Pular para o conteúdo
Publicidade

Hagayi 1

Hagayi atera intege abantu ngo bubake Ingoro yUhoraho

1 Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatandatu, ijambo ryUhoraho ryaciye ku wuvugishwa n’Imana Hagayi ribwirwa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, na Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru.

2 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Aba bantu bavuga bati: Igihe ntikiragera co gusubira kwubaka Ingoro yUhoraho.’ "

3 Maze Ijambo ryUhoraho ryongera kuza riciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi riti: 4 "Mbega iki ni igihe c’uko mwebwe mwibera mu mazu yanyu asharije kandi yubatse neza, ariko Ingoro yanje yoyo ikaguma ari umusaka?"

5 None rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Nimwiyumvire neza ku nzira zanyu. 6 Mwateye vyinshi, ariko mwimbuye bike. Murarya, ariko ntimwigera muhaga. Muranywa, ariko ntimwigera mushira inyota. Murambara, ariko ntimushira imbeho. Muronka imishahara mukayishira mu mifuko itobotse."

7 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Nimugenzure inzira zanyu. 8 Nimuduge mu misozi muzane ibiti maze mwubake Ingoro yanje, kugira ngo inezereze kandi impeshe icubahiro," ni ko Uhoraho avuze. 9 "Mwari mwiteze kwimbura vyinshi, ariko raba, mwimbuye bike. Ivyo mwashikanye mu ngo ntuma bikeha. Ni kubera iki?" ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza. "Ni kubera inzu yanje, yagumye ari umusaka, mu gihe umwe wese muri mwebwe yitwararitse kwubaka neza inzu yiwe. 10 Nuko rero, kubera mwebwe, ikirere carabimye urume, eka n’isi yarabimye ivyimburwa. 11 Nahamagaye uruzuba ngo ruze ku mirima, ku misozi, ku ngano, ku mizabibu, ku mavuta ya elayo ku bindi vyimburwa vyose isi itanga, ku bantu no ku bitungano, no ku vyo mwaruhiye vyose."

12 Nuko Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’amasigarira yose, bumvira ijwi ryUhoraho Imana yabo n’ubutumwa bw’uwavugishwa n’Imana Hagayi, nk’uko Uhoraho Imana yabo yari yamutumye. Abantu bubaha Uhoraho.

13 Maze Hagayi, intumwa yUhoraho, ashikiriza abantu ubu butumwa buvuye kUhoraho buvuga ngo: "Ndi kumwe namwe," ni ko Uhoraho avuze. 14 Nuko Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, n’umutima wa Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’umutima w’amasigarira yo mu bantu. Baraza batangura kwubaka Ingoro yUhoraho Mushoboravyose, Imana yabo, 15 ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira gatandatu.

Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma,

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também

Ageu
Ver todos os capítulos de Ageu