6 Na Aburahamu na we "yizeye Imana, bituma imwemera nk’umugororotsi."3:6 Itanguriro 15:6
7 Mutahure rero neza ko abana ba Aburahamu ari abo bizera Imana. 8 Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: "Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha."3:8 Itanguriro 12:3; 18:18; 22:18 9 Nuko rero abizera Imana bose nk’uko Aburahamu yayizeye bahezagirwa co kimwe na we.