Publicidade

Amós 5

Gucura intimba no guhamagara abantu ngo bihane

1 Umviriza iri jambo, yewe Isirayeli, iyi ndirimbo yo gucura intimba yerekeye wewe:

2 "Umukobwa ari we Isirayeli aratemvye,

ntazosubira kuvyuka,

bamuhebeye mu gihugu ciwe,

kandi nta muntu n’umwe wo kumuvyura."

3 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Isirayeli:

"Igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi igihumbi

kizosigarana ijana gusa;

igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi ijana

kizosigarana icumi gusa."

4 Uku ni ko Uhoraho abwira Abisirayeli:

"Nimundondere kugira ngo mubone kubaho;

5 ntimuronderere i Beteli,

ntimuje n’i Gilugali,

ntimufate urugendo muja i Berisheba.

Kuko i Gilugali bazojanwa ari inyagano mu mahanga,

kandi n’i Beteli hazohindurwa hasigare ari ubusa."

6 Nimurondere Uhoraho kugira ngo mubeho,

atari uko, azotongora imiryango ya Yosefu nk’umuriro;

umuriro uzobarigata,

kandi i Beteli ntihazoboneka n’umwe wo kuwuzimya.

7 Hari abahindura ubutungane umururazi

bagaterera hasi ubugororotsi.

8 Uwaremye inyenyeri, Peleyiyade na Oriyoni,

agahindura umwijima ukaba umutwenzi

kandi agatuma umurango uhinduka ijoro,

uwuhamagara amazi yo mu kiyaga

akayasuka kw’isi,

Uhoraho ni ryo zina ryiwe.

9 Mu kubanguka nk’umuravyo arandura umunyenkomezi

igisagara gikomeye akagihindura umusaka.

10 Hari abanka uwushigikira ubutungane mu manza,

bakanka n’uwuvugisha ukuri.

11 Mucinyiza abakene

mukabaka itagisi ku ngano.

Ni co gituma, naho mwubatse inzu z’amabuye,

mutazozibamwo;

naho mwarimye imizabibu myiza,

mutazonywa umuvinyu wazo.

12 Kuko nzi ko ivyaha vyanyu ari vyinshi

n’ibicumuro vyanyu bikaba ibihambaye.

Hari abacinyiza abatagira icaha hanyuma bakarya ibiturire,

bakarenganya abakene mu manza.

13 Ni co gituma umunyabwenge yinumira mu bihe nk’ibi,

kuko ari ibihe bibi.

14 Nimurondere ivyiza, aho kurondera ibibi,

kugira ngo mubeho.

Maze Uhoraho Imana Mushoboravyose azobana namwe,

nk’uko mubivuga ko abana namwe.

15 Nimwanke ibibi, mukunde ivyiza;

muce imanza zibereye mu bucamanza.

Kumbure Uhoraho Imana Mushoboravyose yogirira imbabazi

amasigarira y’aba Yosefu.

16 Nuko rero, uku ni ko Uhoraho, Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze:

"Bazoborogera mu mabarabara yose,

bavuze induru kubera umubabaro mw’ihuriro ryose ry’abantu.

Abarimyi bazohamagarirwa kurira,

n’abagandaye ngo baboroge.

17 Hazoba amaborogo mu mizabibu yose,

kuko nzoca hagati muri mwebwe,"

ni ko Uhoraho avuze.

Umusi w’Uhoraho

18 Muragowe mwebwe mwipfuza

umusi w’Uhoraho ko woshika!

Mbega ni kuki mwipfuza umusi w’Uhoraho?

Uwo musi uzoba uw’umwijima, ntuzoba uw’umuco.

19 Bizoba nk’uko umuntu yoba ahunze intambwe,

maze agaca ahura n’idubu,

nk’aho yoba yinjiye mu nzu iwe,

akishimikiza igihome,

maze inzoka igaca imukomora.

20 Mbega umusi w’Uhoraho ntuzoba uw’umwijima, aho kuba uw’umuco;

umusi w’umwijima w’umuzitanya, utagiramwo umuco na mukeya?

21 "Ndanka urunuka, nkongera ngasesemwa n’imisi mikuru yanyu;

amakoraniro yanyu y’uburyarya sinzovyihanganira.

22 Naho mwotanga ibimazi vyo guturirwa n’umuriro n’amashikanwa y’ifu,

sinzovyakira.

Naho mwozana ibimazi vy’ishimwe vy’indobanurwa,

sinzobinezererwa.

23 Nimujane kure urwo rwamo rw’indirimbo zanyu!

Sinzokwumviriza inanga zanyu.

24 Ariko nimureke imanza zibereye zitembe nk’uruzi,

ukugororoka kumere nk’umugezi udakama!

25 Hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye

mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa,

yemwe Bisirayeli?

26 Mwareruye ibigirwamana mwibumbiye,

kimwe ca Sakuti, mwita umwami wanyu n’imana yanyu,

n’ica Kewani,

inyenyeri yanyu n’imana yanyu.

27 Ni co gituma nzobirukana muhungire hirya ya Damasiko,"

ni ko Uhoraho avuze, izina ryiwe ni Imana Mushoboravyose.

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-