Publicidade

Filipenses 3

Kristo ni we twirata

1 Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibindambira gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu. 2 Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bikebagura bakababwira ko mutegerezwa gukebwa kugira ngo mukizwe. 3 Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’uwu mubiri, ni twebwe twakebwe ugukebwa kw’ukuri. 4 Ariko, jewe noronka ivyo nishimira bivuye mu nkomezi zanje, kurusha uwari we wese. Mu vy’ukuri nimba hariho abandi bafise ibituma bishimira ibivuye mu nkomezi zabo, jewe ndabarusha.

5 Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, ngakomoka mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri; ku vyerekeye ivyagezwe, ndi Umufarisayo; 6 ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.

7 Ariko ivyo n’aho nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze. 8 Ikirengeye ivyo vyose, n’uko ubu ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera namenye ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo, 9 kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa no kwubahiriza ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Kuko inzira y’Imana mu kuduhindura abagororotsi imbere yayo ica ku kwizera. 10 Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe, 11 kugira ngo nanje nzobe mw’izuka ry’abapfuye.

12 Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata. 13 Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere. 14 Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.

Gufatira akarorero kuri Pawulo

15 Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza. 16 Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.

17 Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu. 18 Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo. 19 Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa. 20 Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo. 21 Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.

Veja também

Publicidade
Filipenses
Ver todos os capítulos de Filipenses
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-