Publicidade

Habacuque 1

1 Ubu ni ubutumwa bwahawe umuvugishwa Habakuki.

Ukuzazanirwa kwa Habakuki

2 Yewe Uhoraho, mbega nzogeza ryari kuguhamagara ngo umfashe,

ariko ntunyumve,

canke nkagutakira kubera umuryano

ariko ntutabare?

3 Ni kuki utuma ndaba akarenganyo?

Ni kuki wihanganira ibikorwa bibi?

Guhonya n’umuryano biri imbere yanje;

kandi imitongano n’amatati biri ahantu hose.

4 Ni co gituma ivyagezwe bitagikurikizwa,

n’ubutungane ntibwubahirizwe.

Umunyakibi aratsinda umugororotsi,

ubutungane bugasibanganywa.

Inyishu y’Uhoraho

5 "Nimwitegereze amahanga, murabe

hanyuma mutangare mwumirwe.

Kuko mu gihe canyu,

ngiye gukora ikintu mutokwigera mwemera,

naho hogira uwukibabwira.

6 Ngiye guhagurutsa Abanyababiloni,

ubwoko bw’inkazi kandi butagira imbabazi,

buzoca mw’isi yose

bwigarurire ibindi bihugu.

7 Ni abo gutinywa kandi bateye ubwoba.

Bishingira amategeko nk’uko bishakiye

bakigwiriza icubahiro.

8 Amafarasi yabo anyaruka kurusha ingwe,

akerebutse kurusha imfyisi zihiga iyo bwije.

Abagendera ku mafarasi babo basimbagurika bihuta,

kandi abagendera ku mafarasi babo baza bava kure.

Baguruka kurya kw’inkona iyo yihutira gucakira ico irotsa.

9 Bose bazanwa no gutera intambara.

Amasinzi yabo agenda nk’umuyaga wo mu bugaragwa,

bakegeranya imbohe zingana n’umusenyi.

10 Batwenga abami,

bagashinyagurira abaganwa.

Basuzugura ibisagara vyabo bizitiriwe;

maze bakagira ibirundo vy’ivu, bakurira bakabifata.

11 Bagenda bihuta nk’umuyaga iyo uriko urahita.

Ariko ni abo gutsindwa n’urubanza kuko inkomezi zabo ari zo mana yabo."

Habakuki yongera kuzazanirwa

12 Yewe Uhoraho, mbega nturi Iyihoraho?

Mana yanje, Uwera, utazokwigera upfa.

Yewe Uhoraho, wabashiriyeho gushitsa amateka yawe;

yewe gitandara canje, wabategetse kuduhana.

13 Ariko inyonga zawe ziratunganye ntizikunda kuraba ikibi,

ntiwihanganira inkozi y’ikibi.

None ni kuki wihanganira abanyazi?

Ni iki gituma wirengagiza iyo umunyakibi amira uwumusumvya ubugororotsi?

14 Abantu wabagize nk’amafi yo ku kiyaga,

bamera nk’ibiremwa vyo mu mazi bitagira umurongozi.

15 Umunyakibi akwegesha abantu igera,

akabategesha urusenga nk’urwo kuroba,

akabegeraniriza mu co aroberamwo amafi,

hanyuma akanezerwa, agahimbarwa.

16 Maze agashikanira ibimazi izo nsenga,

ico aroberamwo akagituririra ibimota neza,

kuko kubera urwo rusenga abayeho ubuzima bw’ibihimbaro bikomeye,

agahindura imfungurwa uko ashatse.

17 Mbega azokwama asuka ibiri mu rusenga,

atikiza amahanga ata kagongwe?

Veja também

Publicidade
Habacuque
Ver todos os capítulos de Habacuque
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-