1 Maze babwira Yowabu bati: "Umwami ariko ararira aborogera Abusalomu." 2 Kandi ingabo zose zumvise umubabaro w’umwami intsinzi bari baronse uwo musi ihinduka ikigandaro, kuko kuri uwo musi ingabo zari zumvise bavuga bati: "Umwami ababajwe n’umwana wiwe." 3 Ingabo zinjira mu gisagara nk’abiyiba nk’uko ingabo zomboka mu kwinjira kubera ibimaramare igihe bahunze mu ntambara. 4 Umwami yipfuka mu maso araboroga cane ati: "Ewe mwana wanje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje!"
5 Nuko Yowabu yinjira mu nzu aho umwami ari amubwira ati: "Uyu musi utetereje ingabo zose, zagukirije ubuzima n’ubw’abahungu bawe n’ubw’abakobwa bawe n’ubuzima bw’abagore bawe n’incoreke zawe. 6 Ukunda abakwanka ukanka abagukunda. Uyu musi uravyerekanye ko abakuru b’ingabo n’ingabo zose ata co bavuze imbere yawe. Ndabona ko wari kunezerwa iyo Abusalomu aba akiriho natwe twese twapfuye. 7 Nuko rero sohoka uremeshe ingabo. Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho ko nimba udasohotse, nta n’umwe aja gusigara ari inyuma yawe uwu musi. Kandi ivyo biraja kukubera bibi kurusha ivyago vyose vyakubayeko kuva mu buto bwawe gushika uwu musi."
8 Maze umwami arahaguruka avyagira ku ntebe yiwe yari kw’irembo. Babwira abantu bati: "Umwami avyagiye kw’irembo." Bose baca bakoranira imbere yiwe.
Muri ico gihe Abisirayeli bose bari kumwe na Abusalomu, bari bahunze umwe wese aja iwe.
9 Mu miryango yose y’Abisirayeli, abantu bariko baraharira bavuga bati: "Umwami yatubohoye adukura mu maboko y’abansi bacu; ni we yadukijije ukuboko kw’Abafilisitiya. Ariko ehe raba ubu yarahunze igihugu kubera Abusalomu; 10 kandi Abusalomu twari twasize amavuta ngo abe umwami wacu, yaguye ku rugamba. None ko ata co muvuga ku vyerekeye kugarukana umwami?"
11 Umwami Dawidi arungika ubu butumwa kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi ngo: "Mubaze abakurambere b’Abayuda muti: ‘Ni kuki mwoba abanyuma mu kugarukana umwami mu kirimba iwe, ko ibiriko biravugwa mu Bisirayeli bose vyashikiriye umwami aho ari? 12 Muri abavukanyi banje, akara kamwe n’amaraso amwe nanje. None ni igiki cotuma muba abanyuma kugarukana umwami?’ 13 Kandi mubwire Amasa muti: ‘Mbega nturi akara kamwe n’amaraso amwe na we? Imana ize ibimpore, kandi birushirije, nutaba umukuru w’ingabo ziwe mu gishingo ca Yowabu.’ "
14 Amajambo ya Dawidi yigarurira imitima y’Abayuda bose baca baba nk’umuntu umwe. Batumako umwami bati: "Garuka mwe n’abantu bawe bose." 15 Umwami aca aragaruka ashika ku nkombe za Yorodani.
Abayuda bari baje i Gilugali kugira ngo basanganire umwami bamujabutse Yorodani. 16 Shimeyi mwene Gera, Umubenyamini yaba i Bahurimu, arihuta amanukana n’Abayuda gusanganira umwami Dawidi. 17 Yari kumwe n’Ababenyamini igihumbi, hamwe na Ziba umuzezwabintu wo mu nzu ya Sawuli, n’abahungu biwe icumi na batanu n’abagurano mirongo ibiri. Baranyaruka baja kuri Yorodani, aho umwami yari ageze. 18 Baca barihuta kujabuka ngo baje kujabukana ab’inzu y’umwami no gukora ico yogomba cose.
Shimeyi mwene Gera ajabutse Yorodani, aca yikubita hasi yubama imbere y’umwami 19 aramubwira ati: "Icompa umwami ntamparureko icaha canje. Ntiwibuke ivyo umusavyi wawe nagucumuyeko igihe umwami wanje yava i Yerusalemu. Icompa umwami akavyirengagiza. 20 Kuko jewe umusavyi wawe nzi ko nacumuye, ariko uwu musi nabaye uwa mbere mu b’inzu ya Yosefu kumanuka gusanganira umwami wanje."
21 Maze Abishayi mwene Zeruwiya aravuga ati: "Shimeyi akwiye kwicwa, kubera yavumye uwo Uhoraho yimikishije amavuta."
22 Dawidi aramwishura ati: "Ivyo bibatwaye iki ga bene Zeruwiya? Ni kuki mumbereye nk’abangwanya? Mbega hari uwokwicwa uwu musi mu Bisirayeli? Mbega sinzi ko uwu musi ndi umwami w’Abisirayeli?" 23 Nuko umwami abwira Shimeyi ati: "Ntugipfuye." Maze umwami aramurahira.
