Publicidade

Filipenses 2

Ukugira kamere ka Kristo

1 Nimba hari ukuremeshwa muronkeshwa no kuba muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya hagati yanyu kuva muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe hagati yanyu, 2 nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero. 3 Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. 4 Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.

5 Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:

6 We, naho yari Imana,

ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.

7 Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,

yambara ishusho y’umugurano,

acika uwusa n’abantu.

8 Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,

yicisha bugufi,

aragamburuka gushika no ku rupfu,

mbere urupfu rwo ku musaraba.

9 Ni co catumye Imana imushira hejuru cane,

imuha izina rirengeye ayandi mazina yose

10 kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame,

ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,

11 kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,

kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.

Mube umuco w’isi

12 Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo, 13 kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.

14 Mukore vyose mutidodomba kandi mudaharira, 15 kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru. 16 Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa. 17 Mbere n’aho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’uko ibinyobwa bisukwa kw’ishikanwa, iryo naryo akaba ari ibikorwa vyanyu biva mu kwizera, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese. 18 Ni vyo bikwiye, na mwebwe nyene mukwiye kunezeranwa nanje.

Ivya Timoteyo na Epafurodite

19 Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu. 20 Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we. 21 Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo. 22 Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi. 23 Nizigiye kuzoca ndamubarungikira maze kubona uko ivyanje bizoba bigiye kumera. 24 Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.

25 Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye. 26 Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yagwaye. 27 Ni vyo yaragwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukuranwa n’uwundi. 28 Ni co gituma nezerewe cane no kumubarungikira, kugira ngo nimwamubona muze munezerwe, nanje nsubize umutima mu nda ku bwanyu. 29 Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we, 30 kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.

Veja também

Publicidade
Filipenses
Ver todos os capítulos de Filipenses
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-