Publicidade

Amós 2

1 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Mowabu,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Ko batongoje umuriro bagahindura umunyota

amagufa y’umwami w’i Edomu,

2 nzorungika umuriro kuri Mowabu

uzotongora impome zikomeye z’i Keriyoti.

Abanyamowabu bazohindikirana bicwe n’igihumura,

kubera urwamo rw’intambara no kuvuza inzamba.

3 Nzorandura umwami waho,

kandi nzomwicana n’abaganwa baho,"

ni ko Uhoraho avuze.

4 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Yuda,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Kuko bateye ibitugu ivyagezwe vy’Uhoraho

ntibitondera ivyo yihanikirije,

bazimizwa n’imana z’ibinyoma,

izo ba sekuruza bakurikiye.

5 Ni co gituma nzorungika umuriro kuri Yuda

uzotongora impome zikomeye z’i Yerusalemu."

Urubanza ruzocirwa Isirayeli

6 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Isirayeli,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Bagurisha uwutagira icaha ku giciro c’ifeza,

n’umukene bakamugurisha umwambaro umwe w’ibirato.

7 Basiribanga umutwe w’umukene

nk’uko basiribanga umukungugu

bakarenganya urubanza rw’impahazwa.

Umuhungu na se basangira umugore mu busambanyi bwabo

bagatukisha izina ryanje ryera.

8 Baryama i ruhande y’igicaniro cose,

bakisasira impuzu batse abakene kw’ingwati.

Kandi mu nzu y’imana zabo,

banywa umuvinyu batse abo baciriye imanza.

9 Ariko naranduye Abamori mu maso yabo,

naho mu burebure bwabo bari bameze nk’ibiti vy’amasederi

mu gukomera na ho bari bameze nk’ibiti vy’inganzamarumpu.

Nahoneje ivyamwa vyari hejuru ku mashami

ndandura n’imizi yabo mu kuzimu!

10 Nabaduganye ndabakura muri Egiputa

ndabarongora imyaka mirongo ine mu bugaragwa

ngo ndabahe igihugu c’Abamori.

11 Kandi nahagurukije abavugishwa nanje bo mu bana banyu

n’Abanaziri mu misore yanyu.

Mbega ivyo si ivy’ukuri, ga yemwe bantu ba Isirayeli?"

ni ko Uhoraho avuze.

12 "Ariko mwahatiye Abanaziri kunywa umuvinyu,

mutegeka abavugishwa nanje kudakura ururimi mu kanwa.

13 None rero ngiye kubasiribanga

nk’uko umukogote usiribanga isi iyo wiremetse ingano.

14 Uwuzi kwiruka cane ntibizomukiza,

n’umunyenkomezi ntazokwikiza kubera inkomezi ziwe,

kandi n’umuhizi mu ntambara ntazokwikiza.

15 Uwurasisha umuheto ntazoshobora guhagarara,

uwunyaruka mu kwiruka ntazoshobora kwiruka ngo anyage amagara yiwe,

kandi n’uwugendera kw’ifarasi ntazokwikiza.

16 Mbere, n’umuhizi mu ntambara,

kuri uwo musi azohunga ata co yambaye,"

ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-