24 Mefibosheti, umwuzukuru wa Sawuli, na we nyene aramanuka gusanganira umwami. Kuva umusi umwami yaviriye i Yerusalemu n’umusi yagarukiyeko amahoro, ntiyari bwakure ubwanwa canke ngo yoge ibirenge canke ngo amesure impuzu ziwe. 25 Igihe yava i Yerusalemu aja gusanganira umwami, umwami aramubaza ati: "Ni kuki utajanye nanje, ga Mefibosheti?"
26 Amwishura ati: "Mwami nyeningoma, kuko umusavyi wawe mugaye, nabwiye Ziba nti: ‘Ntegurira indogoba kugira ngo njane n’umwami.’ Ariko Ziba umugurano wanje yarambeshe. 27 Yaranambesheye jewe umusavyi wawe ku mwami wanje avuga ko nanse kuza. Ariko, wewe mwami wanje uri nk’umumarayika w’Imana; nuko rero nukore ikiguhimbaye cose. 28 Abo mu muryango wa sogokuru nta kindi bari bakwiye atari urupfu mu nyonga zawe, ariko wahaye umusavyi wawe ikibanza ku meza yawe. Mbega hari ikindi nosaba imbere y’umwami wanje?"
29 Umwami aramubwira ati: "Ni kuki uvuga vyinshi? Ntegetse ko wewe na Ziba mugabura imirima."
30 Mefibosheti abwira umwami ati: "Mureke atware vyose, igikuru ni uko umwami wanje agarutse amahoro."
31 Baruzilayi Umugileyadi na we aramanuka avuye i Rogelimu ngo ajabukane Yorodani n’umwami anamuherekeze asubiye iwe. 32 Uwo Baruzilayi yari ashaje cane, afise imyaka mirongo umunani. Ni we yagaburiye umwami igihe yari i Mahanayimu, kuko yari umutunzi cane. 33 Umwami abwira Baruzilayi ati: "Jabukana nanje uce ugumana nanje i Yerusalemu, nanje nzoguha ibikwiye vyose."
34 Ariko Baruzilayi arishura ati: "Mbega nsigaje imyaka ingahe yo kubaho, ku buryo nodugana nawe ga mwami i Yerusalemu? 35 Ubu maze imyaka mirongo umunani. Mbega ndacatandukanya ikibi n’iciza? Mbega umusavyi wawe ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe vyaba ivyokurya canke ivyo kunywa? Ndacumva amajwi y’abaririmvyi baba abagabo canke abagore? None ni igiki cotuma jewe umusavyi wawe ndakubera umutwaro ga mwami wanje nyeningoma? 36 Umusavyi wawe ndajabukana Yorodani nawe ndaguherekeze gatoya, ariko ni iki cotuma umwami ampa impembo ingana ityo? 37 Reka umusavyi wawe nisubirire inyuma, kugira ngo nze mpfire mu gisagara c’iwacu mpambwe i ruhande y’imva za data na mama. Ariko ng’uwu umusavyi wawe Kimuhamu. Reka ajabukane nawe mwami. Uze umukorere ibiguhimbaye vyose."
38 Umwami aravuga ati: "Kimuhamu arajabukana nanje, kandi nzomukorera ivyo ushaka vyose. Ivyo wipfuza vyose, nzobikora ku bwawe."
39 Nuko abantu bose bajabuka Yorodani, maze n’umwami arajabuka. Umwami agumbira Baruzilayi aramuhezagira, maze Baruzilayi asubira iwe.
40 Umwami amaze kujabuka hakurya i Gilugali, Kimuhami ajabukana na we. Ingabo zose z’Abayuda n’igice c’ingabo z’Abisirayeli baherekeza umwami.
41 Maze abantu bose b’Abisirayeli baza aho umwami ari, bitwarira abo mu muryango wa Yuda bati: "Ni kuki abavukanyi bacu b’Abayuda, batwivye umwami bakongera bakamujabukana Yorodani bamugarukanye hamwe n’ab’inzu yiwe bose, n’ingabo zose za Dawidi zari kumwe na we bonyene?"
42 Abantu bose b’Abayuda bishura Abisirayeli bati: "Twabikoze kuko umwami ari uwo mu muryango wacu wa hafi. None ni kuki bibashavuje? Hari ivyokurya vy’umwami twariye twenyene? Mbega hari ikintu na kimwe twatwaye ciwe ngo tukigire icacu?"
43 Nuko ingabo z’Abisirayeli zishura ingabo z’Abayuda ziti: "Dufise imigabane icumi ku mwami; kandi i ruhande y’ivyo, muri Dawidi dufise vyinshi kubarusha. None ni iki gituma mudukengera? Ntituri aba mbere batanguye kuvuga ivyo kugarukana umwami wacu?"
Ariko abantu b’i Buyuda bishurana amajambo akaze kurusha Abisirayeli.