27 Kuko handitswe ngo:
"Nezerwa, mugore w’ingumba,
wewe utavyaye abana;
turikisha usemerere n’umunezero,
wewe utigeze utera ibise;
kuko abana b’umugore w’intabwa bazoba benshi
gusumba ab’uwufise umugabo."4:27 Yesaya 54:1
28 Mweho, bene Data, muri abana b’isezerano nka Isaka. 29 Ico gihe uwavutse kubera gushaka kw’umubiri yarahamye uwavutse mu bubasha bwa Mpwemu. N’ubu ni ko bimeze.