Publicidade

2 Samuel 13

Amunoni yonona Tamari

1 Inyuma y’ivyo, Amunoni mwene Dawidi akunda cane Tamari, umukobwa mwiza bavukana kandi akaba mushiki wa Abusalomu uwundi muhungu wa Dawidi.

2 Amunoni agira ivyipfuzo vyinshi bimurengeye gushika aho amera nk’uwugwaye kubera ivyo vyipfuzo. Kubera yuko Tamari atari bwigere aryamana n’umugabo, Amunoni abona ko ata kuntu ashobora kumuronka.

3 Ariko Amunoni yari afise umugenzi yitwa Yonadabu mwene Shimeya, umuvukanyi wa Dawidi. Yonadabu yari umuntu aciye akenge. 4 Umusi umwe, abaza Amunoni ati: "Ni igiki gituma, wewe umwana w’umwami, uboneka wacitse intege uko imisi ihera? Ntiwobimbwira?"

Amunoni aramubwira ati: "Nkunda cane Tamari, mushiki wa Abusalomu umuvukanyi."

5 Yonadabu aca amubwira ati: "Reka ndakubwire uko ubigenza: genda uryame wigire nk’uwugwaye. Maze so niyaza kukuraba, uce umubwira uti: ‘Nshaka ko mushikanje Tamari yoza anzaniye ivyokurya. Abitegurire aho mbona hanyuma aheze abinyihere.’ "

6 Nuko Amunoni araryama yigira uwugwaye. Maze umwami aje kumuraba, Amunoni amubwira ati: "Nashaka ko mushikanje Tamari yoza agategurira udukate imbere yanje aho mbona, kugira ngo nshobore kuturya antamitse."

7 Dawidi atumako Tamari ku kirimba ati: "Genda ku nzu ya musazawe Amunoni umutegurire ico arya." 8 Maze Tamari aja kwa musazawe Amunoni, na we akaba yari aryamye. Atwara ifu, arayicumba, akora udukate mu maso yiwe aratwotsa. 9 Nuko afata isahani maze amuzanira twa dukate, ariko yanka kurya.

Amunoni avuga ati: "Sohora abari hano bose." Maze bose barasohoka. 10 Nuko Amunoni abwira Tamari ati: "Nzanira ivyo vyokurya ku buriri ubinyihere." Maze Tamari yakira twa dukate yari yateguye atuzanira musazawe Amunoni mu cumba yaryamamwo. 11 Ariko amuhereje ngo yakire arye, aca aramusumira aramufata amubwira ati: "Mushikanje Tamari, emera turyamane."

12 Aramwishura ati: "Oya, mwana wa data. Kandi ntumfate ku nguvu! Ikintu nk’ico ntigikwiye gukorwa mu Bisirayeli! Ntukore ikibi nk’ico. 13 Mbega noheza ivyo biteterwe nkabijana hehe? Mbere na wewe woba ubaye nk’umwe mu bipfamutima vyo muri Isirayeli. Ndakwinginze vugana n’umwami; kuko atokunyima ngo undongore." 14 Ariko ntiyamwumviriza, kandi kuko yamurusha inkomezi, amufata ku nguvu asambana na we.

15 Nuko Amunoni aca amwanka urunuka. Ndetse urwanko yamwanse rusumba urukundo yari yamukunze. Amunoni aca amubwira ati: "Va ngaha, sohoka!"

16 Tamari amwishura ati: "Oya reka kunyirukana, kuko woba ukoze ikindi kibi kiruta n’ico umaze kunkorera."

Ariko ntiyamwumviriza. 17 Ahamagara umukozi wiwe ati: "Sohora uwu mukobwa ave hano uce wugara urugi." 18 Nuko wa mukozi wiwe aca aramusohora, maze yugara urugi. Yari yambaye ikanzu nziza y’igiciro isharijwe amabara menshi, kuko ari ko abakobwa b’umwami batarigera baryamana n’abagabo bambara. 19 Tamari aca yisiga iminyota ku mutwe atabagura na ya kanzu y’amabara y’igiciro yari yambaye. Aca yikorera amaboko agenda araboroga inzira yose.

