Inyishu y’Uhoraho
2 Maze Uhoraho aranyishura, ati:
"Andika ivyo uhishuriwe,
ubishire ahabona ku bisate vy’amabuye
ku buryo vyorohera gusoma, uwugenda asemerera."
3 Kuko ivyo wahishuriwe birafise igihe bizoshikirako.
Bivuga ivy’igihe c’iherezo,
kandi ntibibesha.
Naho vyoteba,
ubirindire;
nta nkeka bizoba, kandi ntibizoteba.