Publicidade

Naum 2

Ninewe hasenyuka

1 Ehe uwugutera arakwegereje, yewe Ninewe!

Rinda inzitiro,

rinda amabarabara,

kenyera zigume,

ambara inkomezi!

2 Uhoraho agiye kugarukana icubahiro ca Yakobo,

nk’icubahiro ca Isirayeli,

naho abaranduzi bari bahasahuye,

bakahagira nk’umuzabibu wahonye.

3 Inkinzo z’ingabo ziwe zisize ibara ritukura,

n’ingabo zambaye ibitukura.

Ivyuma vy’imikogote yiwe birakayangana,

ku musi wo kwitegura kwiwe,

amacumu akwikiye mu biti vy’amasederi arahungabana.

4 Imikogote y’intambara irahinda mu mabarabara,

inyuragirana ahantu hose.

Imeze nk’ibishirira,

inyaruka nk’imiravyo.

5 Umwami w’i Ninewe ahamagaye abakuru b’ingabo ziwe,

baza baratsitara mu nzira.

Bihuta baja ku nzitiro zaho,

bafashe inkinzo zo kwikingira.

6 Inzugi zija ku ruzi zirabomowe,

n’ikirimba c’umwami kirahomvotse.

7 Itegeko ryasohotse, rivuga ko ab’i Ninewe

bajanwa ari inyagano kure.

Incoreke zaho ziboroga nk’inuma

zikubita ku gikiriza.

8 I Ninewe hameze nk’itangi y’amazi,

abantu baho biruka nk’amazi yayo iyo itobotse.

Umwe agasemerera, ati: "Hagarara, hagarara!"

Ariko mu bariko barahunga nta n’uwukebuka.

9 Sahura ifeza!

Sahura inzahabu!

Ubutunzi bwaho ntibuhera,

huzuye ibintu vy’agaciro bidaharurika.

10 Igisagara kirasahuwe, kirambuwe, kirasenyuwe!

Imitima irashonga, amavi acitse intege,

imibiri irajugumira, abantu bose barahinduriye mu maso.

11 Icobo c’intare kiri hehe,

ico bagabuririramwo izikiri ntonto,

Cari ikibanza intambwe z’ingabo n’ingore zatemberanamwo

n’ivyana vyazo ata co zinona.

12 Intambwe yahigira ivyana vyayo ibikwiye,

ikanigira ibikoko ingore yayo,

ikuzuza amasenga ivyo yishe,

ivyobo vyayo ikavyuzuza ivyo yasahuye.

13 Uhoraho Mushoboravyose avuze ati:

"Nzokugwanya.

Nzoturira imikogote yawe icike umunyota,

intambwe zawe zikiri ntonto

zimarwe n’inkota.

Nta munyago nzogusigira kw’isi,

n’amajwi y’intumwa zawe ntazosubira kwumvikana."

Veja também

Publicidade
Naum
Ver todos os capítulos de Naum
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-