1 Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize. 2 Kuko murazi ivyo twabigishije turi mu bubasha bw’Umwami Yesu.
3 Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi. 4 Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe abaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka, 5 mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana. 6 Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako. 7 Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe. 8 Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.
9 Naho ku bijanye n’urukundo mu bavukana, ntitwokwirirwa turabibandikirako vyinshi, kuko Imana yo nyene yabiyigishirije ingene mukwiye gukundana. 10 Kandi ni ko biri, urwo rukundo mwararwerekanye kuri bene Data bose b’i Makedoniya. Bene Data, turabinginga, ngo murushirizeho kwerekana urukundo nk’urwo. 11 Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye. 12 Kubaho kwanyu gutyo mu buzima bwa misi yose, bizotuma abo hanze batizera babubaha, kandi mwidegemvye imbere y’umuntu wese.
13 Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku bapfuye bizeye, kugira ngo ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro. 14 Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye bari muri we. 15 Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira. 16 Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. 17 Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira. 18 Nuko muremeshanye n’ayo majambo.