Pular para o conteúdo
Publicidade

Galatiya 5:1-6

Umwidegemvyo wo muri Kristo

1 Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.

2 Muvyumve neza! Jewe Pawulo, ndababwiye nti: Nimba mwizeye ko ugukebwa kwanyu kubaha ukugororoka imbere y’Imana, kuri mwebwe Kristo nta co azoba amaze na gatoya. 3 Ndongeye kandi ndabibabwiye. Nimba mugomba gukebwa kugira ngo mwemerwe n’Imana, mutegerezwa kwitondera no gukurikiza ivyagezwe vya Mose vyose ata na kimwe kivuyemwo. 4 Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana. 5 Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye. 6 Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.