14 Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, 15 ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro. 16 Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. 17 Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.
Publicidade