Mube abera
13 Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa. 14 Mubeho mwumvira Imana nk’abana bagamburuka. Ntimugasubire kubaho muhaza ivyipfuzo bibi vyabaganza mu gihe mwari mu butamenya. 15 Ahubwo, nk’uko Imana yabahamagaye ari iyera, namwe mube abera mu ngeso zanyu zose, 16 kuko n’Ivyanditswe bivuga ngo: "Mube abera nk’uko nanje ndi uwera."1:16 Abalewi 11:44,45; 19:2