Publicidade

Amós 3

Ivyabona vyo kwagiriza Isirayeli

1 Nimwumve iri jambo, yemwe Bisirayeli, ijambo Uhoraho yavuze abagiriza, yagiriza umuryango wose yaduganye akuye muri Egiputa. Yavuze ati:

2 "Ni mwebwe mwenyene natoranije

mu miryango yose yo mw’isi;

ni co gituma nzobahanira

ivyaha vyanyu vyose.

3 Mbega babiri bojana

batabanje kubisezerana?

4 Mbega intambwe yokwivugira mw’ishamba

ata co yishe?

Mbega yokwivugira mu kibundo cayo

ata co yafashe?

5 Mbega inyoni yofatwa mu mutego ugaragara

ata co kurya kirimwo ngo kiyikwege?

Mbega umutego woshibuka

ata co wafashe?

6 Iyo inzamba ivuze mu gisagara,

mbega abantu ntibahinda agashitsi?

Mbega icago coza ku gisagara,

atari Uhoraho akirungitse?

7 Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akora

atabanje kugihishurira

abasavyi biwe b’abavugishwa.

8 Intambwe yivuze

ni nde atotinya?

Uhoraho Nyeninganji avuze,

ni nde yokwanka kumenyesha ivyo avuze?

9 Nimumenyeshe abari mu bihome bikomeye vy’i Ashidodi

n’abo mu ngoro zikomeye zo muri Egiputa muti:

‘Nimukoranire ku misozi y’i Samariya;

mwirabire umuryano waho,

n’agacinyizo kari mu bantu baho.’

10 Ntibazi gukora ivyiza," ni ko Uhoraho avuze,

"bujuje mu mazu yabo akomeye

ivyo banyaze, n’ivyo bakuye mu bwicanyi."

11 Nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

"Umwansi azokwifatira igihugu canyu,

asenyurire hasi iminara yawe

anyage ibiri mu ngoro zawe vyose."

12 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nk’uko umwungere agerageza kurokora intama mu kanwa k’intambwe

akayaka amagufa y’amaguru gusa canke agace k’ugutwi,

ni ko Abisirayeli baba i Samariya bazorokoka,

bazokiza umutwe w’uburiri gusa

n’igice c’impuzu bisasiye.

13 Nimwumve ibi kandi mubimenyeshe aba Yakobo," ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, avuze.

14 "Ku musi nzohanirako Abisirayeli kubera ivyaha vyabo,

nzosambura ibicaniro vy’i Beteli;

amahembe y’igicaniro azocibwa

akorokere hasi.

15 Nzosenyurira hasi inzu yo mu gihe c’imbeho nyinshi

hamwe n’inzu yo mu gihe c’ubushuhe;

amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azosamburwa

n’inyubakwa zagutse zizosamburirwa hasi,"

ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-