20 Musazawe Abusalomu aca amubwira ati: "Mbega Amunoni, musazawe yari kumwe nawe? Ihorere, mushikanje; ni musazawe. Ntubishireko umutima." Maze Tamari aca aja kuba mu nzu kwa musazawe Abusalomu, amera nk’umugore yahebwe.

21 Umwami Dawidi avyumvise, arashavura cane. 22 Abusalomu ntiyigera asubira kuvugisha ikintu na kimwe Amunoni, caba ciza canke kibi; yaramwanka cane kuko yononye mushikiwe Tamari.

Abusalomu yihora Amunoni

23 Imyaka ibiri iheze, mu gihe abamwa ubwoya bw’intama za Abusalomu bari i Bayali-Hazori hafi y’urugabano rwa Efurayimu, Abusalomu aca atumira abahungu b’umwami bose ngo baze mu musi mukuru. 24 Abusalomu ashikira umwami amubwira ati: "Umusavyi wawe naramutse nkoresha abamwa ubwoya bw’intama. Mbega umwami n’abanyacubahiro biwe bontera iteka ryo kuza kwifatanya nanje?"

25 Umwami aramwishura ati: "Oya mwana. Twese ntitwoza; twohava tukubera umuzigo." Naho Abusalomu yagumye amwinginga cane, ntiyamwemerera kugenda, ariko aramuhezagira.

26 Nuko Abusalomu aca avuga ati: "Ko bidashobotse, ndakwinginze undungikire umuvukanyi wanje Amunoni wewe aze tujane."

Umwami aramubaza ati: "Ni kuki ugomba ko ajana nawe?" 27 Ariko Abusalomu aramugobera cane, maze arateba aremera ko bajana na Amunoni n’abandi bahungu b’umwami bose.

28 Abusalomu aca atanga itegeko ku bantu biwe ati: "Umviriza! Murindire kugeza igihe Amunoni azoba amaze kunywa umuvinyu akaborerwa nca ndababwira nti: ‘Mwice,’ muce mumwica. Ntimutinye. Si jewe ndabibabwiye? Mukomere ntimutinye." 29 Nuko rero abantu ba Abusalomu baronse ikimenyetso baca bica Amunoni nk’uko Abusalomu yari yabategetse. Nuko abahungu b’umwami bose bava hasi, burira indogoba zabo bariruka barahunga.

30 Bakiri mu nzira, inkuru ishikira Dawidi ivuga iti: "Abusalomu yishe abahungu b’umwami bose; nta n’umwe muri bo yasigaye." 31 Umwami arahaguruka, yitabagurirako impuzu yicara hasi; maze abagendanyi biwe bahagarara i ruhande yiwe bitabaguriyeko impuzu zabo.

32 Ariko Yonadabu mwene Shimeya, uwo bavukana na Dawidi avuga ati: "Umwami wanje ntiyibwire ko bishe abaganwa bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye. Ivyo ni ivyo Abusalomu yari yaragize umugambi kuva umusi Amunoni yonona mushikiwe Tamari. 33 Nyakwubahwa mwami ntushire umutima kuri iyo nkuru ivuga ko abahungu b’umwami bose bapfuye. Ni Amunoni wenyene yapfuye."

34 Ariko Abusalomu we, yari yahunze.

Hanyuma umuteramyi ari ku rugo rw’i Yerusalemu agize gutya, abona abantu benshi bariko baraza bamanuka umusozi mw’ibarabara riva mu burengero. Uwo muteramyi ariruka abibwira umwami ati: "Ndabonye abantu baje bava i Horonayimu, bari mu mbavu z’umusozi."

35 Yonadabu aca abwira umwami ati: "Ehe, abahungu b’umwami barashitse; bibaye nk’uko umusavyi wawe yabivuze."

36 Agiheza kuvuga, abahungu b’umwami binjira baboroga cane. Umwami na we nyene, n’abakozi biwe, barirana na bo cane.

37 Abusalomu na we arahunga aja kwa sekuru Talumayi mwene Amihudi, umwami w’i Geshuri. Maze Dawidi agandarira umuhungu wiwe Amunoni imisi myinshi.

38 Abusalomu na we arahunga aja i Geshuri, amarayo imyaka itatu. 39 Ariko umwami Dawidi amaze kwirurwa umubabaro wa Amunoni atangura kwiyumvira ingene yosubiza hamwe na Abusalomu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-