: "Kera bahora bavuga bati, ‘ugomba kumara ibihari, baza abo mu gisagara Abeli,’ kandi ni ko bakora. 19 Ndi umunyamahoro n’umwizigirwa muri Isirayeli. Ariko muriko mugerageza gusenyura igisagara gihambaye muri Isirayeli. None ni iki gituma mugomba kuyongobeza umugabane w’Uhoraho?"

20 Yowabu aramwishura ati: "Ntibikabe ko norota nsambura igisagara canyu! 21 Iyo si yo ntumbero. Umuntu yitwa Sheba mwene Bikuri, ava mu misozi y’Abefurayimu, yahagurukiye kugwanya umwami Dawidi. Nimuduhe uwo mugabo, natwe duca tuva muri iki gisagara."

Wa mugore abwira Yowabu ati: "Umutwe wiwe barawuguterera bawucishije hejuru y’uruzitiro."

22 Nuko wa mugore w’umunyabwenge aja ku bantu b’iwabo ajanye inama yiwe y’ubwenge, baca bafata Sheba mwene Bikuri bamuca umutwe bawuterera Yowabu. Nuko aca avuza inzamba, abantu biwe baca bava muri ico gisagara, umwe wese yitahira iwe. Yowabu na we aca asubira i bwami i Yerusalemu.

Abishikira ba Dawidi

23 Yowabu ni we yatwara ingabo zose z’Abisirayeli;

Benaya mwene Yehoyada ni we yatwara Abakereti n’Abapeleti;

24 Adoramu yari ajejwe abakozi bo ku bikebere;

Yehoshafati mwene Ahiludi yari umwanditsi w’ivyaja biraba;

25 Sheva yari umwanditsi;

Sadoki na Abiyatari bari abaherezi;

26 maze Ira Umuyayiri na we yari umuherezi wa Dawidi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-