Publicidade

Amós 1

1 Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli.

2 Yavuze ati:

"Uhoraho yivuze ari i Siyoni

aturagara ari i Yerusalemu;

uburagiro bw’abungere buruma,

kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana."

Imanza zizocirwa ibihugu bibanyi vya Isirayeli

3 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Damasiko,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Kuko basekuje abantu banje b’i Gileyadi

imihini y’ivyuma.

4 Nzorungika umuriro ku nzu ya Hazayeli

kandi uzotongora impome zikomeye za Beni-Hadadi.

5 Nzohomvorera hasi amarembo y’i Damasiko;

nzokwica umwami ari mu kiyaya ca Aveni

n’uwufise inkoni yo kuganza ari i Beti-Edeni.

Abantu b’i Siriya bazojanwa ari inyagano i Kiru,"

ni ko Uhoraho avuze.

6 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vy’i Gaza,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Ko bafashe abantu bo mu mihana yose bakabagira imbohe

maze bakabagurisha kuri Edomu;

7 nzorungika umuriro ku mpome z’i Gaza

utongore impome zikomeye zaho.

8 Nzorandura umwami w’i Ashidodi

n’uwufise inkoni yo kuganza w’i Ashikeloni.

Nzohindukiza ukuboko kwanje ngwanye Ekuroni,

gushika uwa nyuma wo mu Bafilisitiya apfuye,"

uko ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.

9 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Tiro,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Kuko bafashe abantu bo mu mihana yose

bakabagira imbohe bakabagurisha ku Banyedomu,

ntibubahiriza isezerano ry’uko ari abavukanyi.

10 Ku bw’ivyo nzorungika umuriro ku mpome z’i Tiro,

utongore impome zaho zikomeye."

11 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Edomu,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye.

Ko yakinagije umuvukanyi wiwe Isirayeli n’inkota

agasogota abagore bo mu gihugu,

kandi uburake bwiwe bukaziriringa urudaca,

ubushangashirwe bwiwe bukarurumba ntibuhwame;

12 nzorungika umuriro i Temani

utongore impome zikomeye z’i Bozira."

13 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Kubera ivyaha bitatu vya Amoni,

mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!

Kuko bafomoye inda z’abagore bibungenze b’i Gileyadi

kugira ngo bagure imbibe zabo.

14 Nzorungika umuriro ku mpome z’i Raba

utongore impome zikomeye zaho

mu gihe hazoba hari akamo k’intambara,

intambara imeze nk’umuyaga w’igihuhusi.

15 Umwami waho azojanwa ari inyagano,

we hamwe n’abaganwa biwe bose,"

uko ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Amós
Ver todos os capítulos de Amós
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-