Publicidade

2 Samuel 8

Ukunesha kwa Dawidi

1 Inyuma y’ivyo, Dawidi atera Abafilisitiya arabanesha, abagira abagurano biwe mu kubanyaga igisagara kinini citwa Gati.

2 Dawidi arongera anesha Abanyamowabu. Abaryamika hasi ku murongo abapimisha umugozi; aca yica ibice bibiri vya bitatu vy’abaryamye, asigaza ica gatatu gusa. Nuko Abanyamowabu atishe abagira abagurano biwe bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba.

3 Dawidi yongera anesha Hadadezeri mwene Rehobu umwami w’i Zoba, igihe yagomba kugarukana icibutso ciwe mu karere k’uruzi Efurate. 4 Dawidi amunyaga imikogote igihumbi, abayigenderamwo ibihumbi indwi n’abasoda bagwanira ku maguru ibihumbi mirongo ibiri. Acagagura ibinono vy’amafarasi akwega iyo mikogote, asigaza ayo gukwega imikogote ijana gusa.

5 Maze Abaramu b’i Damasiko baja gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamwo abantu ibihumbi mirongo ibiri na bibiri. 6 Aca ashinga ibirindiro i Damasiko ku mugwa mukuru w’i Siriya kandi Abaramu bacika abagurano biwe, bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba. Uhoraho yama aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.

7 Dawidi afata inkinzo z’inzahabu zari iz’intwazangabo za Hadadezeri azijana i Yerusalemu. 8 Mu bisagara vy’i Beta n’i Berotayi vyari ivya Hadadezeri, umwami Dawidi ahanyaga ubutare bwinshi bw’umwakaka.

9 Maze Towi umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri, 10 aca arungika umuhungu wiwe Yoramu ku mwami Dawidi, kumuramutsa no kumukeza kuko yanesheje Hadadezeri, yahora yama amugwanya. Yoramu agenda ajanye ibikoresho vy’ifeza, vy’inzahabu n’ivy’umwakaka.

11 Umwami Dawidi aca yegurira Uhoraho ivyo bikoresho vyose, nk’uko yari yabigize ku nzahabu n’ifeza yari yakuye mu bihugu vyose yari yaranesheje ari vyo 12 vy’Abanyedomu, Abanyamowabu, Abamoni, Abafilisitiya, n’Abamaleki. Atanga kandi n’iminyago yose yari yakuye kwa Hadadezeri mwene Rehobu umwami w’i Zoba.

13 Maze Dawidi aba rurangiranwa avuye kunesha Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu.

14 Ashira ibirindiro mu gihugu ca Edomu, mu gihugu cose ahashira ibirindiro, kandi Abanyedomu bose baca baba abagurano ba Dawidi. Uhoraho yama aha intsinzi Dawidi aho yaja hose.

Abakuru bo ku ngoma ya Dawidi

15 Dawidi aganza Abisirayeli bose, akora ibibereye n’ibigororotse ku bantu biwe bose. 16 Yowabu mwene Zeruwiya ni we yari umukuru w’ingabo; Yehoshafati mwene Ahiludi na we yari umwanditsi w’ivyaja biraba; 17 Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi; Seraya yari umunyamabanga; 18 Benaya mwene Yehoyada yari ajejwe Abakereti n’Abapeleti; kandi abahungu ba Dawidi bari abarongozi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-