Publicidade

Tiago 5

Imburi ku batunzi bacinyiza abandi

1 Ubu na ho nimunyumve, yemwe batunzi, murire muboroge kubera ivyago bigiye kubashikako. 2 Ubutunzi bwanyu buraboze, n’impuzu zanyu ziriwe n’umuswa. 3 Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma. 4 Ehe impembo z’abakozi bo mu mirima yanyu mwanse guhemba ziriko ziratakamba zibarega. Ugutaka kw’abimbuzi b’imirima yanyu kwashitse mu matwi y’Uhoraho Mushoboravyose. 5 Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa. 6 Mwaratsindishije abagororotsi murongera murabica, kuko badashobora no kubagwanya.

Ukwihanganira imibabaro

7 Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi. 8 Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi. 9 Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.

10 Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana. 11 Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.

12 Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: "Ego" canke "Oya," ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.

Isengesho ririmwo ukwizera

13 Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira. 14 Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami. 15 Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa. 16 Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.

17 Eliya yari umuntu nkatwe. Yasenze yinginga kugira ngo imvura ntigwe, kandi ntiyaguye muri ico gihugu kumara imyaka itatu n’igice. 18 Yongera gusenga, maze ijuru rirekura imvura, isi na yo izana ivyimburwa vyayo.

19 Bene Data, nihaba hariho uwataye inzira y’ukuri maze uwundi akamugarukana, 20 mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.

Veja também

Publicidade
Tiago
Ver todos os capítulos de Tiago
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-