Publicidade

Naum 3

Ibara kuri Ninewe

1 Uzobona ibara, yewe wa mugwa wuzuye amaraso,

wuzuye ibinyoma,

wuzuye ubwambuzi,

utigera uburamwo umuvyimba!

2 Umve urwamo rw’ibimoko,

uguhinda kw’amaguru y’imikogote,

umuvuduko w’amafarasi,

uguhinda kw’imikogote y’intambara!

3 Ehe uwugwanira kw’ifarasi,

inkota zica ibibatsi,

n’amacumu ararabagirana!

Hari abishwe benshi,

ibirundo vy’imivyimba,

n’imivyimba myinshi

abantu bagenda bayitsitarako.

4 Ivyo vyose bitewe n’ubusambanyi bwa maraya w’agahebuza,

w’ubwiza bukwega, umuhinga mu mareba,

yabohesheje amahanga ubusambanyi bwiwe,

amoko na yo akayabohesha uburozi bwiwe.

5 "Nzokugwanya,"

ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze.

"Nzoduza impuzu zawe ndazigupfuke mu maso.

Nzogaragariza amahanga ubwambure bwawe,

isi yose ndayereke ibiteye isoni vyawe.

6 Nzokurundako ibiteye isoni,

nerekane ko ukengeretse,

ntume uba agatwengo.

7 Abazokubona bose bazoguhunga,

bavuge bati: ‘Ninewe habaye umusaka;

ni nde yoharirira?’ "

8 Mbega uruta igisagara ca Tebesi,

cari ku nkengera y’uruzi Nili,

gikikujwe n’amazi?

Urwo ruzi ni rwo rwari rugikingiye,

kandi amazi yari akibereye nk’igihome kigikingira.

9 Etiyopiya na Egiputa vyari inkomezi zaco zitagira aho ziherera;

Puti na Libiya vyari mu vyifatanije na co.

10 Ariko caratewe kirafatwa,

abantu baco batwarwa mu kinyago.

Inzoya zaco ziciwe mu mayirabiri

zihondagujwe amabuye.

Abubahwa baco batwawe nk’abaja hakoreshejwe ubupfindo.

Abatware baho baboheshejwe iminyororo.

11 Na wewe Ninewe uzoborerwa ku bw’umubabaro;

urondere ingene wokwinyegeza,

uhunge abansi bawe.

12 Ibihome vyawe bimeze nk’ibiti vy’imisukoni,

iyo yeze ivyamwa vyayo vya mbere;

barayinyiganyiza,

insukoni zayo zigahungurukira mu kanwa k’uwuzirya.

13 Ehe raba ingabo zawe zose;

zisigaye zifise intege nke nk’abagore!

Amarembo yawe aratamanzuye,

yugururiwe abansi bawe;

umuriro na wo wacagaguye ibihindizo vyayo.

14 Vomera mu bigega vy’amazi, amazi akwiye kuko ugiye guterwa,

ukomeze ibihome vyawe!

Katura ibumba,

ukanyage ubudongo,

ufate iforoma yo gufyatura amatafari yo kuzibira ibihengeri.

15 Ariko na ho nyene, umuriro uzogutongora,

inkota izokurigata,

nk’uko inzige zirigita ivyatsi.

Nta wuzorokoka,

naho mwogwira mukangana n’inzige.

16 Wagwijije abadandaza

bangana n’inyenyeri zo kw’ijuru,

ariko bameze nk’inzige zitongora ibiterwa vyo mu gihugu,

zaheza zikagorora amababa zikigurukira.

17 Abarinzi bawe bangana n’inzige,

n’abatware bawe bangana n’inzige

zirundana ku nzitiro iyo hakanye,

ariko akazuba katse zikigurukira,

kandi nta n’uwumenya irengero ryazo.

18 Yewe mwami wa Ashuri, abungere barasinziriye kandi ntibazokwikangura;

abahambaye bararuhutse ubwa nyuma.

Ubwoko bwawe bushwiragiriye mu misozi,

kandi nta wo kubegeranya azoboneka.

19 Nta kintu coshobora kugukiza,

kuko uruguma rwawe ntirushobora gukira.

Abumvise ivyakubayeko bose

bakoma amashi, bakwitamba ku muvyimba.

Kuko ukugira nabi kwawe

ata we kutasesereje.

Veja também

Publicidade
Naum
Ver todos os capítulos de Naum
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-