1 Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: yariko arategura kurungika igitero c’inzige mu gihugu. Ivyo vyabaye, inyuma y’uko umwami amaze kuronka umugabane wiwe w’umwimbu, imirima yo hanyuma iriko iratangura kwera. 2 Izo nzige zimaze kurya igiterwa cose gitotahaye, ndasemerera nti: "Uhoraho Nyeninganji, girira imbabazi abantu bawe! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!"
3 Maze Uhoraho arigarura.
Uhoraho aravuga ati: "Ivyo, ntibizoshika."
4 Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: Uhoraho Nyeninganji yagomba gukoresha umuriro kugira ngo ahane abantu biwe. Umuriro wakamije amazi y’i kuzimu, uturira n’igihugu cose. 5 Maze ndasemerera nti: "Yewe Uhoraho Nyeninganji, ndakwinginze, geza aho! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!"
6 Maze Uhoraho arigarura.
Uhoraho Nyeninganji aravuga ati: "N’ibi na vyo ntibizoshika."
7 Ibi ni vyo yanyeretse: Imana yari ihagaze i ruhande y’uruhome rwubatswe hakoreshejwe igipimo karisho, cerekena ukugororoka kw’uruhome, kandi na yo yari ifise uwo mugozi n’ico gipimo mu kuboko kwayo. 8 Maze Imana irambaza iti: "Ubona iki ga Amosi?"
Ndishura nti: "Mbona umugozi uriko karisho."
Maze Uhoraho aravuga ati: Raba, ndiko ndapimisha karisho abantu banje b’Abisirayeli; sinzosubira kubaziguriza na mba.
9 "Ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi vya Isaka bizosamburwa
kandi n’ibigabiro vya Isirayeli bizohinduka umusaka;
nzoramvura inkota yanje ngwanye abo mu nda y’ingoma ya Yerobowamu."
10 Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli arungikira ubutumwa Yerobowamu umwami w’Abisirayeli ati: "Amosi ariko ategura abantu bo kukugwanya, kandi bari aha hagati mu Bisirayeli. Igihugu ntigishobora kubandanya cihanganira amajambo yiwe. 11 Kuko uku ari ko Amosi avuga, ngo:
‘Yerobowamu azokwicwa n’inkota,
kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano,
kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ "
12 Nuko Amaziya abwira Amosi ati: "Sohoka, yewe kamenyi! Subira mu gihugu c’i Buyuda. Wironkereyo ibigutunga kandi uvugishirizweyo. 13 Ntusubire kuvugishirizwa i Beteli, kuko aha ni urusengero rw’umwami n’ingoro y’ubwami."
14 Amosi yishura Amaziya ati: "Sinigeze mba umuvugishwa canke ngo mbe n’umwana w’umuvugishwa, ahubwo nari umwungere kandi narima imisukomora. 15 Ariko Uhoraho yankuye inyuma y’imikuku arambwira ati: ‘Genda, uvugishwe ku bantu banje b’Abisirayeli.’ 16 Nuko rero, niwumve ijambo ry’Uhoraho. Uvuze uti:
‘Ntuvugishwe ku Bisirayeli,
kandi uhagarike kuburira bene Isaka.’
17 Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho avuze:
‘Umugore wawe azoba maraya mu gisagara,
kandi abahungu bawe n’abakobwa bawe bazokwicwa n’inkota.
Igihugu cawe kizogabuzwa umugozi kigaburwemwo ibice,
kandi wewe ubwawe uzopfira mu gihugu c’abanyamahanga.
Kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano,
kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ "