Publicidade

Obadias 1

Ivyo Obadiya yeretswe

1 Ibi ni vyo Obadiya yeretswe.

Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze kuri Edomu.

Twumvise inkuru ivuye k’Uhoraho, kandi

intumwa yatumwe ku mahanga kuyabwira iti:

"Nimuhaguruke, tugende kumutera tumugwanye."

2 "Raba, nzokugira muto mu yandi mahanga,

ube inkengerwa rwose.

3 Ubwibone bwo mu mutima wawe bwaraguhenze,

wewe wibera mu myobo yo mu bitandara,

ukiyubakira inzu mu misozi miremire,

ukibwira mu mutima uti:

‘Ni nde yonkororera hasi kw’isi?’

4 Naho woguruka ukaja hejuru cane nk’inkona,

ukarika icari cawe mu nyenyeri,

nzokumanurayo ndagukororere hasi,"

ni ko Uhoraho avuze.

5 Hamwe ibisuma vyogutera,

canke abambuzi bakaza mw’ijoro;

ese ukuntu woba ugize ivyago!

Mbega ntibokwiba ikintu cose bipfuza?

Abimbuzi b’inzabibu baje kwimbura mw’itongo iwawe,

mbega ntibasigaza dukeya?

6 Ariko, ese ukuntu Esawu yatswe ikintu cose,

n’ubutunzi bwiwe bwose bwari bunyegejwe bukanyagwa!

7 Abo mufitaniye amasezerano bazokwirukana uve mu gihugu cawe;

abagenzi bawe bazoguhinduka kandi bakuneshe;

abarya ivyokurya vyawe bazogutega umutego,

ariko ntuzowubona.

8 "Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho avuze,

"mbega sinzoherengeteza abanyabwenge bose ba Edomu,

abafise ugutahura bari mu misozi ya Esawu?"

9 Abahizi bawe b’abagwanyi, ewe Temani, bazojugumira kubera ubwoba,

kandi umuntu wese wo mu misozi ya Esawu

azohimbagurwa ku musi wo gutikizwa.

10 Kubera ibibi wakoreye umuvukanyi wawe Yakobo,

ibiteterwe bizogupfuka;

uzoherengetezwa ibihe vyose.

11 Igihe baterwa wihagarariye ku ruhande,

igihe abansi banyaga ubutunzi bwiwe,

abanyamahanga bakinjira mu marembo yiwe,

bagapfindira ubupfindo Yerusalemu,

wari umeze nk’umwe muri bo.

12 Ntiwari ukwiye kunezerezwa no kugirirwa nabi kw’umuvukanyi wawe

ku musi yaboneyeko ivyago,

canke ngo utwenge Abayuda

ku musi wo kubona amakuba kwabo,

canke ngo wishime cane

ku musi w’ivyago vyabo.

13 Ntiwari ukwiye kwinjira mu marembo y’abantu banje

ku musi baboneyeko ivyago,

canke ngo ubatwenge batewe n’ikiza

ku musi baboneyeko amagorwa,

canke ngo utware ubutunzi bwabo

ku musi w’ivyago vyabo.

14 Ntiwari ukwiye kubarindirira mu masanganzira

ngo wice abo muri bo bagerageza guhunga,

canke ngo utange abacitse kw’icumu ubashikirize abansi,

ku musi wabo w’amagorwa.

15 "Umusi w’Uhoraho uri hafi

aho azocira urubanza amahanga yose.

Ivyo wakoze, ni vyo uzokorerwa;

ibikorwa vyawe bizogusubira ku mutwe ubwawe.

16 Nk’uko wimaze inyota ku bantu banje uri ku musozi wanje wera,

ni ko wewe n’amahanga agukikije muzoramizwa igihano ndabaciriye;

muzonywa mwongere munywe,

kugeza muzimanganye.

17 Ariko umusozi Siyoni uzoba ubukiriro bw’abahunga;

uzoba wejejwe;

kandi Yakobo azoganza umugabane wiwe.

18 Yakobo azoba nk’umuriro

Yosefu abe nk’urubeya;

Esawu na we azoba nk’ivyatsi vyumye,

maze bazomuturira bamuherengeteze.

Ntihazosigara n’uwo kuvuga inkuru

mu ba Esawu."

Ni ko Uhoraho avuze.

19 Abantu b’i Negebu bazokwegukira

imisozi ya Esawu,

n’abantu bo mu biyaya begukire

igihugu c’Abafilisitiya.

Bazokwibera mu mirima ya Efurayimu n’i Samariya,

kandi Benyamini azokwegukira Gileyadi.

20 Abajanywe ari inyagano ba Isirayeli bazogaruka i Kanani

bazokwegukira igihugu gushika i Zarefati;

abajanywe ari inyagano bava i Yerusalemu bari i Sefaradi bazogaruka

begukire ibisagara vy’i Negebu.

21 Abazoba barokotse bazoduga ku Musozi Siyoni

ngo baganze imisozi ya Esawu.

Maze ubwami buzoba ari ubw’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Obadias
Ver todos os capítulos de Obadias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-