Sara na Hagari
21 Nimumbwire mwebwe mugomba kuganzwa n’ivyagezwe, mbega ntimuzi ico bivuga? 22 Handitswe ko Aburahamu yari afise abahungu babiri, umwe ku mugore w’umuguranokazi, uwundi ku mugore yidegemvya. 23 Uwavutse ku muguranokazi yavutse kubera ugushaka kw’umubiri, ariko uwavutse ku mugore yidegemvya yavutse kubera isezerano ry’Imana.
24 Ivyo twobifatirako ikigereranyo: abo bagore babiri bagereranywa n’amasezerano abiri. Isezerano rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivamwo abana bavukira kuba abagurano: Uwo ni Hagari. 25 Hagari agereranywa n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, akagereranywa kandi n’igisagara ca Yerusalemu kuko ari mu bugurano bw’ivyagezwe, hamwe n’abana biwe. 26 Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.