Publicidade

Amós 9

Isirayeli hazosamburwa

1 Nabonye Imana ihagaze i ruhande y’igicaniro, hanyuma ivuga ati:

"Kubita ubushorishori bw’inkingi z’urusengero,

kugeza amatanguriro yazo anyiganyize.

Zisenyurire hasi maze zigwe ku mitwe y’ubu bwoko;

abazoba basigaye nzobicisha inkota.

Nta n’umwe azohunga,

nta n’umwe azosigara.

2 Naho bokwimba gushika i kuzimu,

ukuboko kwanje kuzobakurayo.

Naho boduga bakaja mw’ijuru hejuru,

nzobamanurayo.

3 Naho bokwihisha ku gatwe ka Karumeli,

nzobahiga ndabafate ndabamanureyo.

Naho bokwinyegeza inyonga zanje i bwina mu kiyaga,

nzotuma inzoka ibakomorereyo.

4 Naho bojanwa nk’inyagano n’abansi babo,

nzotegeka inkota ibasogotereyo.

Igitsure canje kizoguma kuri bo

kugira ngo ndabagirire nabi, si ukubagirira neza."

5 Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,

akoze kw’isi ica irashonga,

kandi ababa muri yo bose baragandaye;

igihugu cose gihagurutse nk’uruzi Nili,

hanyuma kirahwama nk’urwo ruzi rwa Egiputa.

6 Uhoraho yubatse ikirimba ciwe iyo mw’ijuru hejuru

ashira amatanguriro yaco kw’isi;

ahamagara amazi yo mu kiyaga

akayasuka kw’isi,

Uhoraho ni ryo zina ryiwe.

7 "Mbega mwebwe Abisirayeli

ntimumeze nk’Abanyakushi kuri jewe?"

ni ko Uhoraho abaza.

Mbega sinaduganye Abisirayeli ndabakuye muri Egiputa,

Abafilisitiya nkabakura i Kafutori

Abasiriya na bo nkabakura muri Kiru?

8 "Ni ukuri inyonga z’Uhoraho Nyeninganji

ziri ku bwami bucumura.

Nzobusambura

ndabuherengeteze kw’isi.

Ariko sinzoherengeteza rwose

abakomoka kuri Yakobo,"

ni ko Uhoraho avuze.

9 "Kuko nzotanga itegeko,

maze ntume Abisirayeli bahinda agashitsi

hagati y’ayandi mahanga

nk’uko ingano zigosorerwa ku rutaro,

kandi ntihagire n’agatete kamwe gakorokera hasi.

10 Abanyavyaha bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota,

abo bose bavuga bati:

‘Ivyago ntibizodushikira canke

ngo duhure na vyo.’

Isirayeli hasanurwa

11 Kuri uwo musi,

nzovyura ihema rya Dawidi ryaguye hasi,

nzosanura impome zaryo zabomotse,

nsanure n’imisaka yaho;

kandi nzosubira kuryubaka rimere nk’uko ryahora,

12 kugira ngo begukire amasigarira ya Edomu

n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,"

ni ko Uhoraho avuze, ari we nyene azobishitsa.

13 "Imisi iraje," ni ko Uhoraho avuze,

"aho umwimbuzi azokurikirana n’umubivyi,

n’uwutera imbuto agakurikirana n’uwudandaza imizabibu.

Umutobe musha w’umuvinyu uzotemba ku misozi,

kandi n’uturambi twose tuzorengerwa n’umuvinyu,

14 kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli ndabavanye mu kinyago.

Bazosubira bubake ibisagara vyahindutse imisaka babibemwo.

Bazotera imizabibu banywe umuvinyu wayo;

bazotera ibiti barye ivyamwa vyavyo.

15 Nzotera Abisirayeli mu gihugu cabo,

kandi sinzosubira kubarandura,

ngo ndabakure mu gihugu nabahaye,"

ni ko Uhoraho Imana yanyu avuze.

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-