Publicidade

Filipenses 1

1 Twebwe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu,

Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’Ishengero n’abadiyakoni bose:

2 Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.

Amasengesho Pawulo asengera ab’i Filipi

3 Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse. 4 Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero 5 kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu. 6 Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.

7 Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga. 8 Imana ni yo yombera icabona c’ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.

9 Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura, 10 kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira. 11 Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.

Mu buryo bwose Kristo aravugwa

12 Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere. 13 Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo. 14 Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga ijambo ry’Imana bashize ubwoba.

15 Ni ivy’ukuri ko bamwe bavuga ivya Kristo babitewe n’ishari n’umutima w’impari, ariko hariho n’abavuga ivya Kristo bafise intumbero nziza. 16 Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza. 17 Barya bandi bo bigisha Kristo ku bw’inyungu zabo, badasunitswe n’umutima utunganye, kuko bagomba kunteza imibabaro mu gihe ndi mw’ibohero. 18 Ariko nta co bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.

19 Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’imfashanyo iva kuri Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa. 20 Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramara, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje. 21 Kuko kuri jewe, kubaho ni ku bwa Kristo, kandi gupfa ni vyo vyiza kurusha. 22 Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi kubwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo! 23 Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe, 24 ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri. 25 Kandi kubera ivyo ndazi ntakekeranya ko nzokomeza kubaho, kugira ngo nkomeze kubafasha gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera. 26 Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.

Ubuzima bujanye n’Ubutumwa Bwiza

27 Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, ninashobora kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza. 28 Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene. 29 Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe. 30 Turi kumwe muri iyo ntambara. Mwarabonye ingene nayigwanye muri kahise, kandi murazi ko n’ubu nkiri muri yo.

Veja também

Publicidade
Filipenses
Ver todos os capítulos de Filipenses
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-