1 Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we. 2 Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo. 3 Iyo wibaza ko uhambaye kandi ata co uri, uba wihenze wewe nyene. 4 Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi, 5 kuko umuntu wese akwiye kwikorera umutwaro wiwe. 6 Uwigishijwe Ijambo ry’Imana, akwiye gusangira ivyiza vyose afise n’uwarimwigishije.
7 Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura. 8 Uwubiba kugira ngo anezereze kamere muntu kiwe, azokwimbura ukubora muri ako kamere nyene. Ariko uwubiba kigira ngo ahimbare Mpwemu, azokwimbura ubugingo budashira muri Mpwemu. 9 Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa. 10 None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.
11 Nimurabe ingene ndabandikiye mu ndome nkuru n’ukuboko kwanje!
12 Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo. 13 Mbere n’abakebwe ntibashobora gukurikiza neza ivyagezwe vyose, ariko bagomba ko mukebwa kugira ngo bishimire ugukebwa kwanyu mu mibiri yabo. 14 Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe. 15 Ugukebwa canke ukudakebwa, nta na kimwe gifise ikimazi, igihambaye ni ukuba icaremwe gishasha. 16 Amahoro n’imbabazi bibane n’abagendera iyo ngingo, kandi bibe no kuri Isirayeli y’Imana.
17 Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.
18 Bene Data nkunda, ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.