Publicidade

2 Samuel 9

Dawidi na Mefibosheti

1 Dawidi arabaza ati: "Mbega hoba hari umuntu n’umwe agisigaye mu bo mu muryango wa Sawuli kugira ngo ndamugirire neza kubera Yonatani?"

2 Hariho umusuku mu bakozi ba Sawuli yitwa Ziba. Baramuhamagara ngo arenguke imbere ya Dawidi, maze umwami aramubaza ati: "Ni wewe Ziba?"

Aramwishura ati: "Umusavyi wawe ndi hano."

3 Umwami aramubaza ati: "Nta n’umwe yoba agisigaye mu bantu bo mu muryango wa Sawuli, noshobora kwereka ukugira neza kw’Imana?"

Ziba yishura umwami ati: "Hariho umuhungu wa Yonatani; amugaye amaguru yose."

4 Umwami amubaza ati: "Ari hehe?"

Ziba aramwishura ati: "Aba kwa Makiri mwene Amiyeli i Lo Debari."

5 Nuko umwami Dawidi asaba ko bamukura i Lo Debari, kwa Makiri mwene Amiyeli.

6 Mefibosheti mwene Yonatani, umuhungu wa Sawuli ashitse kwa Dawidi, aramwunamira amuha icubahiro.

Dawidi aravuga ati: "Mefibosheti!"

Aramwishura ati: "Ndi hano umusavyi wawe."

7 Dawidi amubwira ati: "Ntutinye, kuko nzokugirira neza kubera so Yonatani. Nzogukomorera ivyari ivya sogokuru wawe Sawuli, kandi uzohora usangira nanje ku meza yanje."

8 Mefibosheti arunama avuga ati: "Jewe umusavyi wawe ndi iki, aho unyitaho meze nk’imbwa ipfuye?"

9 Nuko umwami atumako Ziba, umusuku wa Sawuli, aramubwira ati: "Mpaye umwuzukuru wa shobuja ivyari ivya Sawuli n’umuryango wiwe. 10 Wewe n’abahungu bawe n’abagurano bawe muzomurimira mumuzanire ivyimburwa, kugira ngo umwuzukuru wa shobuja yamane ibikwiye. Kandi Mefibosheti, umwuzukuru wa shobuja, azokwama afungurira ku meza yanje." (Ico gihe Ziba yari afise abahungu icumi na batanu n’abagurano mirongo ibiri.)

11 Maze Ziba abwira umwami ati: "Umusavyi wawe nzokora ivyo databuja umwami avuze vyose." Nuko Mefibosheti afungurira ku meza ya Dawidi nk’umwe wo mu bana b’umwami.

12 Mefibosheti yari afise umuhungu yitwa Mika, kandi abo mu rugo kwa Ziba bose bari abagurano ba Mefibosheti. 13 Maze Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko imisi yose yafungura ku meza y’umwami, kandi yari amugaye amaguru yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-