Publicidade

Amós 8

Amosi yerekwa igiseke c’ivyamwa vyeze

1 Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: nabonye igiseke c’ivyamwa vyeze. 2 Arambaza ati: "Ubona iki, ga Amosi?"

Ndishura nti: "Igiseke c’ivyamwa vyeze."

Maze Uhoraho ambwira ati: "Igihe kirageze, c’uko abantu banje b’Abisirayeli basoromwa, sinzosubira kubaziguriza.

3 Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, "indirimbo zo mu rusengero zizohinduka amaborogo. Imivyimba myinshi, myinshi cane, izotabwa ahantu hose! Nimucereze!"

4 Nimwumve ibi, mwebwe munyaga aboro

mugasiribanga abakene,

5 mukavuga muti:

"Mbega imboneko z’ukwezi zizogera ryari

kugira ngo dusubire kwidandariza ingano;

Isabato izohera ryari

ngo dusubire kwigurishiriza ingano?"

Aho rero mukoresha ingero z’ibinyoma,

mukaduza ibiciro uko mwishakiye

kandi mukiba mukoresheje iminzane y’ibinyoma.

6 Mugura umukene ifeza,

n’umworo mukamugura umwambaro umwe w’ibirato,

mukagurisha n’ingano mwavanze n’ibikumbi.

7 Uhoraho ararahiye, uwo Yakobo yishimira ati: "Sinzokwigera nibagira na kimwe mu vyo bakoze.

8 Mbega igihugu ntikizohinda agashitsi kubera ivyo,

ababa muri co na bo ntibazogandara?

Igihugu cose kizohaguruka nk’uruzi Nili;

kizoduga hejuru maze gihwame

nka rwa ruzi rwa Egiputa.

9 Kuri uwo musi," ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,

"Nzotuma izuba rirenga ku murango,

bwire kw’isi mu gihe c’amashoka.

10 Nzohindura imisi mikuru yanyu ibe ibihe vyo kugandara

n’imvyino zanyu zose ndazihindure amarira.

Nzotuma mwese mwambara amagunira

mwimoshe inkomvorera.

Ico gihe nzokigira ico kuboroga nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege

kandi umusi wo kuganduka uzoba uw’umururazi.

11 Imisi iraje," ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,

"aho nzorungika inzara mu gihugu;

ntizoba ari inzara y’ivyokurya canke inyota y’amazi,

ariko izoba ari inzara yo kwumva amajambo y’Uhoraho.

12 Abantu bazokubita ku kiyaga baje ku kindi,

bave mu buraruko baje mu buseruko,

barondera ijambo ry’Uhoraho,

ariko ntibazoribona.

13 Kuri uwo musi,

inkumi nzizanziza n’abasore bezabeza

bazorabikwa n’inyota.

14 Abirahira ibigirwamana biteye isoni vy’i Samariya,

abavuga bati: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana yawe, Dani,’

canke ngo: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana y’i Berisheba,’

abo bose bazotemba, kandi ntibazokwongera kuvyuka."

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-